Archive pour novembre, 2010

ISAH’IMWE YO MU VYAHISHUWE 14: 15

KUKW’IYIMBURA RISHITSE

N’urungike umuhoro wawe wimbure , kukw’iyimbura rishitse, kand’ivyimburwa vyo mw’isi vyumyeISAH'IMWE YO MU VYAHISHUWE 14: 15 18768713 /Ahuramo umuhoro wawe, usarure kuko isarura risohoye, kand’ibisarurwa vyo mw’isi vyeze cyane (Ivyahishuwe 14: 15)

Singaruka ku vyo gusarura arikwo kwimbura, kuko vyaravuzwe neza mu cigisho citwa TWIGE IVYAHISHUWE 14: 14-20. Kugirango ugisome neza, fyonda kuri http://paroissetwihane.unblog.fr/107/ . Mur’iki cigisho rero, tuza kwibanda kuri iri jambo ngo: kukw’iyimbura rishitse. Aya majambo arafitaniye isano n’isaha, kuko iyo dusomye mu gifransa, handitswe ngo: car l’heure de moissonner est venue. N’ubundi buryo rero bwo kudusobanurira ko muri ya saha ya nyuma twize mu vyigisho biherutse, ko ariho Kristu azoboneka ku bicu aje gusarura umurima wiwe. Erega mur’indimiro y’Imana (1Abakorinto 3: 9). Ubiba imbuto nziza n’Umwana w’umuntu. Indimiro n’isi. Imbuto nziza nibo bana b’ubwami… Igenya (Isarura) n’umuhero w’isi. Abagenyi n’abamarayika (Matayo 13: 37-39). Azokubura imbuga yiwe yimburire ingano ziwe mu kigega, maz’umuguruka awuturirire mu muriro utazima (Matayo 3: 12). 10vannage

Ndagusengera ku Mana nanje nisengera, kugirango kur’uwo musi tuze tube ingano, ntituze tube umuguruka, kubwa Yesu-Kristu umwami wacu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 21 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

ISAH’IMWE YO MU VYAHISHUWE 14: 7

Avuga n’ijwi rirenga ati:; Mwubah’Imana muyihimbaze, kukw’igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ibiyaga n’amasoko y’amaziISAH'IMWE YO MU VYAHISHUWE 14: 7 3645020-chute-d-39-eau-de-source-naturelle (Ivyahishuwe 14: 7). 

                                                                                                                                                                    

Aya niyo majambo atangura ubutumwa bw’abamarayika batatu bo mu Vyahishuwe 14: 1-13)vlcsnap-2009-11-12-15h22m09s4. Niyo majambo yuzuyemwo inkuru nziza dutegerezwa kuja kubwira ababa muri iyi si bose, cane cane muri iyi misi ya nyuma. Intumwa Paulo nawe yakoresheje amajambo asa n’ayo, mu kwibaza ko vuba Yesu ashobora kugaruka, abantu bataramenya guha icubahiro Imana. Dukwiye kubwira abantu baba muri iyi si nka Paulo tuti: Natwe tur’abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabwira ubutumwa bwiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose, niyo yaretse amsahangs yose mu bihe vyahise ngo bagendere mu nzira zabo.PictPaulApostleElGreco Ariko ntiyabarekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw’ijuru, ibihe vy’ivyimburo (umusaruro) vyiza, ibaha ivyo kurya, yuzuza imitima yabo umunezero (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 15-17). Aka kajambo ngo tur’abantu buntu, tur’abantu nkamwe, gakwiye kudutera umunezero. Ni mwiyumvire namwe: Bibliya yerekana ko ico gihe co guca amateka kw’imana kizotangazwa n’umumarayika wa mbere muri ba bamarayika batatu bavuga ubutumwa buheruka. Nkuko intumwa Paulo yabuvuze ar’umuntu buntu, no muri ibi bihe vyo hanyuma bizovugwa n’abantu buntu. S’umumarayika w’amababa azobuvuga. Ni wewe nanje tuzobuvuga. Kuko umumarayika, n’ijambo ryitwa angelo, ryo mundimi z’ikizungu rivuga ngo:  »intumwa ».bf-2009-evangelisation-de-q Guterwa iteka ryo gukorer’Imana muri ibi bihe vya nyuma, n’umugisha ubonwa na bake. Ariho n’agateka gahambaye. No muguhembwa, abakozi b’Imana bakora mur’iyi misi ya nyuma, nibo bazobanza kwegera, bakaronka agashimwe imbere y’abasokuruza n’abahanuzi n’intumwa. Kuko ubutumwa bwiza twahawe kuvuga ntibwibesha buvuga ngo: Hamagara abakozi, ubagerere ingero zabo, utangurire mubo hambere gushitsa kuba mbere (Matayo 20:8)

Ndibaza ko nkumbure mutabona aho nakuye igitekerezo c’isaha mur’uwo murongo wo mu Vyahishuwe 14: 7. Ariko iyo usomye iri jambo ngo: kuko igihe c’amateka yayo gishitse, burya iryo jambo ngo igihe, rivuga ngo isaha mu zindi ndimi. Muri Bibliya y’igiswahili dusoma ngo: Akasema kwa sauti kubwa, ‘‘Mcheni Mungu na kumtukuza, kwa maana saa ya hukumu yake imewadia. Mwabuduni Yeye aliyeziumba mbingu, dunia, bahari na chemchemi za maji.’’ Mu gifransa handitwse ngo: Il disait d’une voix forte : Craignez Dieu, et donnez-lui gloire, car l’heure de son jugement est venue ; et adorez celui qui a fait le ciel, et la terre, et la mer, et les sources d’eaux.

Tuve hasi tubuvuge rero, ni twebwe dutumwe. Ibihembo birateguwe, tuzohembwa ubwa mbere. Turahiriwe!

Publié dans:Non classé |on 18 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

ISAH’IMWE YO MU VYAHISHUWE 8: 1

AGACERERE K’IGIHIMBA C’ISAHA

ISAH'IMWE YO MU VYAHISHUWE 8: 1 h_18h30

Kand’amenye ikigira indwi kimatanije ico gitabo haba agacere mw’ijuru nk’igihimba c’isaha (Ivyahishuwe 8: 1).

Ako gacerere k’igihimba c’isaha kugira ngo tumenye ico kavuga, biradusaba kubanza kumenya ico isaha ivuga. Twaravyize neza mucigisho giheruka, ariko reka tubisubiremwo, kuko ngo :  »Inzira nziza, uyicamwo kabiri ». Ijambo ry’Imana riravuga ngo: Umusi uzohwana n’umwaka (Guharura 14: 34). Rirongera rikavuga no mu gitabo c’umuhanuzi Ezekiyeli ngo: umusi uhwana n’umwaka (Ezekiyeli 4: 6). Umwaka wo muri Bibliya ungana n’imisi 360, kuko ukwezi kwose Bibliya iguha imisi 30. Reka tubisome: intangaro y’urusengero uyireke ntuyipime, kuko yahawe abanyamahanga, kandi n’igisagara cera, bazogisiribanga amezi 42. Kandi abashinga intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi 1260 (Ivyahishuwe 11: 2-3). Muri iyi mirongo ibiri tumaze gusoma, biraboneka ko, mu gihe abanyamahanga bazoba bariko barasiribanga igisagara cera, mu yandi majambo, n’ukuvuga mu gihe abapagani bazoba bariko baracuranguza ishengero ry’Imana, persecutionchretiens1niho Bibliya nayo izokwigishwa n’intwari z’Imana. Vyose bizokorwa muri ayo mezi 42, ariyo misi 1260. Harura neza urabe: amezi 42x n’imisi 30=n’imisi 1260. Genda usome mu cigisho citwa TWIGE IVYAHISHUWE 12: 1-6 (1), kuri paragraphe ya 14. Usanga itangurwa n’aya majambo ngo: Itorero ryahunze Ubulayi… (Fyonda kuri http://paroissetwihane.unblog.fr/twige-ivyahishuwe-121-6/. turkish_islamistKuko ivyo vyarabaye, ariko kandi ntimuryame umukondorazosi, bizongera bigaruke. Icahozeho nico kizobaho, kand’icakozwe nico kizokorwa, kandi nta kintu gisha kiriho musi y’izuba (Umusiguzi 1: 9).

Umusi rero ni waba uhura n’umwaka mu mvugo yo mu buhanuzi, dushobora kuvuga ko umusi w’amasaha 24, ugana n’imisi 360 mu mvugo y’ubuhanuzi. Isaha imwe gusa, ica ingana na ya misi 360, kugabura n’amasaha 24, duca dutora imisi 15. (360: 24=15). Murumva rero ko isaha imwe ingana n’imisi 15. Ka gacere kazumvikana mw’ijuru kangana nk’igihimba c’isaha, kazoba kangana  n’imisi 15: 2= imisi 7 n’igice.

Bibliya yerekana ko imbere y’ako gacere niho ba bamarayika twize bazohabwa za nzamba indwi. Hazoba n’umuhango wo kwakira amasengesho  yose y’abera no kurangiza igihe cabo co gusenga no gusengerwa (Ivyahishuwe 8: 2-4). Bizorangizwa n’ imituragaro, n’amajwi n’imiravyo na vya nyamugigima (Ivyahishuwe 8: 5). Mu gutangura kwa vyose,  ba bamarayika indwi bafise inzamba indwi ba(zo)gabiriza kuzivuza (Ivyahishuwe 8: 5-6).

Muri ka gacerere kanga nk’igihimba c’isaha canke ya misi cumi n’itanu, n’ukuvuga igihe ca nyuma ya vyose, aho Kristu n’abamarayika biwe bazova mu ngoro y’Imana mw’ijuru, bakaza bose gutora ishengero. Kristu tuzomubona mu Butatu bwera tuzobitahura kandi tuzishima. actu1237631928Kuko umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, arangurure ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maze abapfiriye muri Kristu nibo bazobanza kuzuka. Maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa nabo mu bicu, dusanganire umwami mu kirere. Niho tuzokwama tubana n’umwami. N’uko mumarana umubabaro mukoresheje ayo majambo (1Abatesalonika 4: 16-18).

Mbese wumva aya majambo akumara umubabaro nawe? Wumva aguha ivyizigiro? Muri uwo mwanya wa nyuma ungana nk’igihimba c’isaha, ubaye ukiri muzima, wumva wipfuza kuzoba ugihabaze mu ruhande rw’intore z’Imana? Icompa wewe na jewe tukazobana n’Umwami Yesu aho hantu heza. Amen.

Publié dans:Non classé |on 17 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

UMUVUMO W’INDWI UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

 Genda i Bujumbura mu materaniro y’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090

ISAHA IMWE

Biyorer’umukungungu ku mitwe, bataka barira baboroga, bati : N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, catungishije ubutunzi bwaco  abafise amato mu kiyaga bose, kuko cakomvomvowe mw’isaha imwe (Ivyahishuwe 18: 19).UMUVUMO W'INDWI UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE pirogues-370554

medium_minuit

Ubu tugiye kwiga ijambo ryagiye riboneka kenshi muri iyi mivumo itatu ikurikirana ryitwa  »isaha imwe » (Ivyahishuwe 18: 10, 16 na 19). Iri jambo ngo  »isaha imwe » riravugwa ibihetangabo indwi mu gitabo c’Ivyahishuwe.  Twaravuze ukuntu igitabo c’ivyahishuwe kigenda gihagaze ku nkingi indwi: Amashengero 7, ibimenyetso 7, inzamba 7, abamarayika 7 bafise ivyago 7 n’ibindi… Ubu rero tugiye kuzotangura ikindi cigisho kivuga isaha imwe ya nyuma y’isi. Kuko iyo saha nayo ivugwa incuro 7, birumvikana ko ikomeye kandi ikwiye kwigwa. Imirongo ivuga iyo saha imwe n’iyi: Ivyahishuwe 8: 1; 14: 7; 14: 15; 17: 12; 18: 10; 18: 16 na 18: 19, ariho turiko turiga, ariko tuzohanonosora neza ni twagera mu gihe co kwiga IYO SAHA IMWE.

Ico twogenda tumenye gusa n’uko iyo saha ivugwa mu mvugo y’ubuhanuzi, ingana n’imisi 15 mu biharuro bisanzwe vyo kw’isi. Kuko umusi uzohwana n’umwaka (Guharura 14: 34). Ibi bivuga ko, mu mvugo y’Imana, imisi 360 igize umwaka, ihwanye n’umusi w’amasaha 24 wo kw’isi.  Gurtyo rero isaha imwe ica ingana n’imisi 360 kugabura n’amasaha 24, tuca tubona ko isaha ingana n’imisi 15. Ubuhanuzi bwa Bibiliya iyo bufashwe mur’ubwo buryo, duca tubona ko isi itazoba yorohewe mu ndwi zibiri (mu vyumweru bibiri) zizoherukira isi, canke mu misi 15 ya nyuma.

Mur’uwu muvumo w’indwi, ho havuzwe ukuntu mu marira yo muri iyo saha ya nyuma, hazovugwa n’ukuntu Babuloni ariyo yar’itungishije abafise amato mu kiyaga. War’uziko ubwato nabwo ar’ikindi kigereranyo c’ishengero? …  » mu misi ya Nowa bwa bwato bukibazwa, muri bwo harokokeye bakeya, bashika umunani, barokokeye mu mazi. Ayo niyo namwe abakiza kubw’ikigereranyo c’ukubatizwa (1Petero 3: 20-21).  7Soma witonze no muri Luka 5: 3-11). Abo rero bazorira, ariko bakaba bafise amato mu kiyaga, n’abanyamadini, kuko bose bayobora amadini ariko bakagenda bisunga ishengero rya Roma mu mico n’imigenzo yaryo. Ico kiyaga bafisemwo amato s’ikindi, n’iki kivugwa mur’uwu murongo ngo: Ya mazi wabonye, maraya yicarako niyo moko n’amakungu, y’abantu n’amahanga n’indimi (Ivyahishuwe 17: 15). N’ukuvuga rero ko ari abantu bashinze ayandi mashengero mu moko menshi y’abantu no mu ndimi nyinshi. Bazomaramara, mu gihe bazosanga bubakiye ku binyoma vy’i Babuloni, noneho nayo igasha babona, canke se bakayihiramwo… Uwuzoramba gushika muri iyo saha ya nyuma azobana utuntu n’utundi! Reka tubiteg’amaso!

Publié dans:Non classé |on 5 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

UMUVUMO WA GATANDATU UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090

IGISAGARA CA BABULONI

N’ibara n’ibara, ca gisagara gihambaye cambaye impuzu zera nziza z’inyambarabami n’iz’agahama, kandi cisakaye inzahabu n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita, kuko ubutunzi bungaho bukomvomvowe mw’isaha imwe (Ivyahishuwe 18: 16-17)UMUVUMO WA GATANDATU UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE Babylon

Mu cigisho giherutse, twari twavuganye ko nzobabwira igituma Babuloni ibandanya kwitwa igisagara mw’isezerano rishasha. Ariko iyo usuzumye amateka y’isi, usanga igisagara ca Babuloni kitari kikiriho mu gihe Isezerano rishasha ryandikwa, cane cane iki gitabo turiko turiga c’Ivyahishuwe.  Igisagara c’i Babuloni kivugwa mw’Isezerano rya kera, cari catanguye mu myaka yakurikiye wa mwuzure wo kuri Nowa, nico citwa Babeli mu gitabo c’Itanguriro. Turasoma ngo: Nico catumye Uhoraho abasabagiriza mw’isi yose, baheba kwubaka ca gisagara. Nico catumye izina ryaco citwa Babeli, kuko arho Uhoraho yayoberanirije ururimi rwabo mw’isi yose; kand’ariho Uhoraho yabasabagirije mw’isi yose (Itanguriro 11: 8-9). Abasoma Bibiliya y’igiswahili, muzobona ko ijambo Babuloni ritigeze rihinduka mur’urwo rurimi. Dufate nk’akarorero: Dusoma mu Vyahishuwe 18: 2 mu kirundi ngo: Asemerera n’ijwi rirenga ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye... Mu giswahili naho handitswe ngo: Naye akalia kwa nguvu kwa sauti kubwa, akisema: ‘‘Umeanguka! Umeanguka Babeli ulio mkuu! Mu ndimi nyinshi zo mu Buseruko niko bayita. Tuzorabira hamwe ico iryo zina rivuga neza, mu vyigisho bizokurikira. Iyo Babuloni rero yashenywe hafi mu myaka 350 imbere ya Yesu.

Yohani rero yeretswe Babuloni yindi, iriho ariko mu buryo bwa guhanuzi. N’ukuvuga mu mvugo yo muri Mpwemu, canke mu mvugo Mutima Mweranda akoresha, hariho iyindi Babuloni yafatiye mu buja ubugingo bw’abana b’Imana.vatican2 Iki gitabo c’Ivyahishuwe kiyita ngo ni igisagara gihambaye.

Wibuke ko Yesu nawe yita ishengero ryiwe ngo: N’igisagara cubatswe ku musozi. Handitswe ngo: Mur’umuco w’isi. Igisagara cubatswe ku mpinga y’umusozi ntigishobora guhishwa (Matayo 5: 14). Ariko ni yaba Yesu asubiriye kwemeza Yohani ko Babuloni nayo ar’igisagara, aho har’ingorane… Kuko bica vyumvikana ko hariho ibisagara bibiri bihanganye…

Mur’uyu muvumo turiko turiga, no mu gice ca 17 c’iki gitabo c’Ivyahishuwe, Babuloni ivugwa ngo n’igisagara gihambaye. Ariko kandi ngo izoturigwa(izatwikwa). Soma neza Ivyahishuwe 17: 2, 18: 9-10,  18: 16-17, ariho turiko turiga, na 18: 19,aho tuziga mu cigisho kizokurikira. Ariko ku vyerekeye ishengero ry’Imana ariryo muco w’isi, rikaba igisagara cubatswe ku mpinga y’umusozi, Yesu aravuga ati: Ntihagire ico mugira isi canke ikiyaga canke ibiti, tutaradoma ikimenyetso mu ruhanga rw’abagurano b’Imana yacu (Ivyahisahuwe 7: 3) Kuko uwubakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ryanje (Zekariya 2: 8).

Abubaha Imana n’amategeko yayo, iyo bateraniye hamwe, baboneka nk’igisagara c’Uhoraho, kuko igisagara kigirwa n’amazu menshi. Uwumva aya majambo yanje wese akayitondera, asa n’umuntu w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare (Matayo 7: 24). Nico gituma iteraniro ry’Ishengero ry’abasigaye bitondera amategeko y’Imana bakagira ukwizera nka Yesu, bakwiye kugira umutima uremye, bakanezererwa mu Mwami kuko  nawe ari kumwe nabo.  Iyo bateranye, Yesu ababona nk’igisagara c’Imana nzima (Nico iyi foto ishaka kuvuga).shapeimage_2 Niko nta butunzi bwinshi bw’ivy’isi bubabonekamwo, ariko nkuko imisozi ikikije Yerusaremu, niko Uhoraho akikije abantu biwe, uhereye none ugashitsa ibihe vyose (Zaburi 125: 2). Ubutunzi bukomeye, tubufise mw’ijuru kwa Data.

I Babuloni naho nyene n’igisagara gihambaye ni vyo, ariko, uwumva aya majambo yanje wese ntayakore, asa n’umuntu w’imburabwenge yubatse inzu yiwe ku musenyi. Isegenya iragwa, inkukura iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisurira kuri ya nzu irasenyuka, kandi isenyerana ryayo riba irikomeye(Matayo 7: 26-27). Nivyo, umuntu ameze nkuyo, Yesu amubona nk’inzu nawe. Amateraniro y’abo aboneka imbere yaYesu nk’igisagara, mugabo kizotemba ku musi w’isegenya. Usivye ko muri Babuloni hazogesezwa n’umuriro, Bibiliya iravuga ko abantu banse gusohoka muri yo, ko bazokubitwa n’isegenya y’urubura rw’icago kibi: Urubura ruhambaye, ibuye rimwe ryarwo riremereye nk’italanto (hafi kg 30), rukoragurikira ku bantu ruvuye mw’ijuru; ico cago c’urubura gituma abantu barogotwa ku Mana, kuko icago carwo gikomeye cane (Ivyahishuwe 16: 21). Twasomye rero tugitangura iki c’igisho ko ubutunzi bw’i Babuloni, impuzu zera z’inyambarabami n’iz’agahama, … inzahabu n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita, buzosha bukayigira, n’ukuvuga aho amashengero yose ari muri Babuloni agera, n’abakobwa bayo, aribo mashengero yayikomotseko agahera ku mico yayo. Nico gituma ubuhanuzi buyita BABULONI NYINA W’ABAMALAYA (Ivyahishuwe 17: 5). Umukobwa na nyina, bose ni kimwe (Ezekiyeli 16: 44).

Bana b’Imana rero, ingo twumvire ijwi ry’Umwungere mwiza, dusohoke twitandukanye na Babuloni, kuko  tur’intama zo mu ruhongore rwiwe (Zaburi 100: 3). bergerAraduhamagaye twese ati: Bantu banje, ni muve iwe, kugirango mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabwa ku vyago vyiwe. Kuko ivyaha vyiwe vyarundanijwe bigashika mw’ijuru, kandi Imana yibutse ibicumuro vyiwe (Ivyahishuwe 18: 4-5). Muhava mubaza muti, mbe twosohoka tukagenda tugana hehe? Navuze hariya  hejuru ko ishengero ry’abana b’Imana rimeze nk’igisagara ciza imbere ya Yesu. Nico Yesu yita Yeruzaremu wo mw’ijuru mawe wacu, canke umurwa wera wa Siyoni. Niho mukwiye gusohoka mugana rero, kuko amashengero yubaha amategeko y’Imana ariho, naho ishengero ryoba riri kure yawe wogenda kurishaka. Umuhinzi_Lindsay_StarkErega ngo Wanka kurima kure ukaja kuhasuma (Wanga guhinga kure, ntiwanga kuhahaha). Ikibazo n’uko muri ico gihe bizoba bikomeye, nta wuzoba akibasha kuva i Babuloni ngo aze guhaha ibiryo vy’umutima i Siyoni. Uko niko Uhoraho agize ati: Bazoba abanje ku musi nzoshinga, babe abo nihariye ubwanje; kandi nzobagirira ikigongwe, nkuko umuntu agirira ikigongwe umwana wiwe amukorera. Aho niho muzosubira kumenya yuko hariho itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’uwukorer’Imana n’uwutayikorera (Malaki 3: 17-18). Bizoboneka ko turi Yeruzaremu y’ Uhoraho: Yeruzaremu wo hejuru ni wo mugore bwite, niwo mama wa twese. N’uko bene Data ntitur’abana b’incoreke, tur’abana b’umugore bwite (Abagalatiya 4: 26, 31).

Mugihe Babuloni izoba iriko iraturirwa, Uhoraho azoba ariko aranezererwa abantu biwe. Ni koko bazovuga ivy’i Siyoni bati: aba n’aba niho bavukiye. Kandi Imana isumba vyose ubwayo izohashimangira. Uhoraho ni yandika amahanga azoharura ati: Abo niho bavukiye. Abaririmvyi n’abavyinyi bazovuga bati: Amasoko yanje yose ari muri wewe (Zaburi 87: 5-7). Siyoni n’akazina k’ubuhizi ka Yeruzaremu, niho ingoro y’umwami Dawidi yar’iri, ni naho ingoro y’Imana yari yubatswe. Kugirango mumenye ukuntu uwo musozi wa Siyoni winjiye mu mateka ya Israeli, soma 2Samweli 5: 6-9. b14735

Yemwe ab’inzu ya Yakobo, ni muze tugendere mu muco w’Uhoraho (Yesaya 2: 5). Inzu ya Yakobo ihamagawe, ni wewe na jewe.

Imana igufashe, iguter’ubutwari, ubandanye gusohoka utarab’inyuma, ku bwa Yesu-Kristu Umwami wacu. Amen

 

Publié dans:Non classé |on 5 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

UMUVUMO WA GATANU UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

 Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090

N’IBARA N’IBARA, EWE WA GISAGARA GIHAMBAYE, BABULONI… (Ivyahishuwe 18: 10)

Kand’abami bo kw’isi, abasambana nawe, bagasangira nawe ibihinda vyiwe bazomuririra, bamuvugirize amaruru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe, bahagaritswe kure no gutinya ugushinyagurirwa kwiwe bati: N’ibara n’ibara, ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni wa gisagara c’inkomezi, kuko mw’isaha imwe, iteka uciriweko rigushikiriye! (Ivyahishuwe 18: 9-10)UMUVUMO WA GATANU UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE destruction%20sodome

 

Uwu muvumo wa gatanu dusomye ko werekeye ubwambere abami bo kw’isi, ubwa kabiri: abasambana na Babuloni bagasangira ibihinda vyiwe. Muri aya majambo biraboneka ko hariho abakuru b’ibihugu bazokomeza gufadikanya na Babuloni ariyo Roma, gushika umusi izoturirwa (izatwikwa). Iyo bavuze umwami, n’ukuvuga ko haba hariho n’ingabo. Hazobaho amahanga azobandanya guha icubahiro Roma naho nyene bazoba babona ko bigenda nabi.

Havuzwe rero ko hazoba hariho n’abasambana nawe, bagasangira ibihinda vyiwe. Aba bantu bakunda Babuloni, bakishimira gukurikiza imigenzo yavuye muri Babuloni ariyo Roma, bakayirutisha ijambo ry’Imana. Ni bo rero bahimbaza imisi mikuru yose yashingiwe i Roma no mu gipagani, bakumva ko batoreka za Noheli, Assumption, Abatagatifu bose (Toussaint), amakarema, ukubatizwa kw’inzoya (impinja), ugusaba abatagatifu, uguhimbaza dimanche n’ibindi n’ibindi…

11-burnhaupt-le-haut

Hari ibintu tudakunda kuvuga muri ibi vyigisho, ariko navyo nyene mwari mukwiye kubimenya, n’ivyerekeye umusi mukuru wa Noheli.  Imigenzo ya gipagani yaratsimbataye mw’isi, yinjira no mu bwoko bw’Imana iciye muri  »Babuloni hahambaye, nyina w’abamalaya, kandi nyina w’ibihumanya vyose vyo mw’isi (Ivyahishuwe 17: 5). Yesu ntiyavutse ku musi mukuru wa Noheli. Urya musi war’umusi abaagani baja gusenga umuco, abandi bagasenga inyenyeri Saturno, kuko igihe c’imbeho no kubura umuco vyaba bigeze aho bibakandamiza, noneho bakaba bashitse aho bizera ko nibura bagiye gusubira kubona akazuba naho nyene imbeho itobura. Bavyita Novalis, bivuga ngo Ivuka. Kuko umuco waba ugarutse bawukumbuye, bikaba nk’irindi vuka ry’izuba. Mu vyishimo vy’imisi mikuru rero yakorwa muri ivyo bihe, bakanywa, bakarya; abagaragu bakanezeranwa na basebuja, ugukora ibiterasoni nibindi vyo, sinokubwira…

N’iyo witegereje neza, usanga abantu  biyumvira cane kuvyo bazorya n’ivyo bazonywa kur’uwo musi witwa Noheli, kuruta uko bibuka ivuka ry’uwo Yesu. Abenshi barahanahana utuntu twiza (cadeaux), abasangiye imiryango bagahura bakarya, bakanywa, bagatamba, bakaririmba. N’imisi usanga abantu b’iyi si bakunda cane.

Mu bihugu vyatey’imbere, ntibakimenya n’impamvu Noheli ibaho. Iyo ubajije urwaruka (uruvyiruko), bo baziko ar’umusi wo guhana za cadeaux), kuraba ca kigirwamana bita Père Noel, canke Santa Claus, n’ibindi…  N,umusi mukuru mubi w’igipagani. Intumwa Paulo yari yarabonye ubwo buyobe buriko burinjira buke buke mu nzu y’Imana, abwamaganira kure, ati: Maze igihe gikwiriye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, nativite_santonskandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe, ngw’acungure abaganzwa n’ivyagezwe, biduheshe gucika abana bayo. Kandi ko mur’abana bayo, Imana yatumye Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu, ataka, ati: Abba, Data. Nico gituma utakiri umugurano, ariko ur’umwana wayo, kandi kur’umwana wayo, ur’umuragwa, ubihawe n’Imana. Ariko ico gihe kuko mutari muzi Imana, mwari mujakariye Imana atarizo, uhereye mu kameremere kazo; ariko none ko mwamenye Imana, cane cane mwamenywe nayo, n’iki catumye musubira inyuma, mugahindukirira ivyambere vya goyigoyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha? MURAZIRIRIZA IMISI, N’AMEZI, N’IBIHE, N’IMYAKA. Muntey’ubwoba, yuko nkumbure ivyo nabakoreye, naruhiye ubusa. Ndabiginze bene Data, mumere nkanje, kuko nanje meze nkamwe (Abagalatiya 4: 4-12).

Bibliya ntiyerekana na gato ko higeze kuba umusi mukuru mu bwoko bw’Imana, wo guhimbaza ivuka rya Yesu. Mu butumwa bwiza bwa Luka, niho dusoma inkuru y’ivuka rya Yesu, aho umumarayika yabwira abungere ayo makuru meza. Ariko iyo uravye uko iyo nkuru yanditswe, usanga ivuka ry’Umucunguzi wacu utakwiye kuba umusi mukuru wo kurya no kunywa, ah’ubwo ukwiye kuba umusi w’ivugabutumwa, nkuko abamarayika n’abungere babikoze. Umumarayika yaraje abimenyesha abungere, abandi bamarayika bifatanya hamwe nawe basamiriza indirimbo. Abungere baciye bagenda kuraba ivyo babwiwe. Nabo ico bakoze, bagiye bakwiza hose ko umukiza yavutse. Ntaho tubona handitswe ko baciye bashaka inzoga, ngo babage inka n’impene n’intama, ngo barare baratamba urwedengwe ngo Yesu yavutse. Bawugize umusi wo kuvuga inkuru nziza y’ivuka ry’Umukiza w’isi: Yesu-Kristu. Reka tubisome. Mur’iyo ntara har’abungere barara mu gahinga, baraririye umukuku (amasho) w’intungwa zabo (amatungo yabo). Umumarayika w’Umwami Imana ahagarara i ruhande yabo, ubwiza bw’Umwami bubakayanganira irya n’ino, baterwa n’ubwoba bwinshi. Umumarayika arababwira ati: Ntaco mutinya, umve ndababarira ubutumwa bwiza bw’akanyamuneza kenshi kazoba ku bwoko bwanyu bwose. Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, niwe Kristu Umwami. Iki nico kimenyamenya canyu, murasanga umwana w’uruyoya azingiriweko impuzu y’uruyoya, aryamitswe mu bwato bw’inka. Uwo mwanya hamwe n’uwo mumarayika haboneka ingabo nyinshi zo mw’ijuru, zihimbaz’Imana ziti: Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, no mw’isi amahoro abe kubo inezererwa. Ba bamarayika bahejeje kuva aho bari, basubiye mw’ijuru, nya bungere baravugana bati: 1749143682Ngo rero tuje i Betelehemu turabe ico kintu cabayeyo, ico umwami Imana yatumenyesheje. Bagenda banyaruka, babona Mariya na Yosefu n’uruyoya rubikiriwe mu bwato bw’inka. Babibonye bababarira ijambo babwiwe, kur’uwo mwana. Abavyumvise bose batangazwa n’ivyo ba bungere bababwiye (Luka 2: 8-17). Muri iyi nkuru nziza, nta nahamwe herekana imisi mikuru yo kurya no kunywa, ariko tubonyeko, abamarayika bavuz’inkuru nziza, baca bisubirira mw’ijuru. Tubonye kandi ko abungere bagiye kuraba umwana, baramubona, kandi biganira abandi iyo nkuru nziza.

Ni twaba dushaka kugendana n’Ijambo ry’Imana, dukwiye guhitamwo ikindi gihe mu mwaka, gihuje n’uko ibihe biba bimeze mu gihugu c’Israeli, ku buryo abantu boshobora kugenda mw’ijoro nk’abo bungere. Simvuze ko tworara turagenda ijoro tuja kuvuga inkuru nziza, ariko ni twaba dukunda ijambo ry’Imana dukwiye kwemeranya ko kwibuka ivuka rya Yesu ar’ukubwira aboro inkuru nziza nkuko abamarayika babikoze, tukayikwiragiza nkuko abungere babikoze. Ivyo kurya no kunywa vyo, ntibihera, ntiharyoha indya haryoh’inzara.

Ubwo rero nibanze ku vya Noheli, ariko hariya hejuru navuze ko na biriya bindi bita ngo n’imisi mikuru ya liturjiya, ubushikiro, umusi w’iminyota, mercredi_des_cendresikarema, indwi ntagatifu, ipasika idahuje n’iyo tubona muri Bibiliya, imisi mikuru y’abavyeyi, ibatisimu z’impinja, n’ibindi, n’ibindi, n’ukuvyitondera.

Uburyo bwiza bwo kwirinda gusambana na Babuloni, n’ugufata umugambi udasubirwamwo wo kugendera ku mategeko y’Imana,etude%20de%20la%20bible%20guadadvent2 naho nyene vyo gukwegera gutukwa, gutwengwa (gusekwa), kuva mu kazi, kwirukanwa mw’ishule, kutumvikana n’umugabo wawe, kwankwa n’umugore wawe, kuvumwa n’abavyeyi n’ibindi… Hariho n’amashengero yiyemeje kugendera kuri urwo rugero adaca hirya no hino, ashobora kugufasha. Nshaka kuvuga amashengero yubaha ijambo ry’imana vy’ukuru, agakomeza n’isabato yo muri Bibliya.

Kuki none worinda kuzorizwa n’ukubona Babuloni ihiye iriko irayigizwa, bikarinda kuguhagarik’umutima? Ushobora no gupfa utarabibona, ariko mu mugabane wo kuzuka kwa mbere ntuzoba urimwo. Ndagusengera ngo ntuze usangire umugabane n’abashimye guhera muri Babuloni.

Subira mwo rero usome uko bizoba bimeze umusi Babuloni yaciriwekw’iteka: Kand’abami bo kw’isi, abasambana nawe, bagasangira nawe ibihinda vyiwe, bazomuririra bamuvugirize amaruru, aho bazoboner’umwotsi wo kuyigizwa kwiwe, bahagaritswe kure no gutinya ugushinyagurirwa kwiwe bati: N’ibara n’ibara, ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni wa gisagara c’inkomezi, kuko mw’isaha imwe, ibara uciriweko rigushikiriye! (Ivyahishuwe 18: 10).

Ico gihe weho uzoba uhagaze ku ruhe ruhande? Mur’abo bazoba bariko baravugiriza induru Babuloni, bayiririra?mooe98si Canke uzoba uri mu ruhande rw’abazoba bitegura gusanganira Yesu mu bicu? Imana ikugirire neza iguhe guhitamwo neza kandi, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Mu cigisho gikurukira, tuzoraba igituma Babuloni yitwa igisagara kinini.

Publié dans:Non classé |on 4 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

UMUVUMO WA KANE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090

Kugirango ubone ko iki cigisho gifitaniye isano n’umuvumo wa kane, gisome neza cane cane urabe ariya majambo yirabura cane hariya hepfo, atangurwa n’ijambo ngo : Isi n’ikiyaga bizobon’ishano!…

SATANI ATER’INTAMBARA MW’IJURU AKARUHIRA GUTSINDWA

Mw’ijuru havyuk’intambara. Mikayeli n’abamarayika biwe barwanya ca gisato: igisato kirwanana n’abamarayika baco. Ntibatsinda kandi mw’ijuru, ahabo ntihaba hakiboneka. Ca gisato c’amahero kirakororwa, nico ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, nico kizimiza abari mw’isi bose, gikororerwa kw’isi, abamarayika baco bakororanwa naco. Mw’ijuru numv’ijwi rirenga riti: Noneho agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubwami bw’Imana yacu n’ububasha bwa Kristo wayo, kuko umurezi wa bene Data akororewe hasi, yahora abarega ku murango no mw’ijoro imbere y’Imana yacu. Nabo bamunesheshej’amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijamb ryo gushing’intahe kwabo, ntibakund’amagara yabo, ntibanka no gupfa. N’uko noneho munezerwa mwa majuru,namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuko Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, aziko afise igihe gito (Ivyahishuwe 12: 7-12)

Biratangaje kwumva ko mw’ijuru habaye intambara; yamara n’ukuri, kuko Satani tuvuga, ntakindi ashaka atari imivurungano n’iterabwoba ngo yigarure vyose kw’isi no mw’ijuru. Uyu Mikayeli n’abamarayika biwe barwanije ico gisato, kenshi bagiye bamutwereka mu mashusho nk’aho yoba ar’umumalayika w’intwari gusumba abandi. Ariko iyo usomye Bibiliya witonze, usanga ari Yesu-Kristo ubwiwe, kuko iri zina Makayeli risobanurwa ngo:  »Uwusa n’Imana » canke  »Uwuhwanye n’Imana ». UMUVUMO WA KANE UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWEUmuhanuzi Daniyeli ni we amuvuga mw’  izina ubwa mbere ngo ni Mikayeli, kandi amwita Umugabisha ahambaye, umugabisha wacu, umugabisha ahagarikiye ubwoko bwacu (Daniyeli 10: 13, 21; 12:1). Intumwa Paulo nawe yaravuze ivy’uwo mumarayika mukuru ati: Kuk’umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, aranguye ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana (1Abatesalonike 4: 16).

Uyu mumarayika mukuru kandi yarabonekeye Yosuwa igihe Yosuwa yari arangije imihango y’umusi mukuru wa Pasika, ari nawo musi wa nyuma Abisirayeli bariye manu ikoroka ivuye mw’ijuru (Yosuwa 5: 10-12). Maze Yosuwa ari hafi y’i Yeriko, agize ngo arunamura amaso, abona umuntu imbere yiwe, yasokoy’inkota, ayifashe mu ntoke. Yosuwa aramwegera aramubaza ati: Mbeg’uje ku ruhande rwacu canke kurw’abansi bacu? Aramwishura ati: Ekaye, ariko ikinzanye ubu n’uko nd’umugabisha w’ingabo z’Uhoraho. Maze Yosuwa arapfukama, arunama amuha icubahiro, aramubaza ati:Mugenzi, jewe umusavyi wawe, ico ugomba kumbarira n’iki? N’uko uwo mugabisha w’ingabo z’Uhoraho yishura Yosuwa ati: Kura inkweto mu birenge vyawe, kuko aho hantu uhagaze ar’ahera. N’uko Yosuwa abigenza atyo. (Yosuwa 5: 13-15). Uwo yemeye ko apfukamirwa agahabwa icubahiro, ni Yesu ni Kristu.

Kuko abandi bamarayika ntibemerewe gupfukamirwa no gusengwa. Intumwa Yohani we yashatse gusenga umumarayika wundi yariko aramwereka ivyerekeye ukugaruka kwa Yesu, ariko nya mumarayika aravuga ati:  » Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingir’intahe Yesu. Imana ba ariyo usenga » (Ivyahishuwe 19: 10). Aha haratwereka na none ko nta  mumarayika apfukamirwa ngo asengwe atari Imana. Paulo rero yarabivuze neza, mu kwemeza ko Kristu akwiye gusengwa ati: Kristo… ni we ari hejuru ya vyose, niwe Mana ikwiye gushimwa ibihe vyose. Amen (Abaroma 9: 5). Ibi birababaza abantu bemera inyigisho z’ibinyoma zivuga ko Yesu atari Imana, ariko induru ntiganz’ingoma, ukuri kuzwi kuva mbere na mbere n’uko ngo Kristu n’Imana. Mikayeli rero n’izina rya Kristu iyo ari ku rugamba agwanira ubwoko bw’Imana (Musome kandi Abaheburayo 1: 13)

Uwu Mikayeli ni we yagwanye na Satani mw’ijuru, arayikorora, ikororanwa n’abamarayika bose bari bakurikiye ibinyoma vyayo. Ni naco gituma Kristu yavuze ati: Nabonye Satani akoroka avuye mw’ijuru, akoroka nk’umuravyo (Luka 10: 18). Satani bisobanurwa ngo  »Uwuregana » .

Ibivugwa muri iyi mirongo y’Ivyahishuwe 12, bivugwa mu mvugo ya gihanuzi, vyerekeza ahanini kuri twebwe. Twasomye hariya hejuru ngo: Kuko umurezi wa bene Data akororewe hasi. Ni vyo koko yararega abamarayika, ariko n’ubu arashaka kutubonako urwitwazo, ngo abashe kuturega imbere ya Kristu, ngo bariya nibo wishimiye ngo n’abakristu bawe? Urwo rwitwazo adushaka ko, ni kwa kutubeshesha ubusambanyi n’ibitekerezo bibi, ukwiba, ukubesha, ugusenga ibigirwamana, ugukunda ivy’isi, ishavu, ishari, ukurarikira ibintu, arivyo bamwe bita umururumba, n’ibindi n’ibindi… Muze rero twihatire gupfukamira Yesu mu mitima yacu, tumuhang’amaso, ngo dukomeze kunesha wo mwansi w’abana b’Imana. Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ariwe wa Murwanizi, agendagenda nk’intambwe yivuga arondera uwo yorotsa. Mumurwanye mufise ukwizera gushikamye, muzi yukw’imibabaro ihwanye n’iyanyu, ishikira bene Data bari mw’isi (1Petero 5: 8-9).

Twasomye kandi ngo: Nabo bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijambo ryo gushing’intahe kwabo, ntibakunda amagara yabo, ntibanka no gupfa. Tuvugishije ukuri, nta wushobora kurwanya Satani n’imbaraga zisanzwe za kimuntu, nico gituma dukeneye kwisunga Yesu igihe cose.

Kukw’Imana yakunze cane abari mw’isi, vyayitumye itanga Umwana wayo w’ikinege, kugirango uwumwizera wese ntapfe rubi, ah’ubwo ngo ahabwe ubugingo buhoraho (Yohani 3: 16). Uwu ni we yitwa umwagazi w’intama nkuko Yohani Umubatizi amuvuga ngo: Ng’uyu umwagazi w’intama w’Imana ukura icaha c’abari mw’isi (Yohani 1: 29).

Kwisunga Kristu muri vyose, gufatanije no gushinga intahe (gutang’ubuhamya) mu vyo dukora no mu vyo tuvuga, tudatinya inkurikizi, nivyo bituma Satani atinya agahunga. Erega umunyantege nke wese yizera Kristu, ashobora kunesha Satani, ariko intwari yitwaje imbunda n’amasasu ikaruhira kugwa mu vyara vya Satani.

Isi n’ikiyaga bibony’ishano! N’ukuvuga ibihugu birimwo abaturage benshi canke bake, vyose bizogira ingorane bitejwe na Satani, kuko yakororewe kuri iyi si, akaza afise inzigo nyinshi, azi ko igihe ciwe ari gito. Iyo mubona ukuntu amakuba asigaye akurakuranwa muri iyi  si, ntimugirengo n’ibisanzwe. Ni Satani akomez’urugamba, ngo ahitan’abavyeyi n’ibibondo, asambure ingo z’abubatse, yigishe urwaruka kwiba, kubesha, kwicana, gusambana, gukora amabi ashobotse yose. Nta mwana avuka yipfuza kuzoba indaya canke igisuma (umujura), canke umwicanyi. Ariko uko akomeza gukura, niko Satani aba amuhanz’amaso  ngo amukururire mu vyaha.arton287

Bavyeyi, musabwe gusengera abana banyu namwe mwisengera. Abasore n’inkumi, musabwe gusengera bagenzi banyu namwe mwisengera. Mwige ijambo ry’Imana mu shimitse, murabona ko tugeze muri vya bihe bibi Paulo yavuze.

Imana ikomeze ibahe imigisha. Mu cigisho gikurikira, tuziga neza ukuntu Satani yarwanije ishengero ry’Imana, cane cane abo bose bashaka kwumvira Imana bakagumya amategeko yayo, bongera bashingira intahe Yesu (Ivyahishuwe 12: 17)

Imana ibandanye kubaha imigisha.

Publié dans:Non classé |on 3 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

UMUVUMO WA GATATU UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090

IGIHE CO GUCIRAMWO AMATEKA ABAPFUYE

Biragoye kugirango ubone ko iki cigisho gifitaniye isano n’imivumo indwi, canke canke ibara rya gatatu. Kuko kivuga ishimwe rya Kristu ahanini. Kugirango ubitahure, gisome ushitse ku mpera yaco, canecane urabe ariya majambo aheruka yerekeye Ivyahishuwe 11: 18.

Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw’ijuru hakurikira amajwi arenga ati: Ubwami bw’isi buhindutse ubw’Umwami wacu n’ubwa Kristu wiwe, kand’azohora ahangamye ibihe bitazoshira. Ba bakuru mirongw’ibiri na bane bicara ku ntebe zabo imbere y’Imana, bikubita hasi bubamye, basenga Imana, bati: turagushimye Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wabiriye ububasha bwawe buhambaye. Kand’amahanga araraka, uburake bwawe buraza, igihe co guciramwo amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramwo abasavyi bawe, ni bo bavugishwa na we, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamwo abahonya isi. Urusengero rwo mw’ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamwo isandugu ry’isezerano ryayo, kakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro, no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye (Ivyahishuwe 11: 15-19)

Imbere y’uko twiga iki cigisho cerekeye inzamba y’indwi, nashaka kubibutsa ko igitabo c’Ivyahishuwe gihagaze ku nkingi indwi. S’igitabo c’inkuru iva ku ntango ngo ishike kw’iherezo. Abo twatanguranye muribuka ko muri iki gitabo harimwo imigisha indwi, amashengero indwi, ibiterekakw’amatara indwi, inyenyeri indwi mu kiganza ca Yesu, ibimenyetso indwi, abamarayika indwi bafise inzamba indwi, imituragaro indwi, igikoko c’amahembe cumi n’indwi n’ abamarayika indwi bafise inzavya indwi. Iyo rero Yohani atanguye inkuru yerekeranye n’amashengero indwi, canke ibimenyetsi indwi, umunyu amenyereye imvugo ya gihanuzi akwiye kubonamwo ibihe indwi bisozwa n’igihe c’imperuka kirangizwa n’ukugasruka kwa Yesu.  Akarorero: ishengero ry’i Laodokea, rirasobanura ibihe vy’imperuka ishengero rigezemwo. Ahandi mushobora gusoma Ivyahishuwe 8: 1-5 na 16: 17-21, tutibagiye n’ibi tugiye kwiga rero vyerekeye inzamba y’indwi.UMUVUMO WA GATATU UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE

Uwu mumarayika w’indwi rero ngo yavugije inzamba yiwe, mw,ijuru hakurikira amajwi arenga ati: Ubwami bw’isi buhindutse ubw’Umwami wacu n’ubwa Kristu wiwe, kandi azohora ahangamye ibihe bitazoshira. Murumvako ari inzamba y’iherezo. Irafitaniye isano na ya yindi Paulo avuga ngo: Kuko Umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana (1Abamarayika 4: 16). Aba bakuru mirongw’ibiri na bane, basubiriye kugaruka muri iyi nkuru, kuko tuvuga ibihe vy’iherezo. Tuzohimbaza Imana hamwe nabo, bazishima natwe tuzishima. Iyo uravye neza usanga aba bakuru mirongw’ibiri na bane mu guha ishimwe Imana, bakunda kwibuka ibibera mw’isi cane, bakavuga n’ivyashikiye Yesu mw’isi. Soma iyi ndirimbo yabo: Birakubereye kwabira igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose, ubacunguje amaraso yawe, ukabahindura ubwami bw’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw’isi (Ivyahishuwe 5: 9-10). Na hano hejuru babisubiyemwo ngo: Turagushima Mwami Mana ushobora vyose,  uriho kandi wamyeho, wabiriye ububasha bwawe buhambaye, ukima. Kand’amahanga araraka, uburake bwawe buraza, igihe co guciramwo amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramwo abera n’ abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamwo abahonya isi (Ivyahishuwe 11: 17-18). Kuki none aba bakuru mirongw’ibiri na bane bavuga berekeza ku bibera kw’isi igihe cose. N’uko nabo nyene bavuye kw’isi: Erega Kristu yaraduze, aja iyo hejuru ajanye iminyago (Abaefeso 4: 8)  Siko se vyari vyaranditswe? ngo: Uraduze, uja iyo hejuru, ujanye iminyago (Zaburi 68: 18). Iyi minyago yaduganye na Yesu gute? Ca gihe Yesu yapfa, imva ziruguruka, imivyimba myinshi y’abera bari basinziriye irazurwa, bava mu mva amaze kuzuka bashika mu gisagara cera babonekera benshi (Matayo 27: 52-53). Aba bantu babonekeye abera baba i Yerusaremu Yesu amaze kuzuka, nibo bibiliya yita iminyago yaduganye na Yesu. Nta murongo dufise werekana ko aribo bavuyemwo aba bakuru mirongw’ibiri na bane, mugsabo imvugo yabo irerekana ko bazi ibibera mw’isi.

Ngaha rero ngo urusengero rw’Imana rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamwo isadugu ry’isezerano ryayo (Ivyahishuwe 11: 19). Aya majambo arerekana neza ko ya mategeko y’Imana twama twigizayo ngo Paulo yavuze ngo ntitugitwagwa nayo, agiye kuzoboneka vuba aducire urubanza. Erega nkuko nakomeje kubivuga:  Kuko guca imanza kuzosubira ku kugororoka (Zaburi 94: 15). Kandi: uvugango Ndamuzi ntiyitondere amategeko yiwe n’umubeshi, ntakuri kuri muri we (1Yohani 2: 4). Ayo mategeko cumi ari mw’isandugu ry’isezerano ni yamara kwerekanwa, agacira urubanza abari mw’isi, nta wuzokira n’umwe kiretse abari muri Kristu-Yesu gusa. Nuko rero abari muri Kristu Yesu, ntarubanza ruzobatsinda (Abaroma 8: 1). Ariko kuba muri Yesu ntibivuze, ngo twitware uko dushaka ngo kubera ko twizera Kristu. Iryo ni ryo kosa ry’abasuzugura itegeko rya kane ryo ku ruhuka isabato, bakavuga ngo Yesu ni we buruhukiro bw’isabato. Abandi ngo: kuzuka kwiwe ku musi wa mbere w’imisi indwi, kwahinduye isabato bituma umusi wa dimanche ucika isabato y’abakristu. Mugiye mwitonda, mukareka gutwaririra iyo rigoramiye, vyobatwar’iki? Mureke kugereka kuri Yesu ivyo ata vuze. Isabato yiwe n’iriya yanditswe mw’isandugu ry’isezerano riri mu rusengero rwo mw’ijuru, dimanche ntiyanditswemwo. N’ukuri, iryo hema ryo mw’ijuru, n’isandugu iri muri ryo, ntivyigeze bihinduka. Kuko igihe Imana yavyereka Mose yavuze iti: Nkuko ivyo ngira nkwereke vyose bimeze mu vy’ ikigereranyo c’iryo hema nzobamwo, no mu vy’ikigereranyo c’ibintu vyaryo vyose, abe ariko muzobikora (Kuvayo 25:9). Umwami wacu Yesu-Kristu, Dawidi, abahanuzi n’intumwa  baremeza ko umuntu nka jewe na wewe dushobora kuba muri iryo hema, mugihe twitondeye amategeko ari muri mw’isandugu ry’isezerano rihari. Iryo sezerano, rigizwe na ya majambo cumi. Reka twumve uko Yesu abivuga: Ni mwitondera amategeko yanje muzoguma mu rukundo rwanje, nkuko nanje nitondeye amategeko ya Data nkaguma nu rukundo rwiwe (Yohani 15: 10) Luka nawe ati:  Yesu aja i Nazareti, iyo yakuriye, ku musi w’isabato yinjira mw’isinagogi, nkuko yamenyereye ava hasi, ngw’asome (Luka 4: 16). Dawidi ati: Amategeko y’Uhoraho aratunganye rwose, ahembura ubugingo, ivyo Uhoraho yashingiye intahe n’ivyo kwizerwa, biha ubwenge umuntu w’ikijuju (Zaburi 19: 7). Paulo ati: Gukebwa ntaco kumaze, no kudakebwa ntaco kumaze, ariko igifise akamaro n’ukwitondera amategeko y’Imana (1Abakorinto 7: 19). Yakobo ati: Kuko umuntu wese azokwitondera amategeko yose agatsitara kuri rimwe azoba acumuye kuri yose (Yakobo 2: 10). Yosefu mwene Israeli ati: None noshobora gute gukora icaha kingana girtyo ngacumura ku Mana? (Itanguriro 39: 9).

Dufise abantu benshi batewe imbaraga n’amajambo y’abantu, baca biyumvako bafise agaciro kuruta ba sogokuruza bacu mu kwizera. Bamwe basigaye biyita abavugishwa n’Imana, abandi bakiyita intumwa, abandi bihaye kwiyita abungere mu ntama z’Imana, abandi bigira abakora ibitangaza mu buryo atari bumwe, abandi bigira abigisha, n’ibindi… Ndabinginze ngo mwirinde abavugishwa n’Imana, intumwa, abungere, abakora ibitangaro n’aberekwa aribo babonekerwa, abigisha n’abandi bose batemera amategeko cumi y’Imana, arimwo n’isabato. Kuko muri aya mategeko havuyemwo n’inyugutu n’imwe, Imana yacu ntiyoba ikibaye Imana, yoba ibaye Bayali nk’izindi Bayali. Irarahira ikarengwa iti: SINZOVA MW’ISEZERANO RYANJE, SINZOHINDURA IJAMBO RYAVUYE MU KANWA KANJE (Zaburi 89: 35). Nayo abo bantu biyambaza amacravates meza, amakanzo meza yera, ibitenge bimwe vya muriro, bakaza bivugisha ngo Imana yaraberetse ibi na biriya, dukwiye kubashira ku munzane w’Imana tukabapima. Uwo munzane ng’uyu: Dusubire ku mategeko no kuri vya Bishinga intahe! Ni batavuga ibihwanye navyo bazoba mu bwirantibuce (Yesaya 8: 20). Ndaziko ari benshi, kandi ko naho iki cigisho kikweretse ibintu bigutsinda, nziko witegurira gusubira mu materaniro yabo ku musi w’icumeru ugiye kuza, uwo bamwe bita umusi w’Imana, dimanche, sunday. Hariho n’abihaye kuwita isabato. Jewe nkurikije Ivyanditswe Vyera numva ukwiye guhindura ugashaka ishengero rindi ryumvira amategeko y’Imana rigakurikiza n’isabato nka Yesu. Kuko naho ubandanya kujayo, ubutumwa bwiza bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu-Kristu, buravuga buti: Jewe ntaco navuganye nabo yamara baravugishwa. Narumvise ivyo ba kamenyi bavuga, barotora ibinyoma mw’izina ryanje, bati Narose, narose. Ivyo bizogeza ryari kuba mu mitima ya ba kamenyi barotora ibinyoma, nibo bavugishwa n’ubugunge bwo mu mitima yabo? Bibwira ko bokwibagiza abantu izina ryanje, bababibagirisha inzozi zabo barotora, izo umuntu wese arotorera mugenziwe, nkuko basokuruza babo bibagijwe izina ryanje na  Bayali (Yeremiya 23: 21, 25-26) Abameze bartyo n’intumwa z’ibinyoma, n’abakozi bagunga, bigira intumwa za Kristu. Kandi ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco. N’uko s’ikigoye ko ababozi biwe nabo bigira abakozi b’ukugororoka, iherezo ryabo rizohwana n’ibikortwa vyabo (2Abakorinto 11:  13-15).

Abo bantu ntibabatere ubwoba kuko intsinzi iri muri Yesu-Kristu, we abera inyanduruko y’agakiza abamwumvira bose (Abaheburayo 5: 9).  Subira mwo neza usome uwu murongo. Handitswe ngo abamwumvira bose, ariko s’abatamwumvira. Mu kirundi gisanzwe, n’ukuvuga  »abamugamburukira bose » .

Iki cigisho rero kivuga ibara ribi rya nyuma muri ya mashano atatu, kuko kivuga kiti: Kand’amahanga araraka, uburake bwawe buraza, igihe co guciramw’amateka abafuye kirashika, n’ico kugereramwo abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamwo abahonya isi (Ivyahishuwe 11: 18)

Abahang’amaso Yesu bose bakazibira amatwi kuvyo abantu bavuga, bazotsinda, kandi ibihembo vyabo birateguwe!

Publié dans:Non classé |on 3 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

UMUVUMO WA KABIRI UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

 Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090

INZAMBA YA GATANDATU

Ibara rya kabiri

Ibara rya mbere riraheze, eh’ukundi kubon’ibara kubiri guhava kuza hanyuma. Umumarayika wa gatandatu aravuza: Numva ijwi riva ku mahembe ane y’igicaniro c’izahabu kiri imbere y’Imana, ribarira umumwarayika wa gatandatu afise inzamba riti,  Bohora abamrayika bane babohewe ku ruzi Eufrate. Abo bamarayika bane bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi, n’uko kwezi, n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu.  Igitigiri c’abagwanira ku mafarasi cari ibihumbi amajana abiri: igitigiri cabo naracumvise. Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari,  bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikingira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku. Iminwa y’ayo mafarasi yari nk’iy’intambwe, mu kanwa kayo havamwo umwotsi umuriro n’umwotsi n’amazuku. Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw’ari bitatu:umuriro n’umwotsi n’amazuku bivuye mu kanwa kayo. Kuko ububasha  bwayo mafarasi buri mu kanwa kayo no mu mirizo yayo, kuko imirizo yayo imeze n’inzoka, nayo iri n’imitwe, niyo aryanisha.

Abantu barokotse batishwe n’ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni n’ibigirwamana vUMUVUMO WA KABIRI UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE PQRM000Zy’izahabu n’ivy’ifeza, n’ivy’imiringa n’ivy’amabuye, n’ivy’ibiti bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda; kandi ntibihana ngo bareke ubwicanyti bwabo, canke uburozi, canke ubushakanyi, canke ubusuma (Ivyahishuwe 9: 12-21).

Kugira ngo iki cigisho cumvikane neza, ukwiriye kubanza gusoma icigisho  cakibanjirije citwa  »UMUVUMO WA KABIRI UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE ». Urahasangamwo ibara rya mbere. Nico gituma iki cigisho cacu gitanguye kivuga kiti: Ibara rya mbere riraheze, eh’ukundi kubona ibara kubiri kugiye kuza. Mu vyigisho bigiye kuza rero, uze wame wibuka ko birangwa n’ivyago vyigabanije mwo kubiri. Icago tugiye kwiga kijanye n’inzamba y’umumarayika wa gatandatu, kizoba kije nko kuruhura abantu bazoba bamaze amezi atanu bababazwa na ca cago Bibiliya igereranya n’ugukomorwa na sikorupiyo. Ijambo ngo  »abantu » muri ibi bice vya nyuma, ntirisobanura abari mw’isi bose. Rivuga abanyavyaha bazoba batigeze bakingurira Yesu imitima yabo. Iri jambo turarigarukako mu gusozera iki cigisho.

Yohani rero ati: Numva ijwi riva ku mahembe ane y’igicaniro c’izahabu riti Bohora abamarayika bane babohewe ku ruzi runini Eufrate. Iki gicaniro (uruhimbi canke altari) c’amahembe ane, gisobanura inganji y’Imana ikwiye isi yose, ariko ab’isi ntibashake kuyubaha. Ubwo ni yamahanga yose aba mw’isi. Kuko ihembe canke amahembe, bisobanura ububasha, inganji. Ni vyo umuhereji (umutambyi) Zekariya, se wa Yohani Umubatizi yavuze, mu ndirimbo yiwe y’ubuhanuzi, ati: Umwami Imana ashimwe, Imana y’Abisiraeli, kuko igendeye abantu bayo ikabacungura, kandi iduhagurukirije ihembe ry’agakiza, mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo (Luka 1: 68-69).  Iki gicaniro rero kirasobanura isi, kuko dusoma ahandi ngo: Mbona musi y’igicaniro impwemu z’abishwe babahora ijambo ry’Imana no gushinga intahe bari bafise. Batakambishwa n’ijwi rirenga bati: Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahora abari mw’isi amaraso yacu (Ivyahishuwe 6: 9-10). Muri iyi mirongo ibiri tumaze gusoma, biraboneka ko izi mpwemu zitavugira mw’ijuru, ntizari no ku gicaniro, ariko ngo zari musi y’igicaniro. Biraboneka ko atari impwemu zimaze kugera mu munezero wo mw’ijuru. Kandi noneho mw’ijuru, hazojayo umuntu muzima, umubiri n’impwemu (umubiri n’umutima), nkuko Kristu yagiye, nkuko Mose na Eliya bagiye. ujp4ffnvMusi y’igicaniro ni musi y’ubutaka, mu kuzimu. Ni wabandanya gusoma neza, uraza kubona ukuntu Imana ibandanya kugereranya isi n’ahantu heza ha zahabu: igicaniro canke igikombe ca zahabu, bitewe n’amasengesho y’abera avugirwa muri iyi si nyene.

Tugaruke kuri rya jwi Yohani yumvise riva ku mahembe ane yo ku gicaniro c’izahabu kiri imbere y’Imana. Kuki Bibiliya ivuga ko ayo mahembe ari ane? N’ukuvuga amerekero ane y’iyi si: Mu Buraruko, mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero. Ndamubaza nti: Abo bazanywe no gukor’iki? Aranyishura ati: Ayo niyo mahembe yasabagije Abayuda n’Abisiraeli n’ab’i Yerusaremu, ntihagira n’umwe avyura umutwe, none abo bazanywe no kuyaca ivutu, no gutsinda hasi amahembe y’abanyamahanga, yashize hejuru amahembe yayo, ngo agwanye igihugu c’i Buyuda agisabagize (Zekariya 1: 21). Abayuda mu buhanuzi n’ukuvuga abakristu (soma Abaroma 2: 28-30). Bazoba rero bageramiwe n’abanyavyaha mw’isi yose, ariko Uhoraho azoturwanira. Nico gituma nagushiriyeho iyi shusho y’ikarata y’isi yose ngo ibikwibutse. Vyavuzwe kandi ngo n’igicaniro c’izahabu kiri imbere y’Imana (Ivyahishuwe 9: 13). Mu vy’ukuri, iyo ikintu kiri imbere yawe wama ugikubitizako akajisho. Niko n’iyi si imeze, ibibera muri iyi vyose , Uhoraho arabibona, nta nakimwe twomuhisha. I kuzimu hari mu kuboko kwiwe, kandi impinga z’imisozi miremire nazo n’iziwe. Ikiyaga n’iciwe, niwe yakiremye, intoke ziwe nizo zabumvye imisozi (Zaburi 95: 4-5). Kugira ngo bamenye uhereye i burasirazuba, ukageza i burengerazuba yuko atayindi Mana uretse jewe Uhoraho, kandi nta wundi. Ni jewe nkomoko y’umuco, n’umuremyi w’umuco, nd’isoko y’impore, nd’umuremyi w’ivyago, ni jewe Uhoraho nkora ivyo vyose (Yesaya 45: 6-7). Kandi mu gihe hakiri amasengesho y’abera ava mw’isi, isi iracitwa uruhimbi rwa zahabu. Vyose birangiye, Babuloni imaze kugesezwa, ivyanditswe bihita bivuga ngo: Babuloni ca gisagara gihambaye,  gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisiga bihumanya vyankwa vyose (Ivyahishuwe 18: 2). Ariko imbere y’uko hatikizwa, kuko Uhoraho azoba akirindiriye ko abari yo bose  bumva ijwi ryiwe, bakigira imigambi yo gusohoka canke kugumayo, muri ico gihe, Babuloni ariyo ruvange rw’amahanga yo muri iyi si, izoba icitwa uruhimbi (igicaniro, altari) rw’izahabu canke  igikombe c’izahabu mu kuboko kw’Imana. Niko vyanditswe ngo:  Babuloni cari igikombe c’izahabu mu kuboko kw’Uhoraho, caboreje (casindishije) isi yose: amahanga yanyoye kuri vino yaco (Yeremiya 51: 7)

Twibuke na none ko rya jwi  ribarira umumarayika wa gatandatu afise inzamba riti Bohora  abamarayika bane babohewe kuri rwa ruzi runini Eufrate (Ivyahishuwe 9: 14). Nkuko isi ifise amerekero ane, niko n’aba bamarayika babohewe ku ruzi Eufrate ari bane. Ibi birabibutsa ya nsiguro nabaha mu misi ishize, ivuga ukuntu uruzi Eufrate ruzokama, ko vyasobanura ukuntu amoko n’amahanga n’indimi bizova ku mwungere w’isi yose, azoba yiyemeje kuyobora isi mu binyoma. Na hano nico bivuga. Aba bamarayika bane babohewe ku ruzi runini Eufrate, basobanura igihe kitarashika, kuko isaha n’umusi n’ukwezi n’umwaka vyategekanijwe n’Uhoraho bitaragera. Ni vyashika, amahanga yose. ariyo agereranywa n’amazi y’uruzi runini Eufrate, azikangurira kurwana urugamba atazotsinda rwo kurwanya Imana n’abasavyi bayo. Arambwira ati: Ya mazi wabonye maraya yicarako, ni yo moko n’amakungu y’abantu, n’amahanga n’indimi (Ivyahishuwe 17: 15). Bizoba mu mpande zine z’isi, ku mahanga yose, kandi nta n’isegonda izorenga kuri uwo musi w’urugamba rwategekanijwe n’Uhoraho. Twasomye ngo abo bamarayika bane, bari biteguriwe, iyo saha, n’uwo musi, n’uko kwezi, n’uwo mwaka (Ivyahisahuwe 9: 15).

Havuzwe ko bazica ica gatatu c’abantu, kandi ngo igitigiri c’abo barwanyi cari 200.000. Ibi vyose bivuga ubwinshi bw’abo banyentambara ba kabuhariwe. Kwicara ku mafarasi na kurya kuntu twasomye amafarasi yabo ameze, n’ivyo bambaye, vyose bisobanura ukuntu ico gihe kizoba igihe c’intambara mbi, nico ijambo ry’Imana ryise Haru-Maguedoni mu Vyahishuwe 16: 16.

Mu gusozera iki gice Yohani yavuze ngo:  Abantu batishwe n’ivyo vyago ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga  abadayimoni n’ibigirwamana vy’izahabu n’ivy’ifeza n’ivy’imiringa n’ivy’amabuye n’ivy’ibiti bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda, kandi ntibihana ngo bareke ubwicanyi bwabo, canke uburozi, canke ubushakanyi, canke ubusuma (Ivyahishuwe 9: 20-21). Ba bandi bavuga ko babohowe ku mategeko y’Imana rero, aha hagomba kubaha icigisho. Ibi vyago bazoba bitumbereye neza abantu bica amategeko y’Imana ku manyama, bishimiye inyigisho zindi  canke ubundi bwenge bitagira ishingiro mu gitabo c’Imana.

Mu vyigisho biheruka, (n’ivyigisho biri kuri http://paroissetwihane.unblog.fr)  aho twavuga ku vyerekeye ba bamarayika bazosuka ivyago biva mu nzavya z’izahabu,  haratweretse ko umumarayika wa kane yasutse urwavya rwiwe mu zuba rihabwa kubaburisha abantu umuriro. Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi barogotwa kw’izina ry’Imana, ntibihana ngo bayihimbaze (Ivyahishuwe 16: 8). Ni nako ngo bizogenda mu gihe ubwami bwa ya nyamaswa buzoba bukubiswe n’umwiza uva muri rwa rwavya rwa marayika wa gatanu, naho nyene baravuga ko guhera mu mwiza no kuribwa na vya bisebe bizotuma barogotwa ku Mana nyen’ijuru, kandi ntibazihana ngo bareke ibikorwa vyabo bibi (Ivyahishuwe 16: 11).

Biraboneka rero ko kugeza kw’isaha ya nyuma, ab’isi bazoba bacishimiye ibigirwamana vyabo, basambana, babesha, biba, ndetse kugeza no ku munota wa nyuma. Kuko ijambo rirangiza programu y’ivyago rivuga ngo: Urubura ruhambaye, ibuye ryarwo ripima nk’italanto, rukoragurikira ku bantu ruvuye mw’ijuru: ico cago c’urubura gituma abantu barogotwa ku Mana, kuko icago carwo gikomeye cane (Ivyahishuwe 16: 21).

Navuze ko muri ibi bice bivuga ivyago vya nyuma, ijambo rivuga ngo  »abantu » risobanura abanyavyaha banse gukingurira Yesu imitima yabo. Abandi rero bavugwa nk’  »abera, ivyatsi vyo kw’isi, igiti kibisi,abagurano (imbata) b’Imana, canke abasigaye bo mu ruvyaro rwa wa mugore » ( soma Ivyahishuwe 7: 3, 8:4, 9:4; 12:17, 14: 12).

Nkwifurije kutazitwa umuntu muri iyo misi mibi, kuko umwami Yesu yiteguriye kuguha ivya ngombwa vyose ngo witwe umugurano w’Imana, umusavyi wayo, uwasigaye, kuko wahisemwo kumwegurira umutima  wawe.

N’uko rero noneho abari muri Kristo Yesu, nta rubanza ruzobatsinda (Abaroma 8: 1).

Turahiriwe!

Publié dans:Non classé |on 3 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

UMUVUMO WA MBERE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

 Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090

Imbere yo gutangura iki cigisho, ndashaka kwibutsa abagisoma ko ata mugambi mfise wo gucir’urubanza idini, canke umuntu uwariwe wese. Oya, umugambi n’umwe, N’UKWIGISHA IVYANDITSWE VYERA GUSA

 IMPANDA YA GATANU IZO IZOBA ARI IBARA RYA MBERE (1)

Ndaraba mbona inkukuma iguruka yatiriye ijuru, ivuga n’ijwi rirenga iti Ibara ibara ibara riza kubonwa n’abari mw’isi kubw’ayandi majwi y’inzamba z’abamalayika batatu bahava bavuza (Ivyahishuwe 8: 13)  Ibara rya mbere

Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw’isi ivuye mw’ijuru; ihabga urupfunguzo rw’urusumanyenzi rw’i kuzimu. Yugurura urusumanyenzi rw’i kuzimu rupfundukamw’umwotsi nk’uw’itanure rinini, izuba n,ikirere bicurishwa umwiza n’umwotsi wo mur’urwo rusumanyenzi. Mu mwotsi havamw’inzige zija mw’isi, zihabga ububasha bgo gukora ivyo sikorupiyo zo mw’isi zibasha gukora. Zibgirwa kutagira ico zigira vyatsi vyo kw’isi, cank’ikintu cose kibisi, cank’igiti cose, atarabantu batadomwekw,ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo. Zihabga kutabica, ariko zihabga kubasesereza amezi atanu. Kandi kubabaza kwazo kumeze nk,ukwa sikurupiyo iyo iriye umuntu. Muri iyo misi abantu bazoba barondera urupfu, ariko ntibazorubona na gatoya; bazoba bipfuza gupfa, urupfu rubahunge (Ivyahishuwe 9: 1-6).

Aya majambo ngo   »Umumarayika wa gatanu aravuza, hamwe n’ahandi hose bavuga ivy’umumarayika avuza inzamba, wirinde gushira umutima kuri ya mashusho dukunda kubona y’abantu bafise amababa bita abamarayika. Wibuke gusa ko hari igihe kizogera icago cose kigasukwa nkuko Imana yabishize ku rutonde. Abamarayika b’Imana bazoba bakora ivyo bikorwa niko, ariko n’uno musi ivyo vyose wumva bishika mw’isi, nibo bategekwa kubikora  kugira ngo ababa kw’isi bamenye ko ibikorwa vyiwe ar’ivy’ukuri , kand’inzira ziwe ar’iziroranye, ariko abagendera mu bgibone, ashobora kubacisha bugufi (Danieli 4: 37).

Inyenyeri itibukira mw’isi ivuye kw’ijuru ivugwa hano ni Satani ubwiwe. Yohani si we gusa yabonye ivya Satani akoroka ava kw’ijuru nk’inyenyeri. Yesaya nawe yarayibonye, arabivuga ati: Ewe kuntu ukorotse uvuye kw’ijuru, wa nyenyeri yo mu rubungubungu mwana w’umutwenzi! Ew’ingen’uciwe ugashika hasi, wewe watsind’amahanga! (Yesaya 14: 12). Aha haragoye kwumva no kwemera, kuko Satani ivugwa nk’inyenyeri yaka, ndetse ikitwa inyenyeri yo mu rubungubungu, mu museke, canke mu mutwenzi. Kuko tumenyereye kubona aho abantu bacapa Satani nk’akagabo kabi b’ubuzuru n’uduhembe tubiri, ndetse bamwe bakayiha n’akarizo inyuma… Yamara siko biri, Satani n’akantu keza k’intore, kandi n’iyo ije guhenda abantu yihisha mu tuntu twiza. Yesu nawe ngo yarayibonye ikoroka iva kw’ijuru,

  UMUVUMO WA MBERE UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE

aragira ati: Nabonye Satani akoroka avuye mw’ijuru, akoroka nk’umuravyo (Luka 10: 18)

Twasomye ngo iyo nyenyeri imaze gukoroka ihanga urupfunguzo rw’urusumanyenzi. rw’i kuzimu. Har’ahantu habohewe ingabo za Shitani, abo twita abadayimoni kenshi, ku buryo badashobora gukora ibibi vyose bipfuriza abari mw’isi, kuko igihe Imana yashinze kitaragera (a). Urwo rusumanyenzi wewe na jewe tutazi aho ruherereye ruzopfungurwa. Handitswe ngo: Yugurura urusumanyenzi rw’ikuzimu, rupfundukamwo umwotsi nk’uw’itanure rinini » Ivyahishuwe 9:2. Iyo umuntu yafatiwe mu mwotsi mubi ntashobora guhema. Kandi umwotsi uva mu matanure yo mumahinguriro ukunze kugera mu kirere ugahita wirabura.

  umwotsi upfunduka uva mw’itanure ryo mw’ihinguriro

Uyu mwotsi usobanurwa za miliyaridi n’imiliyaridi z’abadayimoni zizorungikwa muri iyi si, kw’itegeko rya Luciferi, kugirango zivugire mu bantu b’abanyavyaha. Na zo nyene ubwazo zizihindura abantu, ku buryo ijambo ry’Imana rizugaranwa rwose, isi ntizoba igishobora guhumeka (guhema). Kuko burya iyo umuntu canke igikoko kitagihema kiba capfuye. Uguhumeka canke guhema kw’iyi si n’ukuba igifise amasigarira yubaha Imana. Aya masigarira ni yo ashobora guhangana n’abajura, n’abasambanyi, n’abarozi, n’ababeshi, akavuga ati:  Ubugingo bwanje bukidundega, impwemu z’Imana zikiri mu mazuru yanje, n’ukuri iminwa yanje ntizovuga ivyo kugabitanya… Ntibikabeho yuko nobemerera ngo muvuze ibiroranye, kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku gutungana kwanje (Yobu 27: 3-5). Iyi si yacu izoba ikeneye abantu b’Imana bahagarara bashikamye imbere y’uruvyaro rwa Satani kugeza ku gihe c’iyo nzamba (iyo mpanda) ya gatanu. Kuko imaze kuvuga, amahoro azoba akuwe mw’isi, nta kwihana kuzoba kukihari, abadayimoni bazoba bakora ivya mfura mbi ku batuye mw’isi. Nico twita mu yandi majambo ukurangira kw’imbabazi z’Imana.

Mwirinde ababigisha ko imbabazi z’Imana zihoraho ku bana b’abantu. Imana yavuze ngo: mpora abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka, nkagirira ikigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi ( Kuvayo 20: 5-6). N’uko rero, tumenye ko imbabazi z’Imana zihoraho igihe cose, ariko ku bitondera amategeko yayo (ivyagezwe vyayo) gusa. Niko biri: Nta mahoro ku banyakibi, nikw’Imana yanje igize (Yesaya 57: 21). Inzira irora ku ntebe y’imbabazi rero izopfungwa vuba. Ndasaba ngo ibi muvyumve neza kandi muvyiteho mu masengesho yanyu. Bene Data, ni mwirinde ntihagire uwo muri mwebwe agira umutima mubi utizera, umutera kurek’Imana nzima. Ariko muhanurane uko bukeye bicitwa uyu musi, ntihakagire uwo muri mwebwe akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha (Abaheburayo 3: 12-13)

Mu mwotsi ngo havuye mw’inzige ziva mw’isi zihabwa ububasha bwo gukora ivyo sikorupiyo zo kwisi zibasha gukora.

Ishusho ya sikorupiyo

Inzige zisobanura igihe c’amapfa. Kuko inzige zirya ibiterwa vyose vyo mu ndimiro. Indimiro y’Imana ni twebwe (1Abakorinto 3: 9). Imbuto zizoba zaratewe mu bantu b’Imana zizoba zareze zigeze gusarurwa, izisigaye zanse kwera ziribwe n’inzige. Inzige ni ba badayimoni bazocika abantu, bavanze n’abantu buntu bazoba bariko barakora amabi adashobotse kubera ivyago bizoba biriko birabasarisha. Icerekana ko izi nzige zisobanurwa ngo: abakozi ba satani n’iri jambo ngo: Zibgirwa kutagira ici zigira ivyatsi, canke intu cose kibisi, canke igiti cose… (Ivyahishuwe 9: 4). Urabonako ar’abantu bazoba bayobowe n’umutware wabo azobaha amategeko bagomba kugenderako.

uruzige

Ivyatsi, ikintu cose kibisi, canke igiti, bisobanurwa ngo abantu b’Imana, abakuru n’abato, n’abayobozi bayoboye neza ubwoko bw’Uhoraho kugeza muri ico gihe c’ukurangira kw’imbabazi: Ni murabe neza uyu murongo wa kane, uraduha urugero rwiza akarorero keza kw’ukuntu bizoba bimeze. Hazoba hari abantu  b’Imana bazoba barokotse bakingiwe na marayika, ku buryo na Satani atazatinyuka kubakoraho. Bivugwa ngo: Zihabga kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw’isi, canke ikintu cose kibisi, canke igiti cose, atar’abantu batadomweko ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo (Ivyahishuwe 9: 4)

Ivyo ngira ngo mvuge, ndasaba Imana ngo ntibikurakaze, ah’ubwo: Abo nkunda bose ndabakankamira, kandi nkabakangira, n’uko gir’umwete wihane (Ivyahishuwe 3: 19). Ikimenyetso c’Imana kidomwa mu ruhanga gisobanurwa ngo kwemera no kweza isabato y’Imana nkuko bisabwa mw’ijambo ryayo ngo: mweze amasabato yanje, abe ikimenyetso hagati yanje namwe (Ezekiyeli 20: 20).Umuhanuzi Ezekiyeli yeretswe ibi kandi yumva n’aya majambo ngoijisho ryanyu ntirigire uwo riziguriza, ntihagire n’uwo mugirir’akagongwe; mwice mutikize umutama n’umusore, n’umwigeme n’abana bato n’abagore, ariko ntihagire umuntu n’umwe mwegera mu barikw’ico kimenyetso, kandi muhere ku rusengero rwanje rwera. (Ezekiyeli 9:6).

Muri iyo misi, hazoba hageze aho abahisemwo gukurikira amategeko y’abantu batandukanywa neza n’abahisemwo amategeko y’Imana. Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu (Ivyakozwe n’intumwa 5: 29). Tubaye turashira ku ruhande ubujambojambo bwose buvugwa bwo gushigikira umusi wa mbere w’indwi (dimanche), ndashaka kubibutsa ko uyo musi uboneka mu mategeko y’Ekleziya gatorika, ariko si mu mategeko cumi y’Imana. Bo bavuga ngo: Uhimbaze umusi w’Imana n’imisi mikuru itegerezwa. Wumve imisa ku misi y’Imana no ku misi mikuru itegerezwa n’ayandi…. Ariko itegeko ry’Imana rizwi mw’Isezerano rya kera no muri rishasha, n’iri ngo: Wibuke kandi kweza umusi w’isabato (Kuvayo 20: 8). Soma Bibiliya yawe kugeza ku murongo wa 11. Wongere usome mw’isezerano rishasha, muri Luka 23: 54-56 n’Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13-15).

(Imbere yo kubandanya iki cigisho ndashaka kubibutsa ko umugambi wanje atar’uwo gucir’urubanza idini canke umuntu uwariwe wese, ariko umugambi wanje n’umwe: N’UKWIGISHA IVYANDITSWE VYERA GUSA.)

Ivyago rero twariko turavuga, bizoterwa n’ukumvira abo badayimoni rero ni kwa guseserezwa n’uburibwe bw’imboyi zazo, Kuko  birasobanutse neza ivy’ico cago mu Vyahishuwe 16: 2 ngo: asuka urwavya rwiwe kw’isi, abantu bafise ikimemyetso ca ca gikoko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi (Ivyahishuwe 16: 2). Ibi bisebe ngo bizobamarako amezi atanu, canke imisi ijana na mirongw’itanu…  Turabwirwa ko gushika muri ico gihe, idini rya ca gikoko canke ya nyamaswa rizoba rigihanyanyaza, rihatira abantu gusenga, kuko ivyago bizoba ar’urudubi.: Ngo bizokurikirana abantu bafise ikimenyetso ca cagikoko kandi bagasenga ikimenyetso caco (Ivyahishuwe 16: 2). Muri iyo misi abantu bazoba barondera gupfa, ariko ntibazobona urupfu, bazoba bipfuza gupfa, urupfu rubahunge (Ivyahishuwe 9:6). Bizoba bikomeye, ngo n’urupfu ntirozoshobora kurya umuntu mur’ayo mezi. Mbeg’ivyago!

Mu mirongo ikurikiye turabonako ar’abantu Imana yita inzige bazoba bahenda abandi bitwaje mbere ibirwanisho bikaze kuko bazoba bibaza ko bashobora kugwanya ubwoko bw’Imana no kurasa Yesu ni yaboneka ku bicu. Akarimi keza k’abo bantu niko kagereranywa n’ubgoya bumeze nk,imishatsi y’abagore. 

 

abasirikare b’abagore

Kuko mu mico y’abantu benshi, imishatsi y’abagore irafise uruhare runini mu bibagira beza, ku buryo bashobora no kureka imirimo bariko barayikorera isuku ry’umwihariko, kandi bikabatwara amahera menshi. Umurongo rero uvugango:  Kandi zari zifise ubgoya bumeze nk’umushatsi w’abagore, amenyo yazo yari nk’ay’intambwe. N’ukuvuga ngo bazoboneka nk’abagiraneza, ariko ar’abanyakibi bakabuhariwe. Imirongo yindi yo muri ico gice ca cenda (7-11). Yerekana neza ko ar’abazoba bitwaje ibirwanisho bibaza ngo bazotsinda Umwana w’Imana. Reka tuyisome: Kandi ishusho y’izo nzige yasa n’iy’amafarashi yiteguriye intambara, zari zambaye mu mitwe nk’ibitsibo bisa n’izahabu,mu maso hazo hasa n’ah,abantu. Kandi zari zifise ubwoya bumeze nk’umushatsi w’abagore, amenyo yazo yari nk’ay’intambwe (Ivyahishuwe 9: 7-8). Kugeza ngaha, izi nzige zisa naho zigereranywa n’inteko za gisirikare zigizwe n’abagore. Ibitsibo canke ingori za zahabu, navyo nyene, mu bihugu vyinshi, har’ukuntu abakobwa b’inkumi n’abagore bakiri bato bakunda kwigira beza, batega urugori  hejuru y’uruhanga rwabo ku mishatsi,  kenshi ziba ari ingori z’igiciro kinini.

 

Bituma aboneka neza cane mu bandi, akagira uburanga (ubwiza). Ikibabaje rero n’uko ngo amenyo azoba asa n’y'intambwe. Nico gisobanura ko abo bantu bazogarara nk’abazotabara ababa mw’isi, ariko bazoba ar’abanyavyaha nk’uko nabivuze ngaho hejuru. Dukomeze:  Kandi zari zifise ibikingira ibikiriza, bimeze nk’ivyuma, guhinda kw’amababa yazo, kwari kumeze nk’uguhinda kw’imikogote ikwegwa n’amafarasi menshi yiruka ija mu ntambara. Kandi zari zifise imirizo nk’iya sikorupiyo, n’imboyi, kandi mu mirizo yazo niho ni ho harimwo ubushobozi bwo gusesereza abantu amezi atanu (Ivyahishuwe 9: 9-10)

Ibuka ibigwanisho vy’intambara uzi muri iki gihe. Burya vyinshi vyacuriwe kuzokora akazi kuri wa musi, naho nyene na bene vyo babitunze batabizi. Ego, ntibazi iryo banga, mugabo babaho mu vyaha gusa. Satani rero azobagira ibikoresho.

Wabonye ko ubuhanga, bw’abo bagwanyi, n’ivyotsi bizoterwa n’ibisasu vyaba, za bombe, n’ibindi ari vyo bizovamwo vya bisebe.  Mu mirizo yazo n’ukuvuga mu birindi vy’imbunda, canke ahantu havyo ho kubika amasasu n’ubundi bumara.

Inkuru nziza muri ivyo vyose n’iyi: Abo bazorwanya Umwagazi w’Imana, uwo Mwagazi azobanesha,kuko ariwe agaza abaganza n’Umwami w’abami, kandi n’abari kumwe nawe, bahamagawe, batoranijwe, bayobotse, nabo bazobanesha (Ivyahishuwe 17: 14).

Izo ngabo ari zo nzige ngo: Zifise  umwami wazo, niwe, mumarayika w’ikuzimu,mu Giheburayo yitwa Abadoni, mu kigiriki yitwa Apoluwoni. Apoluwoni n’ukuvuga Ruhonyanganda (Kirimbuzi).

Ibara rya mbere riraheze, eh’ukundi kubona ibara kubiri guhava kuza hanyuma (Ivyahishuwe 9: 11-12).

Ibi vyago, wewe muntu w’Imana, si wewe biraba. Uzoshikamishwa no kugororoka, uguhahahazwa kuzokuba kure, ntaco uzotinya; bo n’ibitey,ubwoba, kuko bitazokwegera. Ni hagira abagutera, sijewe nzoba mbagomoye; abazogutera bose bazohindikirana imbere yawe. Ehe ni jewe ndema umucuzi avuguta amakara, agakuramw’ico kurwanisha kubg’ubuhanga bwiwe; ariko kandi naremye umuranduzi wo kugeseza nawe. Ntaco kurwanisha bacuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ururimi rwose ruzoguhagurukira kukuburanya uzorutsinda. Ivyo nivyo  ragi ry’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kandi uko ni ko kugororoka kwabo gukomoka kuri jewe; ni jewe Uhoraho mbivuze (Yesaya 54: 14-17). Ariko usabwe na none kwihangana ugakomeza inzira imwe y’agakiza. Kuko hasigaye igihe gito cane, kandi ugira aze azoza, ntazoteba. Ariko umugororotsi wanje, azobeshwaho n’ukwizera, naho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje. Ariko tweho ntitur,abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa (Abaheburayo 10: 37-39). 

Iki cigisho cerekeye umuvumo wa mbere kiracabandanya

Publié dans:Non classé |on 3 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

Notre mariage - Il nostro m... |
CANTERBURY T@LES |
WALKING WITH GOD'S MUSICIAN... |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | MOUSTARCHIDINE
| Blog du niveau intermédiaire
| Gregmontres