IJAMBO RY’IMANA RYO MURI IKI GITONDO

Kuva mur’iki gitondo gushitsa ku mugoroba, Ijambo ry’Imana rirakubwira ngo:

Ariko nzogusigazamwo abaciye bugufi na ba nyarucari,

abo nibo bazokwizigira izina ry’Uhoraho (Zefaniya 3: 12)

IJAMBO RY'IMANA RYO MURI IKI GITONDO edd727

Ntiwumvirize Satani aguter’ubwoba akwereka ingorane n’amakuba akuraririye. Humura, gir’umwete wihangane, Wambaze umwami Yes’arakwishura! Kuko ubukene s’umuvumo! Iyo ubukene bwawe ubwitwayemwo neza, buguhindukiramwo umugisha mu maso y’Imana!

 Arazi ko ur’umunyantege nke. Arashimishwa n’uko umwituye rwose uyu musi, kandi yaravuze ati:

Impahazwa n’abakene barondera amazi bakayabura, jewe Uhoraho nzobishura, jewe Imana y’Abisirayeli sinzobaheba.  Sinzirukana uwuje i wanje (Yesaya 41: 17 (Yohani 6: 37)

Iman’iguhe ihumure riva ku ntebe yayo y’imbabazi!

Gir’umwete wo kuza gusoma ijambo ry’Imana hano, imisi yose, kandi wereke n’abandi aha hantu baze gusoma amajambo y’ihumure ava ku Mana!

Ushaka kudusigira akajambo, fyonda aho handitswe ngo pas de commentaires, canke ngo commentaires

Publié dans : Non classé |le 2 décembre, 2010 |1 Commentaire »

Vous pouvez laisser une réponse.

1 Commentaire Commenter.

  1. le 16 avril, 2011 à 15:10 alex écrit:

    murakoze cyane

Laisser un commentaire

Notre mariage - Il nostro m... |
CANTERBURY T@LES |
WALKING WITH GOD'S MUSICIAN... |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | MOUSTARCHIDINE
| Blog du niveau intermédiaire
| Gregmontres