NI WATURISHA AKANWA KAWE YUKO YESU AR’UMWAMI… (Abaroma10: 9).

Kuko ni waturisha akanwa kawe yuko Yesu ar’umwami, ukizera mu mutima wawe yukw’Imana yamuzuye, imukuye mu bapfuye, uzokizwa. Kuko umutima ariwo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka, kand’akanwa akaba ariko yaturisha, akaronka agakiza (Abaroma 10: 9-10)

Umus’umwe nariko ndaja mw’iteraniro ryo gusenga ndi kumwe na mwene Data wundi, noneho nca mw’isoko hagati, kuko inzira niho yaca. Noneho mbona haje umugabo n’umugore baduhagarara imbere, umugabo atangura kumbwira ngo: Vuga uti: Yesu n’Umwami. Wa mugore nawe abwira uwo twari kumwe, ngo nawe vuga uti: Yesu n’Umwami. Twababwiye tuti: Ego turazi ko Yes’ar’umwami, ariko muri bande mutaturamukije ngo mutwidondore? Wa mugabo yaciye avuga ngo nta ngorane, naho tutabaramukije ngo twidondore, kazima mukijijwe. Noneho ndababaza nti dukijijwe gute? Bati kubera ko mumaze kuvuga ko Yes’ar’Umwami. Umusore twari kumwe ati reka twigendere ntiducererwe mu materaniro yacu! Ubwo turagenda abandi nabo barakomeza!

Ariko ivyo bintu vyanteye kwibaza cane: N’ivy’ukuri koko, Paulo yashatse kuvuga ko gupfa kuvuga ngo Yesu n’umwami ko arivyo bizana agakiza? Reka dusubiremwo dusome uwu murongo wo mu Baroma 10: 9: Kuko ni waturisha akanwa kawe yuko Yesu ar’Umwami, ukizera mu mutima wawe yukw’Imana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa. Ngira ngo umuntu wese asoma aya majambo, arabona ko kubivuga gusa ngo Yesu n’umwami atari vyo bikiza. Birasabako wizera mu mutima wawe. N’ukuvuga ko ugomba kugira ukwemera kudakekeranya. Ukwemera canke ukwizera nyabaki? N’ukwizera ko Imana yamuzuye, imukuye mu bapfuye. Abapfuye ivuga n’abahe? Abapfuye n’ukuvuga abanyavyaha bapfuye bizera Imana, abari bazima bizer’Imana ku bwa Yesu, n’abazovuka hanyuma bakemera ako gakiza kava muri Yesu. Kuko imbere y’uko tumenya agakiza kava muri Kristu, twese tuba turi abapfu:NI WATURISHA AKANWA KAWE YUKO YESU AR'UMWAMI... (Abaroma10: 9). resurrection%202 Namwe yabagize bazima, hamwe mwari mugipfuye mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu. Ariko Imana kuko ar’umutunzi w’ikigongwe, kubw’urukundo rwayo rwinshi yadukunze, hamwe twari tugifuye twishwe n’ibicumuro vyacu, yatugiranye bazima na Kristu-ubuntu nibwo bwabakijije- (Abanyefeso 2: 1, 4-5)

Ikibazo gikomeye dukwiye kwibaza n’iki? N’ibihe bicumuro canke ivyaha vyatumye twitwa abapfuye mu maso y’Imana? Raba ibisubizo:Icaha kiba gifuye, ivyagezwe bitariho. Tuvuge mu kirundi ca kino gihe ngo: Igicumuro ntigishobora kubaho ata tegeko rihari (Abaroma 7: 8). N’ukuvuga ko kwizera mu mutima wawe ko Imana yazuye Kristu imukuye mu bapfuye, ariko kwizera neza ko Kristu yapfuye urwo umunyavyaha akwiriye gupfa, n’ukuvuga  rwa rupfu ruvugwa mu Vyanditswe Vyera ngo:Ariko ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi,n’abashakanyi n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, nico rupfu rwa kabiri (Ivyahishuwe 21: 8). Kristu yapfuye urwo jewe na wewe twopfuye. Inkoni yakubiswe n’imisumari bamutobaguje si vyo vyamubabaza cane, ah’ubwo yababaye ububabare bwose twese twobabaye imvyaka yose, kure y’inyonga z’Imana. Nico arya majambo avuga ngo: Mana yanje, Mana yanje, wampebeshejwe n’iki? (Zaburi 22: 1, Matayo 27: 46). Ariko kubera ko we ata caha yarafise, Imana yamuzuye mu bapfuye, kugirango jewe nawe, turonke ubugingo, naho nyene tur’abapfu, ngo tubone gushima Imana natwe muri Yesu-Kristu. Muri Kristu niho turi bazima, ariko kugendera kure ya Kristu n’ukugendera mu rupfu.

N’uko rero iyo imbuto y’Imana yatewe mu bugingo bwacu, ishinga imizi mu mitima yacu, maze amajambo tuvuga yose akaba ayo gushima Imana ku bwa Yesu-Kristu, umukiza wacu. Ariko ubushakanyi (ugusambana) n’ibihumanya vyose cank’ukwipfuza, ntimukabishire mu kanwa, mube nkuko bibereye abera: canke ibitey’isoni, canke amajambo y’ubupfu, canke ibitwenza bibi; kuko ivyo bitabereye; ikibereye n’ugushima Imana. Kuko ibi mubizi neza,yuko ata musambanyi, canke igihumane, canke uwipfuza-niwe asenga ibigirwamana- azogira ico aragwa mu bwami bwa Kristu n’Imana (Abanyefeso 5: 3-5). Kuko hariho abantu bigira abakristu ataribo, bakatura mu kanwa kabo ko Yesu ar’umwami, bakabiririmba, ariko mu bugingo bwabo bakagendera mu vyaha, bakabona ko guheba ivyaha vyabo kwoba ar’uguhomba. Abantu nkabo ntibashobora gukizwa n’uko batuye ko Yesu ar’umukiza, kuko ivyo baba bavuga  binyuranye n’ibiri mu mitima yabo. Muvuge kandi mukore nk’abagira bacirwe urubanza n’amategeko azana umwidegemvyo (Yakobo 2: 12). Ibiri mu mitima yabo bibonwa n’Imana, ibiva mu kanwa kabo navyo vyumvwa n’abantu, kandi n’ibikorwa vyabo biragaragara mu maso y’abantu. arton21219-76edfNi vyiza rero kw’ivy’Imana itubonamwo bihura n’ivyo abantu batubonamwo, canke ivyo abantu bumwa bituva mu kanwa. Kuko Imana ni yo nkuru gusumba abantu, yo irabona mu mitima, irabona n’ivyo uriko urakora, ikumva n’ivyo uriko uravuga. Gukizwa rero s’ugupfa kuvuga ngo Yesu n’umwami, biragusaba ko uboneka nk’umuntu w’Imana nyene imbere yayo, imbere y’abamarayika n’imbere y’abantu. Intumwa Paulo aravuga ati: Tubabaye gukor’ivyiza, si mu nyonga z’Umwami wacu gusa, ariko no mu maso y’abantu (Abakorinto 8: 21). Erega, ni wakura ugutwaz’igitugu muri wewe, no gutung’abandi urutoke, n’ibiyago bibi, ugahebera umushonji ivyo wari kurya, ugahaza impahazwa, umuco wawe uzorasira mu mwiza, kandi umwiza wawe uzohinduka nku ku murango w’amashoka (Yesaya 58: 9-10) Raba kuri iyo foto ukuntu abo bantu bihutira kugirira nabi uyo muntu. Burya wosanga benshi ar’abakristu babatijwe.  Iyo bigenze gurtyo, niho umuntu ashobora kwatura ko Yesu ar’umwami, kuko biba bivuye mu kwizera nyakuri atari ku munwa gusa.

Iman igufashe rero, kugirango ukwizera kwawe gukomere, maze ivyo uvuga bijane n’ivyo ukora, kandi ivyo ukora ubikore bivuye ku mutima wizera utagiramwo ubuhemu mu maso y’Imana, ku bwa Yesu-Kristu, Umwami wacu. Amen.

Publié dans : ||le 28 novembre, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Notre mariage - Il nostro m... |
CANTERBURY T@LES |
WALKING WITH GOD'S MUSICIAN... |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | MOUSTARCHIDINE
| Blog du niveau intermédiaire
| Gregmontres