UMUVUMO WA KABIRI UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

 Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090

INZAMBA YA GATANDATU

Ibara rya kabiri

Ibara rya mbere riraheze, eh’ukundi kubon’ibara kubiri guhava kuza hanyuma. Umumarayika wa gatandatu aravuza: Numva ijwi riva ku mahembe ane y’igicaniro c’izahabu kiri imbere y’Imana, ribarira umumwarayika wa gatandatu afise inzamba riti,  Bohora abamrayika bane babohewe ku ruzi Eufrate. Abo bamarayika bane bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi, n’uko kwezi, n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu.  Igitigiri c’abagwanira ku mafarasi cari ibihumbi amajana abiri: igitigiri cabo naracumvise. Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari,  bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikingira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku. Iminwa y’ayo mafarasi yari nk’iy’intambwe, mu kanwa kayo havamwo umwotsi umuriro n’umwotsi n’amazuku. Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw’ari bitatu:umuriro n’umwotsi n’amazuku bivuye mu kanwa kayo. Kuko ububasha  bwayo mafarasi buri mu kanwa kayo no mu mirizo yayo, kuko imirizo yayo imeze n’inzoka, nayo iri n’imitwe, niyo aryanisha.

Abantu barokotse batishwe n’ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni n’ibigirwamana vUMUVUMO WA KABIRI UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE PQRM000Zy’izahabu n’ivy’ifeza, n’ivy’imiringa n’ivy’amabuye, n’ivy’ibiti bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda; kandi ntibihana ngo bareke ubwicanyti bwabo, canke uburozi, canke ubushakanyi, canke ubusuma (Ivyahishuwe 9: 12-21).

Kugira ngo iki cigisho cumvikane neza, ukwiriye kubanza gusoma icigisho  cakibanjirije citwa  »UMUVUMO WA KABIRI UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE ». Urahasangamwo ibara rya mbere. Nico gituma iki cigisho cacu gitanguye kivuga kiti: Ibara rya mbere riraheze, eh’ukundi kubona ibara kubiri kugiye kuza. Mu vyigisho bigiye kuza rero, uze wame wibuka ko birangwa n’ivyago vyigabanije mwo kubiri. Icago tugiye kwiga kijanye n’inzamba y’umumarayika wa gatandatu, kizoba kije nko kuruhura abantu bazoba bamaze amezi atanu bababazwa na ca cago Bibiliya igereranya n’ugukomorwa na sikorupiyo. Ijambo ngo  »abantu » muri ibi bice vya nyuma, ntirisobanura abari mw’isi bose. Rivuga abanyavyaha bazoba batigeze bakingurira Yesu imitima yabo. Iri jambo turarigarukako mu gusozera iki cigisho.

Yohani rero ati: Numva ijwi riva ku mahembe ane y’igicaniro c’izahabu riti Bohora abamarayika bane babohewe ku ruzi runini Eufrate. Iki gicaniro (uruhimbi canke altari) c’amahembe ane, gisobanura inganji y’Imana ikwiye isi yose, ariko ab’isi ntibashake kuyubaha. Ubwo ni yamahanga yose aba mw’isi. Kuko ihembe canke amahembe, bisobanura ububasha, inganji. Ni vyo umuhereji (umutambyi) Zekariya, se wa Yohani Umubatizi yavuze, mu ndirimbo yiwe y’ubuhanuzi, ati: Umwami Imana ashimwe, Imana y’Abisiraeli, kuko igendeye abantu bayo ikabacungura, kandi iduhagurukirije ihembe ry’agakiza, mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo (Luka 1: 68-69).  Iki gicaniro rero kirasobanura isi, kuko dusoma ahandi ngo: Mbona musi y’igicaniro impwemu z’abishwe babahora ijambo ry’Imana no gushinga intahe bari bafise. Batakambishwa n’ijwi rirenga bati: Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahora abari mw’isi amaraso yacu (Ivyahishuwe 6: 9-10). Muri iyi mirongo ibiri tumaze gusoma, biraboneka ko izi mpwemu zitavugira mw’ijuru, ntizari no ku gicaniro, ariko ngo zari musi y’igicaniro. Biraboneka ko atari impwemu zimaze kugera mu munezero wo mw’ijuru. Kandi noneho mw’ijuru, hazojayo umuntu muzima, umubiri n’impwemu (umubiri n’umutima), nkuko Kristu yagiye, nkuko Mose na Eliya bagiye. ujp4ffnvMusi y’igicaniro ni musi y’ubutaka, mu kuzimu. Ni wabandanya gusoma neza, uraza kubona ukuntu Imana ibandanya kugereranya isi n’ahantu heza ha zahabu: igicaniro canke igikombe ca zahabu, bitewe n’amasengesho y’abera avugirwa muri iyi si nyene.

Tugaruke kuri rya jwi Yohani yumvise riva ku mahembe ane yo ku gicaniro c’izahabu kiri imbere y’Imana. Kuki Bibiliya ivuga ko ayo mahembe ari ane? N’ukuvuga amerekero ane y’iyi si: Mu Buraruko, mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero. Ndamubaza nti: Abo bazanywe no gukor’iki? Aranyishura ati: Ayo niyo mahembe yasabagije Abayuda n’Abisiraeli n’ab’i Yerusaremu, ntihagira n’umwe avyura umutwe, none abo bazanywe no kuyaca ivutu, no gutsinda hasi amahembe y’abanyamahanga, yashize hejuru amahembe yayo, ngo agwanye igihugu c’i Buyuda agisabagize (Zekariya 1: 21). Abayuda mu buhanuzi n’ukuvuga abakristu (soma Abaroma 2: 28-30). Bazoba rero bageramiwe n’abanyavyaha mw’isi yose, ariko Uhoraho azoturwanira. Nico gituma nagushiriyeho iyi shusho y’ikarata y’isi yose ngo ibikwibutse. Vyavuzwe kandi ngo n’igicaniro c’izahabu kiri imbere y’Imana (Ivyahishuwe 9: 13). Mu vy’ukuri, iyo ikintu kiri imbere yawe wama ugikubitizako akajisho. Niko n’iyi si imeze, ibibera muri iyi vyose , Uhoraho arabibona, nta nakimwe twomuhisha. I kuzimu hari mu kuboko kwiwe, kandi impinga z’imisozi miremire nazo n’iziwe. Ikiyaga n’iciwe, niwe yakiremye, intoke ziwe nizo zabumvye imisozi (Zaburi 95: 4-5). Kugira ngo bamenye uhereye i burasirazuba, ukageza i burengerazuba yuko atayindi Mana uretse jewe Uhoraho, kandi nta wundi. Ni jewe nkomoko y’umuco, n’umuremyi w’umuco, nd’isoko y’impore, nd’umuremyi w’ivyago, ni jewe Uhoraho nkora ivyo vyose (Yesaya 45: 6-7). Kandi mu gihe hakiri amasengesho y’abera ava mw’isi, isi iracitwa uruhimbi rwa zahabu. Vyose birangiye, Babuloni imaze kugesezwa, ivyanditswe bihita bivuga ngo: Babuloni ca gisagara gihambaye,  gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisiga bihumanya vyankwa vyose (Ivyahishuwe 18: 2). Ariko imbere y’uko hatikizwa, kuko Uhoraho azoba akirindiriye ko abari yo bose  bumva ijwi ryiwe, bakigira imigambi yo gusohoka canke kugumayo, muri ico gihe, Babuloni ariyo ruvange rw’amahanga yo muri iyi si, izoba icitwa uruhimbi (igicaniro, altari) rw’izahabu canke  igikombe c’izahabu mu kuboko kw’Imana. Niko vyanditswe ngo:  Babuloni cari igikombe c’izahabu mu kuboko kw’Uhoraho, caboreje (casindishije) isi yose: amahanga yanyoye kuri vino yaco (Yeremiya 51: 7)

Twibuke na none ko rya jwi  ribarira umumarayika wa gatandatu afise inzamba riti Bohora  abamarayika bane babohewe kuri rwa ruzi runini Eufrate (Ivyahishuwe 9: 14). Nkuko isi ifise amerekero ane, niko n’aba bamarayika babohewe ku ruzi Eufrate ari bane. Ibi birabibutsa ya nsiguro nabaha mu misi ishize, ivuga ukuntu uruzi Eufrate ruzokama, ko vyasobanura ukuntu amoko n’amahanga n’indimi bizova ku mwungere w’isi yose, azoba yiyemeje kuyobora isi mu binyoma. Na hano nico bivuga. Aba bamarayika bane babohewe ku ruzi runini Eufrate, basobanura igihe kitarashika, kuko isaha n’umusi n’ukwezi n’umwaka vyategekanijwe n’Uhoraho bitaragera. Ni vyashika, amahanga yose. ariyo agereranywa n’amazi y’uruzi runini Eufrate, azikangurira kurwana urugamba atazotsinda rwo kurwanya Imana n’abasavyi bayo. Arambwira ati: Ya mazi wabonye maraya yicarako, ni yo moko n’amakungu y’abantu, n’amahanga n’indimi (Ivyahishuwe 17: 15). Bizoba mu mpande zine z’isi, ku mahanga yose, kandi nta n’isegonda izorenga kuri uwo musi w’urugamba rwategekanijwe n’Uhoraho. Twasomye ngo abo bamarayika bane, bari biteguriwe, iyo saha, n’uwo musi, n’uko kwezi, n’uwo mwaka (Ivyahisahuwe 9: 15).

Havuzwe ko bazica ica gatatu c’abantu, kandi ngo igitigiri c’abo barwanyi cari 200.000. Ibi vyose bivuga ubwinshi bw’abo banyentambara ba kabuhariwe. Kwicara ku mafarasi na kurya kuntu twasomye amafarasi yabo ameze, n’ivyo bambaye, vyose bisobanura ukuntu ico gihe kizoba igihe c’intambara mbi, nico ijambo ry’Imana ryise Haru-Maguedoni mu Vyahishuwe 16: 16.

Mu gusozera iki gice Yohani yavuze ngo:  Abantu batishwe n’ivyo vyago ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga  abadayimoni n’ibigirwamana vy’izahabu n’ivy’ifeza n’ivy’imiringa n’ivy’amabuye n’ivy’ibiti bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda, kandi ntibihana ngo bareke ubwicanyi bwabo, canke uburozi, canke ubushakanyi, canke ubusuma (Ivyahishuwe 9: 20-21). Ba bandi bavuga ko babohowe ku mategeko y’Imana rero, aha hagomba kubaha icigisho. Ibi vyago bazoba bitumbereye neza abantu bica amategeko y’Imana ku manyama, bishimiye inyigisho zindi  canke ubundi bwenge bitagira ishingiro mu gitabo c’Imana.

Mu vyigisho biheruka, (n’ivyigisho biri kuri http://paroissetwihane.unblog.fr)  aho twavuga ku vyerekeye ba bamarayika bazosuka ivyago biva mu nzavya z’izahabu,  haratweretse ko umumarayika wa kane yasutse urwavya rwiwe mu zuba rihabwa kubaburisha abantu umuriro. Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi barogotwa kw’izina ry’Imana, ntibihana ngo bayihimbaze (Ivyahishuwe 16: 8). Ni nako ngo bizogenda mu gihe ubwami bwa ya nyamaswa buzoba bukubiswe n’umwiza uva muri rwa rwavya rwa marayika wa gatanu, naho nyene baravuga ko guhera mu mwiza no kuribwa na vya bisebe bizotuma barogotwa ku Mana nyen’ijuru, kandi ntibazihana ngo bareke ibikorwa vyabo bibi (Ivyahishuwe 16: 11).

Biraboneka rero ko kugeza kw’isaha ya nyuma, ab’isi bazoba bacishimiye ibigirwamana vyabo, basambana, babesha, biba, ndetse kugeza no ku munota wa nyuma. Kuko ijambo rirangiza programu y’ivyago rivuga ngo: Urubura ruhambaye, ibuye ryarwo ripima nk’italanto, rukoragurikira ku bantu ruvuye mw’ijuru: ico cago c’urubura gituma abantu barogotwa ku Mana, kuko icago carwo gikomeye cane (Ivyahishuwe 16: 21).

Navuze ko muri ibi bice bivuga ivyago vya nyuma, ijambo rivuga ngo  »abantu » risobanura abanyavyaha banse gukingurira Yesu imitima yabo. Abandi rero bavugwa nk’  »abera, ivyatsi vyo kw’isi, igiti kibisi,abagurano (imbata) b’Imana, canke abasigaye bo mu ruvyaro rwa wa mugore » ( soma Ivyahishuwe 7: 3, 8:4, 9:4; 12:17, 14: 12).

Nkwifurije kutazitwa umuntu muri iyo misi mibi, kuko umwami Yesu yiteguriye kuguha ivya ngombwa vyose ngo witwe umugurano w’Imana, umusavyi wayo, uwasigaye, kuko wahisemwo kumwegurira umutima  wawe.

N’uko rero noneho abari muri Kristo Yesu, nta rubanza ruzobatsinda (Abaroma 8: 1).

Turahiriwe!

Publié dans : Non classé | le 3 novembre, 2010 |Pas de Commentaires »

UMUVUMO WA MBERE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

 Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090

Imbere yo gutangura iki cigisho, ndashaka kwibutsa abagisoma ko ata mugambi mfise wo gucir’urubanza idini, canke umuntu uwariwe wese. Oya, umugambi n’umwe, N’UKWIGISHA IVYANDITSWE VYERA GUSA

 IMPANDA YA GATANU IZO IZOBA ARI IBARA RYA MBERE (1)

Ndaraba mbona inkukuma iguruka yatiriye ijuru, ivuga n’ijwi rirenga iti Ibara ibara ibara riza kubonwa n’abari mw’isi kubw’ayandi majwi y’inzamba z’abamalayika batatu bahava bavuza (Ivyahishuwe 8: 13)  Ibara rya mbere

Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw’isi ivuye mw’ijuru; ihabga urupfunguzo rw’urusumanyenzi rw’i kuzimu. Yugurura urusumanyenzi rw’i kuzimu rupfundukamw’umwotsi nk’uw’itanure rinini, izuba n,ikirere bicurishwa umwiza n’umwotsi wo mur’urwo rusumanyenzi. Mu mwotsi havamw’inzige zija mw’isi, zihabga ububasha bgo gukora ivyo sikorupiyo zo mw’isi zibasha gukora. Zibgirwa kutagira ico zigira vyatsi vyo kw’isi, cank’ikintu cose kibisi, cank’igiti cose, atarabantu batadomwekw,ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo. Zihabga kutabica, ariko zihabga kubasesereza amezi atanu. Kandi kubabaza kwazo kumeze nk,ukwa sikurupiyo iyo iriye umuntu. Muri iyo misi abantu bazoba barondera urupfu, ariko ntibazorubona na gatoya; bazoba bipfuza gupfa, urupfu rubahunge (Ivyahishuwe 9: 1-6).

Aya majambo ngo   »Umumarayika wa gatanu aravuza, hamwe n’ahandi hose bavuga ivy’umumarayika avuza inzamba, wirinde gushira umutima kuri ya mashusho dukunda kubona y’abantu bafise amababa bita abamarayika. Wibuke gusa ko hari igihe kizogera icago cose kigasukwa nkuko Imana yabishize ku rutonde. Abamarayika b’Imana bazoba bakora ivyo bikorwa niko, ariko n’uno musi ivyo vyose wumva bishika mw’isi, nibo bategekwa kubikora  kugira ngo ababa kw’isi bamenye ko ibikorwa vyiwe ar’ivy’ukuri , kand’inzira ziwe ar’iziroranye, ariko abagendera mu bgibone, ashobora kubacisha bugufi (Danieli 4: 37).

Inyenyeri itibukira mw’isi ivuye kw’ijuru ivugwa hano ni Satani ubwiwe. Yohani si we gusa yabonye ivya Satani akoroka ava kw’ijuru nk’inyenyeri. Yesaya nawe yarayibonye, arabivuga ati: Ewe kuntu ukorotse uvuye kw’ijuru, wa nyenyeri yo mu rubungubungu mwana w’umutwenzi! Ew’ingen’uciwe ugashika hasi, wewe watsind’amahanga! (Yesaya 14: 12). Aha haragoye kwumva no kwemera, kuko Satani ivugwa nk’inyenyeri yaka, ndetse ikitwa inyenyeri yo mu rubungubungu, mu museke, canke mu mutwenzi. Kuko tumenyereye kubona aho abantu bacapa Satani nk’akagabo kabi b’ubuzuru n’uduhembe tubiri, ndetse bamwe bakayiha n’akarizo inyuma… Yamara siko biri, Satani n’akantu keza k’intore, kandi n’iyo ije guhenda abantu yihisha mu tuntu twiza. Yesu nawe ngo yarayibonye ikoroka iva kw’ijuru,

  UMUVUMO WA MBERE UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE

aragira ati: Nabonye Satani akoroka avuye mw’ijuru, akoroka nk’umuravyo (Luka 10: 18)

Twasomye ngo iyo nyenyeri imaze gukoroka ihanga urupfunguzo rw’urusumanyenzi. rw’i kuzimu. Har’ahantu habohewe ingabo za Shitani, abo twita abadayimoni kenshi, ku buryo badashobora gukora ibibi vyose bipfuriza abari mw’isi, kuko igihe Imana yashinze kitaragera (a). Urwo rusumanyenzi wewe na jewe tutazi aho ruherereye ruzopfungurwa. Handitswe ngo: Yugurura urusumanyenzi rw’ikuzimu, rupfundukamwo umwotsi nk’uw’itanure rinini » Ivyahishuwe 9:2. Iyo umuntu yafatiwe mu mwotsi mubi ntashobora guhema. Kandi umwotsi uva mu matanure yo mumahinguriro ukunze kugera mu kirere ugahita wirabura.

  umwotsi upfunduka uva mw’itanure ryo mw’ihinguriro

Uyu mwotsi usobanurwa za miliyaridi n’imiliyaridi z’abadayimoni zizorungikwa muri iyi si, kw’itegeko rya Luciferi, kugirango zivugire mu bantu b’abanyavyaha. Na zo nyene ubwazo zizihindura abantu, ku buryo ijambo ry’Imana rizugaranwa rwose, isi ntizoba igishobora guhumeka (guhema). Kuko burya iyo umuntu canke igikoko kitagihema kiba capfuye. Uguhumeka canke guhema kw’iyi si n’ukuba igifise amasigarira yubaha Imana. Aya masigarira ni yo ashobora guhangana n’abajura, n’abasambanyi, n’abarozi, n’ababeshi, akavuga ati:  Ubugingo bwanje bukidundega, impwemu z’Imana zikiri mu mazuru yanje, n’ukuri iminwa yanje ntizovuga ivyo kugabitanya… Ntibikabeho yuko nobemerera ngo muvuze ibiroranye, kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku gutungana kwanje (Yobu 27: 3-5). Iyi si yacu izoba ikeneye abantu b’Imana bahagarara bashikamye imbere y’uruvyaro rwa Satani kugeza ku gihe c’iyo nzamba (iyo mpanda) ya gatanu. Kuko imaze kuvuga, amahoro azoba akuwe mw’isi, nta kwihana kuzoba kukihari, abadayimoni bazoba bakora ivya mfura mbi ku batuye mw’isi. Nico twita mu yandi majambo ukurangira kw’imbabazi z’Imana.

Mwirinde ababigisha ko imbabazi z’Imana zihoraho ku bana b’abantu. Imana yavuze ngo: mpora abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka, nkagirira ikigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi ( Kuvayo 20: 5-6). N’uko rero, tumenye ko imbabazi z’Imana zihoraho igihe cose, ariko ku bitondera amategeko yayo (ivyagezwe vyayo) gusa. Niko biri: Nta mahoro ku banyakibi, nikw’Imana yanje igize (Yesaya 57: 21). Inzira irora ku ntebe y’imbabazi rero izopfungwa vuba. Ndasaba ngo ibi muvyumve neza kandi muvyiteho mu masengesho yanyu. Bene Data, ni mwirinde ntihagire uwo muri mwebwe agira umutima mubi utizera, umutera kurek’Imana nzima. Ariko muhanurane uko bukeye bicitwa uyu musi, ntihakagire uwo muri mwebwe akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha (Abaheburayo 3: 12-13)

Mu mwotsi ngo havuye mw’inzige ziva mw’isi zihabwa ububasha bwo gukora ivyo sikorupiyo zo kwisi zibasha gukora.

Ishusho ya sikorupiyo

Inzige zisobanura igihe c’amapfa. Kuko inzige zirya ibiterwa vyose vyo mu ndimiro. Indimiro y’Imana ni twebwe (1Abakorinto 3: 9). Imbuto zizoba zaratewe mu bantu b’Imana zizoba zareze zigeze gusarurwa, izisigaye zanse kwera ziribwe n’inzige. Inzige ni ba badayimoni bazocika abantu, bavanze n’abantu buntu bazoba bariko barakora amabi adashobotse kubera ivyago bizoba biriko birabasarisha. Icerekana ko izi nzige zisobanurwa ngo: abakozi ba satani n’iri jambo ngo: Zibgirwa kutagira ici zigira ivyatsi, canke intu cose kibisi, canke igiti cose… (Ivyahishuwe 9: 4). Urabonako ar’abantu bazoba bayobowe n’umutware wabo azobaha amategeko bagomba kugenderako.

uruzige

Ivyatsi, ikintu cose kibisi, canke igiti, bisobanurwa ngo abantu b’Imana, abakuru n’abato, n’abayobozi bayoboye neza ubwoko bw’Uhoraho kugeza muri ico gihe c’ukurangira kw’imbabazi: Ni murabe neza uyu murongo wa kane, uraduha urugero rwiza akarorero keza kw’ukuntu bizoba bimeze. Hazoba hari abantu  b’Imana bazoba barokotse bakingiwe na marayika, ku buryo na Satani atazatinyuka kubakoraho. Bivugwa ngo: Zihabga kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw’isi, canke ikintu cose kibisi, canke igiti cose, atar’abantu batadomweko ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo (Ivyahishuwe 9: 4)

Ivyo ngira ngo mvuge, ndasaba Imana ngo ntibikurakaze, ah’ubwo: Abo nkunda bose ndabakankamira, kandi nkabakangira, n’uko gir’umwete wihane (Ivyahishuwe 3: 19). Ikimenyetso c’Imana kidomwa mu ruhanga gisobanurwa ngo kwemera no kweza isabato y’Imana nkuko bisabwa mw’ijambo ryayo ngo: mweze amasabato yanje, abe ikimenyetso hagati yanje namwe (Ezekiyeli 20: 20).Umuhanuzi Ezekiyeli yeretswe ibi kandi yumva n’aya majambo ngoijisho ryanyu ntirigire uwo riziguriza, ntihagire n’uwo mugirir’akagongwe; mwice mutikize umutama n’umusore, n’umwigeme n’abana bato n’abagore, ariko ntihagire umuntu n’umwe mwegera mu barikw’ico kimenyetso, kandi muhere ku rusengero rwanje rwera. (Ezekiyeli 9:6).

Muri iyo misi, hazoba hageze aho abahisemwo gukurikira amategeko y’abantu batandukanywa neza n’abahisemwo amategeko y’Imana. Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu (Ivyakozwe n’intumwa 5: 29). Tubaye turashira ku ruhande ubujambojambo bwose buvugwa bwo gushigikira umusi wa mbere w’indwi (dimanche), ndashaka kubibutsa ko uyo musi uboneka mu mategeko y’Ekleziya gatorika, ariko si mu mategeko cumi y’Imana. Bo bavuga ngo: Uhimbaze umusi w’Imana n’imisi mikuru itegerezwa. Wumve imisa ku misi y’Imana no ku misi mikuru itegerezwa n’ayandi…. Ariko itegeko ry’Imana rizwi mw’Isezerano rya kera no muri rishasha, n’iri ngo: Wibuke kandi kweza umusi w’isabato (Kuvayo 20: 8). Soma Bibiliya yawe kugeza ku murongo wa 11. Wongere usome mw’isezerano rishasha, muri Luka 23: 54-56 n’Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13-15).

(Imbere yo kubandanya iki cigisho ndashaka kubibutsa ko umugambi wanje atar’uwo gucir’urubanza idini canke umuntu uwariwe wese, ariko umugambi wanje n’umwe: N’UKWIGISHA IVYANDITSWE VYERA GUSA.)

Ivyago rero twariko turavuga, bizoterwa n’ukumvira abo badayimoni rero ni kwa guseserezwa n’uburibwe bw’imboyi zazo, Kuko  birasobanutse neza ivy’ico cago mu Vyahishuwe 16: 2 ngo: asuka urwavya rwiwe kw’isi, abantu bafise ikimemyetso ca ca gikoko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi (Ivyahishuwe 16: 2). Ibi bisebe ngo bizobamarako amezi atanu, canke imisi ijana na mirongw’itanu…  Turabwirwa ko gushika muri ico gihe, idini rya ca gikoko canke ya nyamaswa rizoba rigihanyanyaza, rihatira abantu gusenga, kuko ivyago bizoba ar’urudubi.: Ngo bizokurikirana abantu bafise ikimenyetso ca cagikoko kandi bagasenga ikimenyetso caco (Ivyahishuwe 16: 2). Muri iyo misi abantu bazoba barondera gupfa, ariko ntibazobona urupfu, bazoba bipfuza gupfa, urupfu rubahunge (Ivyahishuwe 9:6). Bizoba bikomeye, ngo n’urupfu ntirozoshobora kurya umuntu mur’ayo mezi. Mbeg’ivyago!

Mu mirongo ikurikiye turabonako ar’abantu Imana yita inzige bazoba bahenda abandi bitwaje mbere ibirwanisho bikaze kuko bazoba bibaza ko bashobora kugwanya ubwoko bw’Imana no kurasa Yesu ni yaboneka ku bicu. Akarimi keza k’abo bantu niko kagereranywa n’ubgoya bumeze nk,imishatsi y’abagore. 

 

abasirikare b’abagore

Kuko mu mico y’abantu benshi, imishatsi y’abagore irafise uruhare runini mu bibagira beza, ku buryo bashobora no kureka imirimo bariko barayikorera isuku ry’umwihariko, kandi bikabatwara amahera menshi. Umurongo rero uvugango:  Kandi zari zifise ubgoya bumeze nk’umushatsi w’abagore, amenyo yazo yari nk’ay’intambwe. N’ukuvuga ngo bazoboneka nk’abagiraneza, ariko ar’abanyakibi bakabuhariwe. Imirongo yindi yo muri ico gice ca cenda (7-11). Yerekana neza ko ar’abazoba bitwaje ibirwanisho bibaza ngo bazotsinda Umwana w’Imana. Reka tuyisome: Kandi ishusho y’izo nzige yasa n’iy’amafarashi yiteguriye intambara, zari zambaye mu mitwe nk’ibitsibo bisa n’izahabu,mu maso hazo hasa n’ah,abantu. Kandi zari zifise ubwoya bumeze nk’umushatsi w’abagore, amenyo yazo yari nk’ay’intambwe (Ivyahishuwe 9: 7-8). Kugeza ngaha, izi nzige zisa naho zigereranywa n’inteko za gisirikare zigizwe n’abagore. Ibitsibo canke ingori za zahabu, navyo nyene, mu bihugu vyinshi, har’ukuntu abakobwa b’inkumi n’abagore bakiri bato bakunda kwigira beza, batega urugori  hejuru y’uruhanga rwabo ku mishatsi,  kenshi ziba ari ingori z’igiciro kinini.

 

Bituma aboneka neza cane mu bandi, akagira uburanga (ubwiza). Ikibabaje rero n’uko ngo amenyo azoba asa n’y'intambwe. Nico gisobanura ko abo bantu bazogarara nk’abazotabara ababa mw’isi, ariko bazoba ar’abanyavyaha nk’uko nabivuze ngaho hejuru. Dukomeze:  Kandi zari zifise ibikingira ibikiriza, bimeze nk’ivyuma, guhinda kw’amababa yazo, kwari kumeze nk’uguhinda kw’imikogote ikwegwa n’amafarasi menshi yiruka ija mu ntambara. Kandi zari zifise imirizo nk’iya sikorupiyo, n’imboyi, kandi mu mirizo yazo niho ni ho harimwo ubushobozi bwo gusesereza abantu amezi atanu (Ivyahishuwe 9: 9-10)

Ibuka ibigwanisho vy’intambara uzi muri iki gihe. Burya vyinshi vyacuriwe kuzokora akazi kuri wa musi, naho nyene na bene vyo babitunze batabizi. Ego, ntibazi iryo banga, mugabo babaho mu vyaha gusa. Satani rero azobagira ibikoresho.

Wabonye ko ubuhanga, bw’abo bagwanyi, n’ivyotsi bizoterwa n’ibisasu vyaba, za bombe, n’ibindi ari vyo bizovamwo vya bisebe.  Mu mirizo yazo n’ukuvuga mu birindi vy’imbunda, canke ahantu havyo ho kubika amasasu n’ubundi bumara.

Inkuru nziza muri ivyo vyose n’iyi: Abo bazorwanya Umwagazi w’Imana, uwo Mwagazi azobanesha,kuko ariwe agaza abaganza n’Umwami w’abami, kandi n’abari kumwe nawe, bahamagawe, batoranijwe, bayobotse, nabo bazobanesha (Ivyahishuwe 17: 14).

Izo ngabo ari zo nzige ngo: Zifise  umwami wazo, niwe, mumarayika w’ikuzimu,mu Giheburayo yitwa Abadoni, mu kigiriki yitwa Apoluwoni. Apoluwoni n’ukuvuga Ruhonyanganda (Kirimbuzi).

Ibara rya mbere riraheze, eh’ukundi kubona ibara kubiri guhava kuza hanyuma (Ivyahishuwe 9: 11-12).

Ibi vyago, wewe muntu w’Imana, si wewe biraba. Uzoshikamishwa no kugororoka, uguhahahazwa kuzokuba kure, ntaco uzotinya; bo n’ibitey,ubwoba, kuko bitazokwegera. Ni hagira abagutera, sijewe nzoba mbagomoye; abazogutera bose bazohindikirana imbere yawe. Ehe ni jewe ndema umucuzi avuguta amakara, agakuramw’ico kurwanisha kubg’ubuhanga bwiwe; ariko kandi naremye umuranduzi wo kugeseza nawe. Ntaco kurwanisha bacuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ururimi rwose ruzoguhagurukira kukuburanya uzorutsinda. Ivyo nivyo  ragi ry’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kandi uko ni ko kugororoka kwabo gukomoka kuri jewe; ni jewe Uhoraho mbivuze (Yesaya 54: 14-17). Ariko usabwe na none kwihangana ugakomeza inzira imwe y’agakiza. Kuko hasigaye igihe gito cane, kandi ugira aze azoza, ntazoteba. Ariko umugororotsi wanje, azobeshwaho n’ukwizera, naho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje. Ariko tweho ntitur,abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa (Abaheburayo 10: 37-39). 

Iki cigisho cerekeye umuvumo wa mbere kiracabandanya

Publié dans : Non classé | le 3 novembre, 2010 |Pas de Commentaires »

IMIVUMO INDWI IBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

 Genda i Bujumbura,  mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible, hamagara kuri 79321090

IMIVUMO INDWI IBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

Tumaze imisi twiga imigisha indwi iboneka ku gitabo c’Ivyahishuwe. Uyu musi tugiye gutangura icigisho kidasanzwe kitavuga imigisha, ariko kivuga imivumo. Nk’uko ya migisha twamaze kwiga ari indwi, niko n’imivum0 nayo ar’indwi. Kuko uwutazoronka kuri ya migisha indwi, azoba yavumwe. N’g'iyi rero imivumo tuzigira hamwe:

1/Ndaraba numva inkukuma iguruka yatiriye ijuru ivuga n’ijwi rirenga iti: Ibara, ibara riza ubonwa n’abari mw’isi, ubw’ayandi majwi y’inzamba z’abamarayika batatu bahava bavuza (Ivyahishuwe 8: 13)   IMIVUMO INDWI IBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE Eagle

2/Ibara rya mbere riraheze, eh’ukundi kubon’ibara guhava kuza hanyuma (Ivyahishuwe 9: 12)

3/Ibara rya kabiri riraheze eh’irya gatatu rigira rize (Ivyahishuwe 11: 14)Revelation12a

4/Nuko noneho munezerwe mwa majuru mwe namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, aziko afise igihe gito (Ivyahishuwe 12: 12)

destruction-jerusalem-titus-reduit

5/Bahagaritswe kure no gutinya ugushinyagurirwa kwiwe bati: N’ibara, n’ibara, ewe wa gisagara gihambaye Babuloni, wa gisagara c’inkomezi,kuko mw’isaha imwe iteka uciriweko rigushikiriye (Ivyahishuwe 18: 10)

6/Abashora ivyo, batungishijwe n’ico gisagara, bazohagarikwa kure no gutinya ugushinyagurigwa kwaco, barira baboroga, bati: N’ibara n’ibara ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu nziza zera z’inyambarabami, n’iz’agahama, kandi cisakaye izahabu n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita, kuko ubutunzi bungaho bukomvovowe mw’isaha imwe (Ivyahishuwe 18: 15-17)

7/Biyorer’imikungugu ku mitwe, bataka bavuga bati, barataka barira baboroga bati: N’ibara n’ibara, ca gisagara gihambaye, catungishije ubutunzi bwaco abafise amato yabo mu kiyaga bose, kuko cakomvowe mw’isaha imwe (Ivyahishuwe 18: 19)

Iyo usomye neza, usanga ijambo rivuga ngo ibara, rigaruka mu mivumo yose uko ari indwi. Vyerekana ko ar’ukuri ko iyo mivumo iteguwe kandi ko izobaho. Igisagara gihambaye naco cavuzwe incuro zitatu. Vyerekana ko naco nyene kizogesezwa ata gukeka. Izina ryaco ryavuzwe ngo ni Babuloni. Iri zina tuzorigarukako mu misi igiye kuza, mugihe tuziga igituma Babuloni ivugwa gatandatu gusa mu gitabo c’Ivyahishuwe. Ico twovuga n’uko intumwa Petero yerekanye neza Babuloni iyariyo, mu gihe Petero yar’ayoboye ishengero ryo mu gisagara c’i Roma. Niwe wa mbere tubona yasize asobanuye ko Roma ariyo Babuloni ati: Ishengero ry’i Babuloni ry’abatoranijwe nkamwe, rirabatasha (1Petero 5: 13). Mur’aya majambo Petero aravuga neza ko Imana yironkeye ishengero riri i Babuloni. Si ryo Babuloni, ariko riri i Babuloni. Kandi n’iry’abatoranijwe nkamwe. Kuko i Roma n’ubwo hakiriye inyigisho za gipagni zivuye i burasirazuba ku murwa w’i Babuloni, nticabujije ko Imana yironkera yo ishengero ryiza mu myaka ya mbere.chiens_cp Ishengero ry’i Roma ryariyononye mu myaka yakurikiye, rigeza n’aho abigira ngo n’abakristu baja ku ruhande rw’umwami mu kurwanya abasigaye bitondera amategeko y’Umwami Imana.

Ni murabe kuri ico gicapo ukuntu ibikoko vyiteguye gutabagura abakristu biyemeje kuguma ku mategeko y’Imana Se wa Yesu-Kristu. Ahenshi, bazira ingorane baterwa n’abigira abakristu ataribo, kuko bsananiwe no kwubaha ivyo Yesu yategetse, bakigira abagaragu b’isi. Mwibuke ko ubuhanuzi bwerekana ko ishengero ryategerezwa kuvogerwa n’abapagani, kandi rikemera imigenzo yabo. Ni nako bikimeze no muri iyi myaka.  Reka dusome uyu murongo: Kuko abantu bawe aribo nzu ya Yakobo, wabahebeshejwe n’uko buzuye mwo imigenzo ivuye i burasirazuba, bakaragura nk’Abafilistiya, kandi bakifatanya n’abanyamahanga (Yesaya 2: 6). Bibiliya irerekana neza ko abakristu aribo nzu ya Yakobo yo mw’isezerano risha. Kuko Yakobo niwe Israeli, abana biwe bitwa Abisiraeli. Intumwa Paulo atubwira ko turi Isiraeli y’Imana, ko tur’Abayuda b’ukuri kandi ko dusangiye amasezerano na bene Yakobo (Abagalatiya 6: 16, Abaroma 2: 28-29, Abanyefeso 2: 11-13).

Ishengero ry’Imana ubu rihanganye n’ikibazo kitoroshe c’abantu bavuga ko berekwa ibintu bidasanzwe, abandi bavyita ngo n’ukubonekerwa. Twibukanye ibi: Kuko hazokwaduka abigira Kristu n’abigira abavugishwa n’Imana, bagakor’ibimenyetso n’ibitangaza, kugirango bazimize n’abatoranijwe, ni vyashoboka (Matayo 24: 24). Ukuza kw’uyo mugarariji kuzoza mu buryo bw’inkomezi za Satani, kuri n’ubushobozi bwose, n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma, n’ubugunge bwose bwo kugabitanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivy’ukuri ngo bakizwe. Nico gituma Imana Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma, kugirango abatizeye ukuri bose bagahimbarirwa ukugabitanya, bacirwe kw’iteka (2Abatesalonike 2: 9-12).

Navuze ko ar’ikibazo ku bakristu b’iki gihe. Kuko uwubonekerwa ashobora gutang’ibimenyetso vyemeza neza ko ariko arerekwa, ibintu, kandi n’ivyo bintu canke abo bantu nyene bamubonekera bagatanga ibimenyetso vyemeza neza ko ar’ukuri. vierge_credulite1Ariko wibuke ko amayeri ya Satani atari aya vuba: Ibuka ko Bibiliya yemeza ko abapfuye ataco bazi (Umusiguzi 9:5). Ariko hariho benshi berekwa abantu bapfuye, bakababona basa n’abari ahantu heza mu buninahazwa (mu bisingizo), benshi bakavuga ngo ni kanaka na kanaka… Muritonda! Turasoma mu gitabo c’umuhanuzi Yeremiya ngo: Ku vy’ijambo utubariye mw’izina ry’Uhoraho ntitukwumvira. Ariko ntituzobura gushitsa ijambo ryose rivuye mu kanwa kacu, ngo twosereze imibavu umwamikazi wo mw’ijuru, ngo tumusukire ibiturire nkuko twahora dukora, twe na basogokuruza bacu n’abaganwa bacu… kukw’ico gihe twagira indya nyinshi tukibera amahoro nta vyago twabona. Ariko uhereye igihe twarekeye kwosereza imibavu umwamikazi wo mw’ijuru no kumusukira ibiturire, niho twaciye duhindana tukamarwa n’inkota n’inzara (Yeremiya 44: 16-18). Uyu mwamikazi wo mw’ijuru avuzwe hano, iyo wihweje neza usanga ari Satani yihindura akigira umwamikazi, akigira umugiraneza, ariko muvy’ukuri si ko biri. 

Ivyo kubonekerwa n’abantu bapfuye canke ibindi bintu vyigira ngo bivuye ku Mana n’ukuvyitondera!Untitled Cane cane ko abakunda kubonekera abazima babategeka gukora imirimo n’amasengesho ataco bipfana n’Ivyanditswe Vyera. 

Nibaza ko ibi bihava biter’ikibazo abakunda gusaba no gupfukamira uwo bita Bikira Mariya. Oya, ntimugire ikibazo, namwe Imana irabakunda kandi yipfuza kubamenyesha ukuri. MClaireNkuko ishengero ry’Abagatorika b’i Roma ryiyemerera ko ari ryo ryahinduye isabato rikayishira kuri dimanche, ni nako ryiyemereye ko ariryo ryazanye uko kwizera ko Bikira Mariya abaho, kandi ko ari mw’Ijuru. Nta gitabo ceranda co muri Bibiliya kivuga ko Mariya yagiye mw’ijuru, canke ngo kitwereke ko Mariya atavukanye icaha. Ico tuzi, n’uko Bibiliya yemeza ko Mariya yavukanye kamere y’icaha nka jewe na wewe, kuko Mariya yavyivugiye ati: Umutima wanje unezererewe Imana yo Mukiza wanje (Luka 1: 47). Amajambo akurikiye ndashaka kuyandika mu rurimi rw’igifransa, nkuko aboneka mu Misseli y’Ekleziya Gatorika, kugirango mumenye ukuri aho kuri, canke aho ikinyoma kiri. Hanyuma ndayahindura mu kirundi: Le dogme de l’Assomption vient d’être proclamé solennellement par le Pape Pie XII, le 1er novembre 1950. Pour éviter toute donnée incertaine, le Pape s’est abstenu de préciser la manière et les circonstances de temps et de lieu où l’Assomption a dû se faire: seul le fait de l’Assomption, corps et âme  dans la gloire du ciel, fait l’objet de la définition. Mu kirundi: Iteka ryo kurizwa mw’ijuru kwa Bikira Mariya ryamaze gutangazwa na Papa Piyo wa XII, kw’igenekerezo rya mbere Munyonyo.pie12 Papa yirinze kugira icavuga ku bintu bidasobanutse neza, yirinze kuvuga uburyo, canke igihe, canke ikibanza Mariya yagiriyemwo mw’ijuru. Gusa, avugako vyose bisobanurwa n’ukwemera ko Mariya yagiye mw’ijuru wese, umutima n’umubiri missel_mis21(Aya majambo yavuye muri Missel Vespéral Romain, Apostolat liturgique, Abbayé Saint-André, Bruges, na Société liturgique, S. A. 15, rue du Vieux Colombier, Paris 6e, Iyi misseli yanditswe mu mwaka w’1951 na Jean de la Croix, umukuru w’inzu y’abamonaki ba Andreya Mutagatifu. Ari ku mpapuro za 1272 na 1274) Ariko wibuke ibi: Mariya nawe  afise Umukiza umwe na twebwe. Kandi twese twakijijwe icaha, na Mariya nyene yarakijijwe,  kuko Ijambo ry’Umukiza rivuga ngo: Ariko nta mugore nabonye mur’abo bose (Umusiguzi 7: 28). Ahandi ngo: N’ukuri nta mugororotsi ariho kw’isi, akor’ivyiza ntacumure (Imigani 7: 20).

Ni waba ushaka kubon’agakiza nkako Mariya nyina wa Yesu yabonye, egl%20catho%20vierge%20marie%20apparitionsusabwe guhitamwo kwumvira amajambo y’Imana, canke amajambo y’abanyedini. Kuko Ijambo ry’imana rivuga riti: Bose bakoze icaha, ntibashikira ubwiza bw’Imana (Abaroma 3: 23). Yesu niwe muntu atakoze icaha. Uwo, naho yar’asanganywe ishusho y’Imana (Abafilipi 2: 6), yageragejwe mu buryo bwose nkatwe, yamara we nta caha yakoze (Abaheburayo 4: 15).  Aya majambo akurikira, yerekana neza ko Mariya yar’afise kamere y’icaha nka twe. Dusome: Aja mu nzu, ishengero ryongera gukoranira kuri we, bituma babura ingene botamira agatsima. Ab’i wabo bavyumvise barasohoka ngo baje kumufata, bagira ngo: Yasaze. Maze nyina na bene nyina batuma kumuhamagara bahagaze hanze (Mariko 3: 20-21, 31). Gira ico wibaza nawe kur’aya majambo!

Kuvyo kwemeza ko Mariya yagiye mw’ijuru adapfuye biragoye kwemera,bernadettesmall kuko ntiyigeze aharurwa muri babandi bake Imana yatanze ko akarorero, aribo Eliya na Mose na babandi bazuka umusi Yesu yapfiriye ku musaraba (2Abami 2 11, Luka 9: 30, Matayo 27: 51-53, Abefeso 4: 8). Kandi nkuko abantu babikiwe gufa rimwe, nyuma y’aho hakaza amateka (Abaheburayo 9: 27). Hagati y’iyurira mw’ijuru rya Yesu n’igaruka ryiwe, nta nahamwe ijambo ry’Imana ryemerera ikiremwa icarico cose gushika mw’ijuru, naho yoba na Mariya. Kuko dusoma ngo: Abo bose bamaze gushingirwa intahe kubwo kwizera kwabo, ntibahabwa ivyasezeranijwe, kuko Imana yatuboneye kera ikirushiriza kuba ciza, kugira ngo ntibatunganywe rwose tutari kumwe (Abaheburayo 11: 39-40). Ahandi, Paulo avuga ko abazoba bakiri bazima bategereje Yesu mu kuri, ko aribo bazoja mw’ijuru badapfuye, mugabo nabo nyene ngo bazohindurwa ukundi. Ntituzosinzira twese ariko twese tuzohindurwa (1Abakorinto 15: 51) Maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye tuzoca duteruranwa nabo mubicu, dusanganire umwami mu kirere (1Abatesalonika 4: 17).

Ijuru rero, ntirigira umwamikazi, rifise Umwami umwe rudende! Kuko hari Iman’imwe kandi har’Umuhuza umwe w’Imana n’abantu, nawe nyene n’umuntu, ni Kristu-Yesu (1Timotheyo 2:5).Jesus%20Prayer-03 Ni nawe  »Data wa twese, Umukama w’amahoro » (Yesaya 9:5). Niwe yivuga ati: Data na jewe, tur’umwe (Yohana 10: 30). Nigeze kwumva  benshi bita Mariya ngo ni  »Nyenyeri yo mu mutwenzi » (Nyenyeri yo mu ruturuturu mu kinyarwanda). Igitangaje n’uko iryo zina ariryo zina Satani yar’afise mw’ijuru, nkuko tubisoma mur’aya majambo ngo: Ewe kuntu ukorotse uvuye mw’ijuru wa nyenyeri yo mu rubungubungu we, wa mwana w’umutwenzi (Yesaya 14: 12). Kristu ariwe Mikayeli, bisobanurwa ngo: Uwungana n’Imana canke Uwusa n’Imana, niwe yatoranye iryo zina, aho Lusiferi akororewe hasi. Kuko arivuga amazina ati: Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’umwuzukuru wiwe, kandi nd’ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu (Ivyahishuwe 22: 16).  Abandi biyita ngo n’Inyenyeri yo mu mutwenzi (Stella matutina mu kilatini), murabemera mwitonze, kuko n’abagambanyi bagambanira Kristu, ngo bamwambure intama ziwe! Ko twazindutse tuvuga ivy’imivumo, reka ndangirize kuri iri jambo : Hariho abantu babahagarika imitima, bagashaka guhindura ubutumwa bwa Kristu. Ariko naho yoba ari twebwe, canke umumarayika avuye mw’ijuru, akababarira ubutumwa bunyuranye n’ubwo twababariye, ARAKAVUMWA! Nkuko twavuze ubwambere, na none nongeye kubivuga, nti Nihagira umuntu ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubwo mwemeye, ARAKAVUMWA! (Abagalatiya 1: 7-9). Reka mbisubiremwo: Ni waba ushaka agakiza nkako Mariya yahawe, hitamwo kwemera ijambo ry’Imana nka Mariya. Mariya yabwiye umumarayika Gabriyeli ati: Ehe nd’umuguranokazi w’Umwami Imana, ni bimbere nkuko ubivuze. Kuki none Mariya yari umuguranokazi w’Umwami Imana, annonciation_1nawe ukaba wigira umugurano w’idini? Uremera Ivyanditswe Vyera vy’Imana, canke wemera Ibivuzwe n’idini?

Imana ntiyakunze ko abantu bayo bifatanya n’ishengero ry’abigira Abayuda ataribo, canke mu mvugo isanzwe: abigira abakristu ataribo. Yavuze iti: Ndazi amarushwa yawe n’ubworo bwawe, n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda ataribo, arikw’ari isinagogi ya Satani (Ivyahishuwe 2: 9). Ehe nguhaye bamwe bo mw’isinagogi ya Satani, biyita Abayuda ataribo, ariko babesha, ehe nzobagobera kuza bikubite imbere y’ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze (Ivyahishuwe 3: 9).

Ahandi Imana irategeka ko abantu bayo bamaze kuyimenya, bitandukanya n’Ishengero ry’i Babuloni, nkuko vyagiye bigenda kuva no mu ntango. Abavyemera barasohoka, abandi bagasigara, ndetse n’abandi bakinjira. Ariko Imana irasohora abantu bayo iti:cologne-cathedrale-evangelischer-tag-populations Nuko muve hagati ya ba bandi mubitandukanyeko, niko Uhoraho agize,  kandi ntimugakore ku kintu gihumanya nakimwe, nanje nzobakira.  Kandi nzobabera So, namwe muzombera abahungu n’abakobwa (2Abakorinto 6: 17-18). Bantu banje ni muve iwe, kugirango mwoye gufatanya nawe ivyaha vyiwe, mwoye guhabwa ku vyago vyiwe (Ivyahishuwe 18: 4). Mu gusohoka Babuloni ntivyoroshe, bisaba gushinyiriza, ukagira ubutwari, kandi Imana iba iri kumwe na wewe igufashe akaboko. lapidation2 Benshi barahasize ubuzima bwabo amaraso araseseka, ariko nta gihe na kimwe Imana yigeze ibura abantu bayi kurikira, bakayihagararira, batanyiganyiga.

Iyi mivumo ntiraba abakristu b’ukuri bitondera amategeko y’Imana yacu, kuko ngo har’ikimeyetso iyo Mana izodushirako, kandi bamwe bamaze kucemera, gituma no mw’ijuru batubona ko turi muri équipe y’Imana vy’ukuri. Subira usome aya majambo: Ntimugire ico mugira isi cank’ikiyaga canke ibiti, tutaramara kudoma ikimenyetso mu ruhanga rw’abagurano b’Imana yacu (Ivyahishuwe 7: 3). Ico kimenyetso kimeze gite? Mweze AMASABATO YANJE kugirango abe ikimenyetso hagati ya jewe namwe, kugirango mumenye yuko jewe Uhoraho nd’Imana yanyu (Ezekiyeli 20: 20). Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe kw’isi, abantu bafise ikimenyetso caca gikoko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi (Ivyahishuwe 16: 2). Ni waba udashaka guhabwa ikimenyetso c’Imana, woba uri mu bashaka guhabwa ikimenyetso c’igikoko. Uramenya mugenzi tugendana! Aha naho kwitondera! Nta mahoro y’abanyavyaha nikw’Imana yanje ivuga (Yesaya 57: 21).

Imivumo yose izokurikirana abantu bahinduye ubusa amategeko y’Imana bakishimira ivy’abantu bizaniye. Kandi igihe umuvumo wateye, uzotangura mu biyitirira Kristu, abo nyene bitwa abakristu. Kuko Ivyanditswe na vyo nta mahoro bibabonera, ariko Imana ibwira umumarayika w’umuranduzi iti: Ijisho ryanyu ntirigire uwo riziguriza, ntihagire n’uwo mugirira akagongwe, mwice mutikize umutama n’umusore, n’umwigeme, n’abana bato, n’abagore: ARIKO NTIHAGIRE UMUNTU N’UMWE MWEGERA MUBARIKO ICO KIMENYETSO, kandi muhere ku rusengero rwanje rwera. Baca bahera ku bakuru bar’imbere y’ingoro (Ezekiyeli 9:  5-6).harmaggedon Ivyo niko bizomera kuko n’intumwa Petero yaravyeretswe. Aravuga ati: Urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana. None ko rutanguriye kuri twebwe, iherezo ry’abatumvira ubutumwa bwiza bw’imana rizomera rite?( 1Petero 4: 17). Bwirwa wumve mwana w’umuntu! Kuko niba dukora icaha ibigirankana, kandi tumaze guhabwa kumenya ivy’ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha, ariko ko haba hasigaye kwitegana ubwoba umuriro w’inkazi, uzorigata abansi b’Imana (Abaheburayo 10: 26-27).

Yamar’iyuba uwundi war’ukwiye kunyumva, ugakingura umutima wawe mur’aka kanya, Kristu akakuber’umwami mu bugingo bwawe. Ukwiye kuyoborwa n’Ivyanditswe Vyera, kuko idini naho rikomeza kuguter’ubutwari, ivyaryo bigarukira aho nyene! Ntirizikuburanira imbere y’intebe y’imanza! Emer’ukuri, egera Kristu! Ico Kristu ashaka s’uko woba ikivume, kuko yaramaze kuvumwa mu kibanza cawe, mu kubambwa ku musaraba. None se nokubwira iki kindi?

Reka dusenge: teens-in-churchData Wera, Man’ugir’ubuntu kandi utangaje, warakoze kumpa Kristu yambambiwe ku musalaba i Gologota. Umpe  kunezerwa no kwitwa umuvandimwe wa Kristu, kuko umunyedini gusa atazoger’i wawe. Unyuhagize amaraso Kristu yamviriye ku musaraba, umpe no kugumy’ibanga gushika ku musi wa nyuma. Ibi ndabigusavye mw’izina ryera ry’Umucunguzi wacu Yesu-Kristu. Amen

Mu cigisho gikurikira tuziga umuvumo wa mbere, tuwunonosore neza.

Publié dans : Non classé | le 21 octobre, 2010 |2 Commentaires »

UMUGISHA W’INDWI UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

 Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe  ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible, hamagara kuri 79321090

UMUGISHA W’INDWI UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

Hahirwa abamesura amakanzo yabo, kugira ngo babone kwegera ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba, bashike kuri wa murwa (IvyahishuUMUGISHA W'INDWI UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE bapteme_immersionwe 22: 14)image

Muri uwu murongo wa Bibliya, nakoresheje ijambo risanzwe rizwi neza mu kirundi c’iki gike, ngo  »amakanzo » canke  »amakanzu », ariko Bibliya ivuga ngo imvune. N’ijambo rimwe, mugabo n’uko ico ar’ikirundi ca kera. Mbese ayo makanzo ameze gute? N’amakanzo nyabaki? Izo mpuzu zera ni vyo bikorwa vyo kugororoka kw’abera (Ivyahishuwe 19: 7).

Ngufitiye akabazo, mbese ivyo waraye ukoze nijoro, ivyo wiriwe urakora, ivyo uriko uragambirira, ivyo uriko uravuga, mbese ubona vyokubera imyambaro yera imbere y’Umwagazi w’Imana? Ubona vyogukundira kwegera ku giti c’ubugingo no guca mu birimba ukagera kuri wa murwa wera Yerusaremu?

Turasabwe rero kwama twisuzuma, tumesura imyambaro yacu mu maraso y’Umwagazi w’Imana (Umwana w’intama w’Imana). Ntidusabwe kwambara amakanzu mashasha, mugabo nibura tukamesura ayo twahawe. Twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw’ivanwemwo ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza (Abaheburayo 10:22). Ababatizwa umubatizo wo kwibizwa baba berekanye rwose ko bashaka kwoga mu maraso ya Kristu, ariko nabo nyene basabwe kwama bisuzuma, kugira ngo imyambaro yabo yame yera de, yuhagijwe n’amaraso y’Umwagazi w’Imana. Kwirengagiza umubatizo wo kwibizwa n’uguhomba rero, kuko harya niho twereka imbere y’Imana n’abamarayika, n’Ishengero rya Kristu, ko twemeye kwishushanya na Kristu yatanze amaraso yiwe, agapfa, agahabwa, akazuka, akaja kwicara i buryo bwa Data, ariwe yaturungikiye Mpwemu wiwe ngo ayobore itorero.  Canke ntimuzi yuko twese ababatirijwe kuba muri Kristu Yesu, twabatirijwe kuba mu rupfu rwiwe?None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa nawe, tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo nkuko Kristu yazuwe mu bafuye n’ubwiza bwa Data wa twese, abe ariko natwe tugendana ubugingo busha (Abaroma 6: 3-4). Amazi y’umubatizo rero,  » ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bw’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukuraho imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utagiriza ikibi, usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Kristu (2Pierre 3: 21).

Haranditswe kandi ngo: Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yokwizigirwa kandi igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwacu kwose (ukugabantanya kwacu kwose, ubugaba bwacu bwose, ubupfu bwacu bwose) (1Yohani 1: 9).

Har’aho uja wibuka igihe wasezerana n’Imana kuyibera umwana nayo ngw’ikuber’umuvyeyi? Mbese iyo ivyaha bikwizingiriyeko uja wibuka gusaba imbabazi ngo usubire kugira umutima wera? Iri jambo rero ribwirwa wewe, uwu mugisha ni wewe urindiriye ngo: Hahirwa abamesura amakanzo yabo, kugira ngo babone kwegera ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba, bashike kuri wa murwa (Ivyahishuwe 22: 14).

Ingo rero twegere iyo sôko iva mw’amaraso yoza ivyaha, iva mu nguma za Emmanueli!

Iman’iguhe iyo migisha yose rero, tuze tubane muri Yerusaremu ho mw’ijuru, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans : Non classé | le 15 octobre, 2010 |Pas de Commentaires »

UMUGISHA WA GATANDATU UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

UMUGISHA WA GATANDATU UBONEKA KU GITABO C’IVYAHISHUWE

Hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo muri iki gitabo (Ivyahishuwe 22: 7)

UMUGISHA WA GATANDATU UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE

Uwu mugisha ushaka gusa n’umugisha wa mbere, ariko iyo uravye neza usanga hariho ubudasa. Kuko umugisha wa mbere uravuga ngo: Hahirwa uwusoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugisahwa n’Imana, bakitonder’ivyanditswe muri yo; kukw’igihe kiri hafi (Ivyahishuwe 1: 3). Igituma uwu mugisha wa gatandatu uvuze ko hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo muri iki gitabo gusa, n’uko hagiye kuza igihe ivyo gusoma bitazoba bigishobotse, kuja mu materaniro kwumviriza abadusomera navyo ntibizoba bigishobotse, hazoba hahiriwe rero abazoba batasoromeye mw’isaho iva, nukuvuga abitondera ivyo bazoba barize mu gihe c’impore. Ni bamara guca ubwoko bwera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize (Daniyeli 12: 7). Ubuhanuzi buravuga neza ko ico gihe kizoba ic’umubabaro ku ba Yakobo, n’ukuvuga kuri twebwe tusangiye ukwizera mu Mana ya Yakobo, twebwe Israeli nshasha, nkuko Paulo atwita ngo: Abazogendera kur’urwo rugezo, amahoro abe muri bo, bo n’ikigongwe, no mu Bisirayeli b’Imana (Abagalatiya 6: 16). Umuhanuzi Yeremiya rero yeretswe ibizoba kw’ishengero mu misi yo hanyuma, aravyandika ati: Twumvise ijwi ry’abari mu gatengo n’ubwoba, atar’iry’abari mu mahoro. Banza mubaze murabe ko har’umugabo aja ku nda ngo avyare; none n’iki gituma mbona umugabo wese yifashe ku mafyinga nk’umugore aramutswe,mu maso ya bose hagahindurira? Ew’ amagorwa ari hano! Kuko uwo musi uhambaye atawuhwanye nawo, n’igihe c’umubabaro w’aba Yakobo, yamara bazogikizwa (Yeremiya 30: 5-7).

Abafise ingabire yo gusoma, muje musoma kandi mushire ku mutima ivyo musomye, mubigumye, nikwo kwuzura Mwemu Yera.  Abafise ingabire yo gusomera abandi no kubigisha, muze musaba Imana kugirango amajambo musohora mu kanwa kanyu ntagende ngo musigare mugaragara mu mitima, ah’ubwo Uhoraho akomeze gusubiza mwo ayandi, niko kuzura Mpwemu Yera. Namwe mwahawe ingabire yo kwumva ijambo ry’Imana n’umunezero mwinshi, muryakire kandi murizigame mwongere murigendere, ntirice mu gutwi ngo riseruke mu kundi, ni ko gukomeza kwuzura Mpwemu Yera. Mumere nka Mariya nyina wa Yesu, nkuko Ivyanditswe bimushingir’intahe biti: Ariko Mariya abika ayo majambo yose mu mutima wiwe (Luka 2: 51). Mariya yagize ingorane zo kubona umwana wiwe amucika akaja kwirirwa yigisha (Mariko 3: 21, 31-32), noneho aja kumubona yafashwe akubitwa, abambwa no ku musaraba (Yohani 19: 25); ariko aho Mpwemu Yera amanukiye ku ntumwa i Yerusaremu, vyamutumye abona ko ivyo yari yarabwiwe ku mwana wiwe ko vyari ivy’ukuri (Ivyakozwe n’Intumwa 1: 14).

Ibigiye kuzoba ku bwoko bw’Imana bisa n’ivyabaye kuri Mariya nyina wa Yesu: Arikw’ igihe vya bindi bizoshika, kand’ehe biraje, niho bazomenya yuko uwuvugishwa n’Imana yamye muribo (Ezekiyeli 33: 33)

Ico mbasengera kandi nanje arico nisabira, n’uko twobika ijambo ry’Imana mu mitima yacu, rikazotugoboka mu gihe c’akaga, hamwe ukwizera kwacu kuzoba gutanguye guhungabana. Aho niho ukwizera kw’abera guserukira (niho kuzoserukira), bitondera amategeko y’Imana, kandi bakisera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Amen

Publié dans : Non classé | le 13 octobre, 2010 |Pas de Commentaires »

UMUGISHA WA GATANU UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

UMUGISHA WA GATANU UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

Uwuri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugir’ububasha ku bameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya nawe kuganza imyaka igihumbi (Ivyahishuwe 20: 6).

UMUGISHA WA GATANU UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE ye-men-of-galileeimage004

Mu kwiga ibi vyigisho vyerekeye imigisha indwi iboneka mu gitabo c’Ivyahishuwe, dukwiye no kwibaza ibizoshikira abatazoba bafise iyo migisha. Tuzovyiga neza ni twamara kwiga neza iyi migisha, tuziga n’imivumo indwi iboneka muri iki gitabo nyene. Ni yaba uwuri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere ahiriwe kandi akaba uwera, birumvikana ko  »hahumiwe uwutari mu mugabane wo kuzuka kwa mbere kuko s’uwera ».

Intumwa Paulo iravuga iti: Abapfiriye muri Kristu, nibo bazobanza kuzuka (1Abatesalonika 4: 16). Yohani rero niko kuvuga ati: Baba bazima, bafatanya na Kristu kuganza iimyaka igihumbi. Abafuye bandi ntibaba bazima, iyo myaka igihumbi itarashira. ukwo niko kuzuka kwa mbere (Ivyahishuwe 20: 4-5).

 

Muri iyi mirongo biraboneka ko abadafise ya migisha indwi, aribo Bibliya yita  »abapfuye bandi », bazozuka mu kuzuka kwa kabiri. Hagati y’iyo mizuko ibiri, biraboneka ko hazoca igihe c’imyaka igihumbi. Ikibazo gusa twokwibaza kandi tukaba tutokiboner’inyishu, n’ukumenya nimba iyo myaka igihumbi izoharurwa nkuko duharura imyaka yo muri iki gihe igizwe n’amezi cumi n’abiri. Ivyo na wokwirusha ngo avuge ko yobomenya. Kuko ibizoba nyuma y’ukuzuka kwa mbere,  n’ivy’ijisho ritigeze kubona, n’ivy’ugutwi kutigeze kwumva, ibitigeze kwinjira mu mutima w’umuntu (1Abakorinto 2: 9).

Ico ngusabira nanje nisabira, n’uko woba mu kuzuka kwa mbere.

Iman’igufashe kandi ikuyobore, kugira ngo ntuze ubure mur’uko kuzuka kwa mbere!

Publié dans : Non classé | le 13 octobre, 2010 |Pas de Commentaires »

UMUGISHA WA KANE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

UMUGISHAWA KANE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

Ubutumire buhire

Hahirwa abatumiwe gutaha ubukwe bwa wa Mwagazi (Ivyahishuwe 19:9)

UMUGISHA WA KANE UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE

Mbese ubwo bukwe buzoba gute? Mbese uremera ko ubwo bukwe buzobaho? Kutavyemera biterwa n’uko utabwiteguriye. Kandi kubwitegurira bisaba ngo Umwami Yesu akugirire ubuntu, aguhe ingabire y’ukwizera nyako, niho wotangura kuryoherwa n’ivyiza bigutegereje mw’ijuru. Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kandi ibitabonwa, niko kubitumenyesha kw’ar’ivy’ukuri. Icatumye abakera bashingirw’intahe, n’uko bari bagufise. Kand’utizera ntashobora kuyihimbara; kuko uweger’Imana akwiriye kumenya yuko iriho, igaha impera abayirondera (Abaheburayo 11: 1-2, 6).

Mur’ayo majambo mpejeje kuvuga, nashaka kwerekana ko ivy’ubwo bukwe ata muntu n’umwe arabona neza integuro yabwo, ariko kubera ko twasezeraniwe kubutaha, twese ababutorewe kandi biteguye, turizera ko tuzobutaha; kand’ivyo abamarayika bipfuza kubirunguruka (1Petero 1: 12). Ariko nkuko handitswe ngo Ivy’ijisho ritigeze kubona, n’ivy’ugutwi kutigeze kwumva, ibitigeze kwinjira mu mutima w’umuntu, vyose Imana yavyiteguriye abayikunda (1Abakorinto 2: 9). Ibi rero n’ivy’ukuri, kuvyizera bituma dukumbura ijuru cane, tukabona umwami Yesu ariko aramanuka ku bicu vy’ijuru akikijwe n’isinzi ry’abamarayika, nkukw’ amasezerano abivuga.

Ni mwumve inkuru nziza y’Umwami n’Umukiza wacu Yesu-Kristu, bene Data: Tunezerwe, duhimbarwe, duhe Iman’icubahiro, kuk’ubukwe bwa wa Mwagazi  w’Intama bushitse, umugeni wiwe ariteguye. Kandi yahawe kwambara impuzu zera nziza, zikayangana zitanduye, izo mpuzu nziza zera, nizo kugororoka kw’abera. Umumarayika arambwira ati: Andika uti Hahirwa abatorewe gutaha ubukwe bwa wa Mwagazi. Kand’arambarira ati: Ayo n’amajambo y’ukuri y’Imana (Ivyahishuwe 19: 7-9).

Umwagazi agiye gutaha ubukwe ni Yesu, umugeni n’ishengero ryiwe, yakoye amaraso, inzu y’ubukwe yubatswe iyo mw’ijuru aho twizera kuzobana nawe ibihe vyose.

Yohani Umubatizi aramudushikiriza ati: Nguyu umwagazi w’Imana akur’icaha c’abari mw’isi. Uyo niwe navuze nt’inyuma yanje hazoza umuntu yar’uwambere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho. (Yohana 1: 29-30). Yesu nawe ubwiwe yamye yiyerekana nk’umukwe: Yesu arababwira ati: Mbega mwoshobora mute gutegeka abatowe ngo bisonzeshe bakiri kumwe n’umukwe? Ariko har’imisi izoza; kand’umukwe ni yabakurwamwo bazoca bisonzesha muri iyo misi (Luka 5: 34-35).

Ishengero ry’Imana niryo mugeni: Iki gikorwa ndiko ndakora hamwe na Mpwemu w’Imana muri mwebwe, gisa n’ico Paulo yakoze mu bakristu bo mw’ishengero ry’i Korinto. Kandi hariho n’abandi  Imana yahamagaye kuyikorera muri iyi misi ya nyuma y’umwiza. Naho dukorer’Imana turi mu bihugu atari bimwe, ikiduhuza n’uko tuvuga rumwe mur’uwu murimo. Paulo rero, yashaka kubereka ko ata mashengero abiri Kristu azemera, mugabo ko ashaka kuzakira ishengero rimwe rifise ibitekerezo bimwe, kandi rifise ukwizera kumwe, rifise Umwami umwe. Yavuze ati: Mbafuhira ifuhe ryo kubw’Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, niwe Kristu, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye. Ariko ndatinya ko, nkuko ya nzoka yahendesheje Heva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka kugororoka no kwera mu vya Kristu. Kuko iyo hagize uwuza i wanyu akababarira uwundi Yesu tutababwiye, cank’iyo mwakiriye iyindi mpwemu idahuje n’iyo mwakiriye ubwa mbere, canke akazana ubundi butumwa budasa n’ubwo mwari mwaremeye, we muramwihanganira neza! Kuko nibwira ko izo ntumwa zihambaye ataco zindusha na gatoya. Naho nd’ikijuju (naho nd’umuswa) mu majambo, sindi ikijuju mu (sind’umuswa) vy’ ubwenge(2Abakorinto 11: 2-6)

Uwu mugeni avuzwe, Bibiliya irangije kutwereka ko atari umugeni uw’ariwe wese, ariko Kristu ashaka kwakira ishengero ritigeze rikundira ko Satani aribesha nk’uko Heva yemeye kubeshwa. Aha niho intambara yose ihagaze, kandi Kristu yiteguye kuduha ibigwanisho vyose kugirango dutsinde urugamba, tubone gutaha ubukwe. Abamarayika bose biteguriye kudutabara. Mu miburo iheruka ya Bibliya turasoma ngo:  Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirigira ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye,  bitondera amategeko y’Imana, kandi bafise ibishingira intahe Yesu (Ivyahishuwe 12: 17).

Iman’ishimwe kuko uwo mugore yavyaye benshi, hakavamwo abaguye n’abasigaye! Aba basigaye, nibo bagize ishengero ry’ukuri. Niwe mugeni avugwa hariya hejuru ngo:kand’umugeni wiwe ariteguye (Ivyahishuwe 19:7). Umugeni w’ukuri yiteguye kuzotaha ubwo bukwe akimbagirana n’umugabo wiwe, n’uwo nyene ijambo ry’Imana ritubwira ngo: bitondera amategeko y’Imana, kandi bafise ibishingira intahe Yesu (Ivyahishuwe 12: 17).

Wa musaza we, wa muvyeyi wavyaye ugaheka, wa musore nawe wa mukobwa we, Yesu arabona ukuntu wagwanye kugirango ntuhemuke mw’ibanga ry’ubukristu bwawe, arazi ukuntu wihanganye kuva kera! Kand’aravuga ati: Ndazi ah’uba kw’ariho umurwa wa Satani uri, kandi wumiye kw’izina ryanje…, Ariko mfise ivyo nkugayako bike, kukw’i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, basambane. Niko nawe ufise abakomeza inyigisho z’Abanikolayiti nk’uko nyene. N’uko rero ni wihane: n’utihana nzoza vuba kand’abo nzobagwanya, mbakubite inkota yo mu kanwa kanje (Ivyahishuwe 2: 13-16)

Abo bantu bariho ngaho muri twebwe, bigize abigisha ubundi butumwa bwiza, bagenda babeshera Yesu na Paulo n’izindi ntumwa, babeshera abahanuzi ngo umusaraba wa Yesu watubohoye ku mategeko y’Imana. Bigeze naho bavuga ngo bashobora no kuja mw’ijuru mw’ibanga, noneho ngo abantu bubashe Imana mu kwitondera amategeko yayo bakaba aribo bazosigara hanze. Abanikolayiti, inyigisho zabo kw’ar’ukuvuga ko imirimo yabo ifise ico yongera ku gakiza kabo. Bagashira imbere ibikorwa bakora, bagasubiza hasi ikimazi Yesu yatanze ku musaraba. Ni murabe uko bimeze ubu. Iyo amateraniro yitabwe n’abantu benshi, indirimbo zigasamirana, bose baravuga ngo amen, kandi bagataha bazi ko bari mu kuri. Ariko iyo itegeko ry’Imana ryamaze gukandagirwa, naho twokora amateraniro amara umusi wose, tukaririmba amazaburi 150 yose, tugatanga ibigiracumi n’amaturo, ntaco bivuze imbere y’Imana. Reka nibutse abatoranijwe ko kwica itegeko ry’Imana naho ryoba rimwe, canke naho woba wibaza ngo ni ritoyi, kuba ar’ugusubiza Kristu ku musaraba.

Aba bantu rero babibwiwe bakavyumva, bagahitamwo ivyo Imana itahisemwo, maze bakagwa bakabivamwo, ntibishoboka gusubira kubahindura basha ngo bihane, kuko bongera kwibambira umwana w’Imana bakamutetereza ahibonekeza (Abaheburayo 6: 6). Nawe rero ngo  abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira (Abaheburayo 5: 9). Ko mbona umenga ni vyiza kumwumvira kugirango wewe nanje atubere inyanduruko y’agakiza kadashira nkuko tumaze kubivuga?

Murasubiramwo mwihweze amategeko y’Imana dusabwe kwihanganira mu Kuvayo 20: 3-17, kugirango ejo ntimuze mugwe mu ruzi murwita ikiziba. Arya mategeko niyo yatumye Kristu ava mw’ijuru, abambwa ku musaraba, kuko abantu bayakandagira uko bishakiye. Niho tuvuga ko Yesu yapfuye kubera ibicumuro vyacu, kuko uwukor’icaha aba arenze itegeko (1Yohani 3:4). N’uyu musi, ishengero ryose riyakandagiye, canke ubwoko ubwaribwo bwose bw’abari mw’isi bwiyemeje kuyakandagira, ntakintu bwosubira kuzera mu bwami bw’ijuru. Niho na ya sabato yo mu mategeko cumi ibonekera ko kuyica ar’ukwigira ivyigomeke (canke abaopposants) ku bwami bw’Imana.

 Kuko uwuvuga ngo ndamuzi, ntiyitondere amategeko yiwe, n’umubeshi, nta kuri kuri muri we (1Yohani 2: 4). Ni mwirinde rero kwibesha amazu. Ivyo tuvuga vyose ngo tuzogera yo ni vyaba bidahuje n’vyo Mpwemu w’Imana yemera, bizocika ubusa kuri wa musi, kuko aha niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera amategeko y’Imana bakizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12)

Tuvugishe ukuri tutabeshana, ni yaba uwutitondera ariya mategeko cumi, yitwa umubeshi imbere y’Imana, biraboneka ko amashengero hafi ya 99,99 % yoba agizwe n’ababeshi. Nta mubeshi azogera mur’ubwo bukwe, naho nyene abapasitori babandanya kuter’ubutwari ababumva, iyo bigisha ivyo bintu. Dushobora no kuvuga ko uriya Yesu bigisha atariwe Yesu Paulo yigishije. Kuko Paulo yaritondera amategeko yose, akaruhuka n’isabato nka Yesu. (Soma 1Abakorinto 7: 19 n’Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13-15). Ndazi ko bidashimisha na gato abamaze kwiyemeza ko bazoruhuka umusi Yesu yazutseko, ariko ni twaba ari twebwe  »mugeni wa Yesu », ndabibutsa ko  »umugore w’ngare adakurwa kw’ijambo adashobora kwubaka urugo ». Wopfuma uba mu gihugu c’ubugaragwa hako ubana n’umugore w’ingare yitoraguza (Imigani 21: 19). N’uko rero burya Bibliya ivugira mu migani, n’ukuvuga ngo na Kristu yopfuma yibana wenyene mw’juru hako abana n’umugore w’ingare yitoraguza. Umugore wa Kristu n’ishengero ryiwe. Ritegerezwa kwemera ivyo Kristu yemera, rikirinda kudadika, ahandiho ntiryoshobora kubana nawe.

Bwirwa wumve mwana w’umuntu: N’uko uwuzorenga ibwirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abandi ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi (Matayo 5: 19). Ibi ntibivuze ko azoba ari mw’juru, kuko kuba mutoyi mu bwami niko kuba uw’inyuma.  N’uko rero ab’inyuma turaziko bazumva iri jambo ngo: Mv’iruhande mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima, wateguriwe Satani (wa Murwanizi) n’abamarayka biwe (Matayo 25: 41). Murabona ko uwo muriro nawo ko wateguwe n’Imana, si Satani yawuteguye. N’ukuvuga ko nawo uri mu vyo Imana iganza. Nta muntu azoja yo Imana tamurungitse yo. Mukunde cane kwubaha amategeko ya Data nka Yesu no kuyigisha abandi, kuko yavuze ati: Ariko uwuyitondera akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw’ijuru (Matayo 5: 19). Ni we mugeni w’ukuri wa Kristu. Uwishimira iyindi nzira itari iyo Kristu yaciyemwo, atari nayo nzira Kristu yadutoboreye, uwo azoruhira kubona ko yibeshe kuko ntazinjira mu nzu y’ubukwe.

Bibliya ntiyibesha, ishira hanze ababeshi bose, ikavuga yeruye ko batazogera mu nzu y’ubukwe: Ariko ibijora (abanyabwoba), n’abatizera, n’abakor’ibizira, n’abicanyi, n’abasambanyi, n’abarozi, n’abaseng’ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, nico rupfu rwa kabiri (Ivyahishuwe 21: 8). Inyuma hazoba imbwa, n’abarozi n’abasambanyi n’abicanyi n’abaseng’ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora (Ivyahishuwe 22: 15).

Sinipfuza ko wosigara uramoka inyuma y’urugo hamwe n’imbwa n’abarozi, ndagusengera nanje nisengera ngo tuze dutahane ubwo bukwe bwera.

ANDIKA IVYO WIPFUZA VYOSE KURI IKI CIGISHO HARIYA HEPFO HABIGENEWE.

Publié dans : Non classé | le 8 octobre, 2010 |Pas de Commentaires »

UMUGISHA WA GATATU UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

UMUGISHA WA GATATU UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

Ehe ndaza ng’igisuma. Hahirwa uba maso akazigama impuzu ziwe ngo ntagende amenya, bakabon’isoni z’ubgambure bwiwe (Ivyahishuwe 16: 15)

 UMUGISHA WA GATATU UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE 3729-001-BOSS-Selection-SS09-diapo-175640_L

Uwu mukobwa n’uwu musore ubaravye kw’ifoto urabonako bambaye neza kandi bikwije. Ariko hashobora kuza umuyaga ukomeye w’igihuhusi ukagurura uwo mushanana w’uwo mukobwa, nkumbure tugaca tubona ko yawushize hejuru y’irya kanzo ngo ntitubone ko ikanzo yiwe yatabutse kuri rurya ruhande. Canke ikanzo ikaba iriko imicafu yagomvye guhisha. Nico kimwe n’uwu musore. Ashobora kuba yazindutse yambaye neza gurtya, ariko hagera mu masaha sita hakaza intuguta (icokere), agakura uwu mwambaro mwiza, agatangura kugenda yambaye ikareso n’ agapira k’imbere yambariyeko. No kuri uriya mukobwa birashoboka ko yogera ahantu akumva ubushuhe bumubanye bwinshi agahindura. Uretse n’ubushuhe, muri iyi misi tugezemwo, abakobwa n’abagore bashobora kwambara twa twambaro bita mini jupes, canke utubutura, noneho akigendera mu muhanda, ata nico yibaza. Hari n’abagabo bambara amapantalo canke amakabutura yerekana neza ukw’Imana yabaremye. Bamwebitwaza ngo harashushe, abandi ngo har’imbeho, abandi ngo n’abandi bose baravyambara…

Umugisha duhabwa uyu musi uvuga ngo: Hahirwa uba maso akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amenya, bakabon’isoni z’ubwambure bwiwe (Ivyahishuwe 16: 15). Tutaraja kure, dusabwe kuba maso tukazigama impuzu zacu. Igihuhusi ,intuguta n’imbeho ntibize bibe urwitwazo, tumenye uko twambara mu bihe vyose Uhoraho aducishamwo. No mu buryo bw’impwemu, tumenye uko dukorer’Imana mu gihe icarico cose. Niko kuba maso no kuzigama impuzu zacu. Bitabaye ivyo zizodukorokana, canke tuziyambure, kuko n’abandi ariko babienza…  Murahava mumbgira muti, ivyo vy’imyambaro yacu ntaho bihuriye na biriya vyo mu Vyahishuwe; kuko harya bavuga imyambaro yo mu buryo bw’impwemu. Ariko se, burya war’uzi ko kwambara ntiwikwize ur’umuvyeyi, vyerekana urugero rw’ukwera kwawe? War’uziko abera b’Imana isumba vyose baterwa isoni no kugenda bambaye izitabakwiye? Kuko n’Imana ntinezerwa no kubona ubwambure bwacu.

Bibliya itwigisha ko Adamu n’umugore wiwe Heva bacumuye, bamaze gucumura, n’uko amaso yabo arihweza, bamenya yuko bagenda amenya. Badandikanya ibibabi vy’imisukoni bironkeramwo uducocerwa. Bumva ijwi ry’Uhorah’Imana agendagenda muri iryo tongo mu gihe c’akayaga ko ku mugoroba;uwo muntu n’umugore wiwe binyegeza mu biti vyo muri iryo tongo ng’Uhoraho Imana ntababone (Itanguriro 3: 7-8).  Birumvikana ko ni yaba Uhoraho yaje kubaraba nimugoroba, vya bibabi vy’ibivumuvumu (imisukoni), bari badandikiranije, bigomba kuba vyari vyamaze gukaba, vyanatabutse (vyacitse). Imana yacu ntikunda abantu bagenda gusa (bambaye ubusa). Ni murabe neza musanga igikorwa ca Mpwemu Yera cari camaze gutangura mu mitwe ya Adamu na Heva imbere y’uko Imana iza kubaramutsa, kuko bari bamaze kwumva ko bakeneye icotuma nibura bahisha ubwa mbure bwabo. Mu bintu vyari bihangayikishije Adamu, icambere n’uko yari ahenye, atabona ukuntu yosubira gutumbera mu maso y’Imana atambaye. Uhoraho Imana ahamagara uwo muntu aramubwira ati: Uri hehe? Aramubwira ati: Numvise ijwi ryawe mw’itongo ndatinya, kuko ndi gusa, ndinyegeza (Itanguriro 3: 9-10).

Dusigaye dufise abantu bihaye gucir’imanza  abantu b’Imana, bakavuga ngo kanaka na kanaka ntibazoja mw’ijuru kubera ko bakoze ibi na biriya? Ntaho murumva abantu bavuga ngo Adamu na Heva ntibashobora kuja mw’ijuru kuko batihanye? Biterwa n’uko abanyamdini batweretse ukundi kwihana kutajanye n’ivyanditswe. Kwihana s’ukuva hasi ngo uje imbere y’abantu wature ivyaha bagusengere. Kwihana kw’ukuri, n’kwimenya ko ugenda amenya imbere y’Imana n’abamarayaka, n’imbere y’abantu. Mur’aya majambo ya Adamu ngo: Numvise ijwi ryawe mw’itongo ndatinya, kuko ndi gusa, ndinyegeza, harimwo inyigisho ikomeye ku bahungu bacu no kubakobwa bacu, tutibagiwe n,abantu bakuru batamenya ko bakuze.

Kwubaha Uhoraho nikwo tanguriro ryo kumenya (Imigani 1: 7). Ntimugakore icaha kiruta ica Adamu ngo muje imbere y’Imana mutabanje kuraba ko mwambaye mwikwije. Kuko imyabaro yawe iragaragaza ubwiza bw’imirimo yawe, ikerekana ko wera canke ko wirabura mu mutima. Niwaba ushobora guca  mu muhanda, ukagera mu rusengero wambaye ibitagukwiye, agatima mpembero (umutimanama) ntikagire ico kakubwira (umutimanama ntugire icyo ukubgira), ugomba kuba ufite ingorane zisumba iza Adamu.

Raba uko Imana yasubije uwo mugabo: Ninde yakubariye ko wambaye ubusa? (Itanguriro 3: 11). Mur’aya majambo Imana yabaye nk’iyicira umugani Adamu, imwereka ko hategerezwa kuba hariho uwundi yamubwiye ko yambaye ubusa. Yamwereka ko n’ukumenya ko yambaye ubusa vyavuye ku rukundo rwayo. Kandi  Mpwemu w’Uhoraho yama atota umunyavyaha wese ngo areke kwigungana icaha ciwe, ni we yatumye Adamu atinya guhangar’Imana. Ni we yari yabanje kuvugira mu mutima wa Adamu, at’erega urahenye!!! Ni we yamukwegesheje imigozi y’urukundo, amuhagarika imbere yiwe amubaza uko vyagenze.

Ishengero rya kino gihe rifise ingorane zigiye kurengera iza Adamu. Kuko ribwigwa ngo: Kuko uvuga uti : Nd’umukire, ndatunze kandi ntaco nkenye, ntumenye ko ari wewe mutindi wafutanye, ur’umworo, ur’impumyi, ugend’amenya (Ivyahishuwe 3: 17). War’uziko Adamu yari gushobora kwigumira mu biti iyo yari yihishije, agakomeza kurementanya ivyo bibabi? Ariko ngo amaso yabo bompi arihweza bamenya ko bagenda amenya (Itanguriro 3: 7). Aya majambo aboneka mu gitabo gitangura Bibliya. Mugitabo giheruka ca Bibliya naho tugasoma ko umuntu, mu bihe vy’iherezo, atazoba akimenya n’uko agenda amenya, mu vy’impwemu canke ku mubiri, ah’ubwo akishimira ubutunzi. Adamu n’umugore wiwe barimenye, ariko biragoye ko ab’iki gihe bimenya. Isoni ntizikibaho.

Ntimwibaze ngo hariho ibindi bisobanuro, kuko benshi bamenyereye kuja mu masengesho no mu materaniro maremare, biyiriz’ubusa, ariko waraba ukuntu baza bambaye mur’ayo materaniro ugahita wibaza, niba baje kwinginga Imana ngo ibababarire, canke niba baje gusamaza bene Data canke guhenera Imana. Uwuza kugira imyambaro yera imukwiye mu vya Mpwemu agomba kugira n’imyambaro  imukwiye ku mubiri. Ntimuzi ko imibiri yanyu ar’insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebwe, uwo mwahawe ava ku Mana? Kandi si mwe mwiganza, kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero mushimishe Imana mu mibiri yanyu (1Abakorinto 6: 19-20). Simvuze imyambaro mishasha canke y’agaciro. Kuko n’uburengeti kera barabwambara bakikwiza.

Yakobo, imbere yuko ajana abiwe mu masengesho hamwe n’abari kumwe nawe bose yabategetse ati: Mwihumanure, mwambare izindi mpuzu, tuve hasi tuduge tuje i Beteli, nanje nubakirey’Imana igicaniro (uruhimbi), imwe yanyumvira ku musi w’ivyago vyanje, kandi yagendanye nanje mu nzira nagenzemwo (Itanguriro 35: 2-3). Birumvikana ko uwu mugabo yari yabonye ko ukuntu abantu biwe bambaye, ko batotumbera mu maso h’Imana. Weho se bite? Burya iyo ugiye gusenga urisuzuma, ukabaza uwo mujanye uti ubona nikwije? Mbega uribuka guhindura umwambaro kuko ugiye kuhura n’Umwami wawe? War’uziko hariho imyambaro dushobora no kwambara mu kazi gusa, ariko idakwiye kwambarwa mu nzu y’Imana? Hariho n’ibindi vyo kwigira ngo turi muri za sports, mu marushanwa, ugasanga umuntu bamwambitse ubusa imbere y’amahanga, barangiza bakamwita ngo n’umufasoni kanaka… Ab’isi baremerewe kwinjira muri birya bintu, ariko abantu baz’Imana yabo bakinjira mur’ivyo, bazobibazwa imbere y’intebe y’Imana. Kuko twese dukwiriye kuzagaragarizwa imbere y’intebe y’imanza ya Kristo, kugira ngo umuntu wese ahabwe ibikwiriye ibyo yakoze akiri mu mubiri, ari ibyiza cyangwa ibibi (2Abakrinto 5: 10). Bibliya kandi yerekana k hariho ababifise mw’inyungu, iyo batubona twambaye uko Imana idashaka, twitwaza ng turi mu misi mikuru, ngo ni wo muco wacu, ngo n’amajambere…  Amaso yabo yuzuye ubusambanyi ntahaga ibyaha, bashukashuka ab’imitima idakomeye bafite imitima yamenyerejwe kurarikira ibibi, ni abo kuvumwa. bashukashuka abari mu ihunga ryo guhunga abagenda bayobye, babashukashukisha irari ry’umubiri n’imigenzo y’isoni nke. Babasezeranya umudendezo nyamara ubwabo ari imbata z’ibiboze, kuko icyanesheje umuntu kiba kimuhinduye n’imbata yacyo. (2Petero 2: 14, 18, 19). Ibi ndiko ndabibwira abariko baripfuza gutaha mu rugo rwa Data, abiyemeje kuba ab’isi sibo ndiko ndabwira. Munyumve neza, kuko burya twerekeza amaso hamwe,ariko ntitubona ibintu bimwe!

Uhoraho yari yarihanije abagabo b’Abanyisirayeli, bo mu muryango w’Abalewi, ko badashobora kuduga (kuzamuka) ku ngazi (ku madaraja) mu kuja ku ruhimbi, kugira ngo ubwambure bwabo ntibugaragare. Ati: Kandi ntimuze mugire ico kuririrako ngo muje ku gicaniro canje, kugirango ubwambure bwanyu bwoye kugaragara (Kuvayo 20: 26). Ibi birerekana neza ko kwambara ipantalo ikuboha igaragaza uko waremwe kwose n’ivyo wambariyeko vyose, cyangwa kwambara za minijupes,  canke turiya dukabutura abantu baba mu bihugu vy’abazungu biharaje mu bihe byo muci, no mur’Afrika bija biboneka, ntivyemewe na gato ko wabirengukana imbere y’Uhoraho, icibagiwe co n’ukuzamuka ku ruhimbi rwiwe. Abayoboye abandi mu matorero bakwiye kwitondera ibi bintu, kandi ubwoko bw’Imana bwose bukwiye kwisuzuma, ar’abagabo ar’abagore, ar’abasore canke abakobwa.

Kandi n’abagore nyene ndashaka ko bambara imyambaro biberanye, bagendane isoni badahugumba, kandi badashazisha gutsiba imishatsi, cank’izahabu canke imaragarita, cank’impuzu z’igiciro kinini, ariko bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nkuko bikwiye abagore bavuga ko bubaha Imana (1Timoteo 2: 9-10). N’abagabo nyene , ntihaze hagire ico bazokenyera kibatera kubira ivyuya (Ezekiyeli 44: 18). Muri iyi myaka turimwo twovuga ko abagabo bakwiye kwambara impuzu zibasaga zitababoha.

Niko, tugomba gukomeza ibikorwa vyiza igihe cose, kuko izo mpuzu zera ni zo bikorwa vyo kugororoka kw’abera (Ivyahishuwe 19: 8). Egome, tugomba gukomeza ibikorwa vyiza ariko kwambara neza mu buryo bwo muri Mpwemu, ariko tugomba no kwambara neza ku mibiri. Ukuntu abantu b’iki gihe basigaye bambara nabi ntibimenye, umuvyeyi akaba atakimenya kwiyubahiriza imbere y’ibibondo yahetse, vyerekana wa muvumo Uhoraho yari yaravuze ati : Ubwambure bwawe buzotwikururwa, mbere ibitey’isoni vyawe bizoboneka (Yesaya 47: 3). Ikibabaje muri ivyo, n’akakajambo ngo: Ntumenye ko ari wewe mutindi, ugend’amenya. Icompa uyu musi wewe na jewe tukimenya, ibikorwa vyacu mu Mwami Yesu bikatubera umwambaro, kandi imibiri yacu tukayisonera kuko ar’inzu za Mpwemu Yera. Kandi  twirinde n’ukuntu twitwara muri iyi si, kuko Imana yatwerekanye nk’abari hasi inyuma ya bose… kuko  twacitse akabarore mw’isi, mu bamarayika, no mu bantu (1Abakorinto 4: 9)

Nuko rero twirinde ku mibiri no ku mutima, kuko ibi bihe turimwo n’ivya nyuma, iyi mivumo ntidushikeko, ah’ubwo dukomeze imyambaro yacu mu Mpwemu no ku mubiri, kuko uwu mugisha twemerewe uvuga uti: Ehe ndaza nk’igisuma. Hahirwa uba maso akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amenya, bakabona isoni z’ubwambure bwiwe (Ivyahishuwe 16: 15).

Muri iki gihe abana b’Imana basigaye nabo bashaka guta impuzu, niho nyene Yesu avuga ati: Ehe ndaje nk’igisuma! Kuba abatuye mw’isi batacambara ngo bikwize kandi bamaze kumenya ijambo ry’Imana, naco n’ikimenyetso cerekana ko Yesu ageze kw’irembo.

Imana ibambike neza, ku mitima no ku mubiri, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans : Non classé | le 3 octobre, 2010 |Pas de Commentaires »

UMUGISHA WA KABIRI WANDITSWE MU GITABO C’IVYAHISAHUWE(II)

UMUGISHA WA KABIRI UBONEKA MU GITABO ‘IVYAHISAHUWE(II)

Numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: Andika ut’uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: Egome, ngo baruhuke ubutame bwabo, kukw’ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye.

Mu cigisho giheruka nibanze cane ku vyerekeye abishinga inyigisho z’idini zituma bitiranya kuba abayoboke b’idini no kuba abakristu. Bibliya iratwereka vyinshi bihuma amaso y’abantu, bakibaza ngo kubipfira mwo kuba ar’ugupfira mu kuri. Tuzitonda tubirabire hamwe, imbere y’uko tuja kwiga ivy’umugisha wa gatatu.

UMUGISHA WA KABIRI WANDITSWE MU GITABO C'IVYAHISAHUWE(II) CosbyShowpicture-419ce

Uyu musi tuza kuraba ivy’abantu bibohera cane ku ngo zabo n’imiryango bavukamwo, bakareka gukora n’igikorwa c’Imana kuber’ivyo. Uhereye none hahiriwe abapfa bafira mu Mwami. Ntihanditswe ngo hahirwa abapfa bapfira mu ngo zabo canke mu miryango yabo, handitswe ngo abapfa bapfira mu Mwami. Ariko muranyumva neza, nta kibi kirimwo co kwitanga kugirango abo mu nzu yawe bamererwe neza, kugirango umugore wawe amererwe neza, kugira ngo abana bawe bamererwe neza, kugira ngo so na nyoko bamererwe neza canke abandi bo mu muryango. Burundi1355Ariko umuntu n’atatunga abo

mu nzu y’i wabo, cane-cane abiwe, azoba yihakanye kwizera, kandi azoba abaye hanyuma y’uwutizera (1Timoteyo 5: 8). Ico tugomba kwirinda, n’uguhera mur’ivyo gusa, tukabura umwanya wo kuja gukorer’Imana. Ibi biraraba abakristu bose, cane cane abayobozi b’amashengero. Nimwumve inkuru nziza y’Umwami wacu Yesu-Kristu: Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina n’umugore wiwe, n’abana biwe na bene nyina, na bashiki biwe,mbere n’amagara yiwe nayo,ntashobora kumber’umwigishwa (Luka 14: 26).

Mu kuvuga ngo ntiyanke  se, na nyina…, Yesu ntashaka kuvuga urwanko nkuko dusanzwe turubona mu miryango.Code_GB040510300

N’ukuvuga ko tugomba kwumvira ijwi ry’Imana imbere yo kwumvira ijwi ry’abo mu rugo rwacu canke mu muryango wacu: Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu (Ivyakozwe n’Intumwa 5: 29)

Muri ibi bihe vya nyuma mu mashengero atar’amwe hakunze kuboneka ikibazo c’abantu batorwa n’ishengero ngo bayobore ubwoko bw’Imana, bamwe bakabasengera bakabarambika ko n’ibiganza; ariko ikibabaje n’uko kenshi usanga benshi muri bo bashobora kumara umwaka muzima ata kintu arakora kugira ngo yereke Imana n’abamutoye ko ari mu kibanza kimukwiriye vy’ukuri. Wamubwira uti Nagira ngo uze kumperekeza ngo tuje kuramutsa kanaka yifuza kwiga Ijambo ry’Imana, canke kuraba umuntu arwaye, canke kuja gukora igikorwa icarico cose co gutez’imbere ubwami bw’Imana, akakubwira ngo nta mwanya, ngo har’ibintu vyo mu rugo bimufatiriye.  Azokubwira ko har’umuhungu wiwe aza kuza avuye i Bujumbura, i Ngozi, i Gitega, akubwireko azoba ari mu vyo kuva ku rupfu rwa Sebukwe canke rwa Nabukwe, n’ibindi n,ibindi…  War’uziko umuhanuzi Ezekiyeli yahoza agatima ku mugore wiwe gusa, noneho Imana ikamumwaka giturumbuka? Umve Ezekiyeli atuyagire: Maze ijambo ry’Uhoraho rinzako riti: Mwana w’umuntu, ngira nkwak’ico wamizakw’amaso, bije giturumbuka, ntuz’uboroge canke ng’urire, kand’amosozi yawe ntacundugute. N’uko mu gitondo mbibarira abantu, maze ku mugoroba umugore wanje arapfa, bukeye ngenza nkuko nabariwe (Ezekiyeli 24:  15-16, 18). Muje mwitonda, gukorer’Imana s’ugukina!

Burya umupasitori mwiza, umukuru w’ishengero mwiza, umudiyakoni mwiza, n’uwumenya kwivanga n’abantu batobato akabumviriza nabo bakamwumviriza. Simvuze ko ivyo bigisha ku ruhimbi vyose bidafise akamaro, ariko vyogira akamaro kurutaho iyo baba bicara hamwe n’abantu mu mazu yabo bakabaganiriza,Dr. Jamie Johns teaching to a class in Africa

 bakagendana nabo mu buzima busanzwe. Ndatinya ko benshi boba bonona amapiles ya za micros, mu kuvuga cane, imbere y’abantu batazinanyi, babona gusa rimwe mu ndwi ku ruhimbi. Bisaba rero ngo ufate igihe co kuva i ruhande y’umugore n’abana, ukamara akanya uri kumwe n’Imana mu masengesho, ukareng’irembo ukaja kuraba ico ukora mu ruzabibu rw’Imana. Iyo bigenze gurto, n’aho wovuga make, umenya ko wariko urabwira abagenzi bawe bakuzi nawe ukabamenya. Bituman’ivyo wigisha bifata mu mitima yabo bakaja kubikwirakwiza mu bandi banezerewe,kuko bitaba vyavuye kuri pasitori wabo, ku mukuru w’ishengero wabo, canke ku muvugabutumwa runaka, ariko biba vyavuzwe n’umugenzi wabo.2010348689

Nshaka kuvuga ko umupasitori mwiza, yivanga n’abakristu biwe, akabagendera, akabaganiriza, akamenya n’ibibazo biri mu ngo zabo, ingorane z’abana, ndetse mbere akamenya n’ikibatunze. Ni bamere nka Yesu yavuze ati: Ndazi intama zanje, nazo zikamenya (Yohani 10: 14). Kuko mu mpanuro aha ishengero ryiwe, ategerezwa kuvuga ibijanye n’ingorane z’ubusho yashinzwe, atar’ukuvuga ivyo yize mu bitabo vyo muri Collège na Université. N’abakuru b’ishengero hamwe n’abadiyakoni, n’uko. 

photo%20visite%20a%20hopital%201

Mufate umwanya wo kugendera abantu no kubaganiriza, muje kuraba abarwaye, mumenye igituma senaka na kanaka bamaze imisi bataza mu rusengero. Muganire n’umuntu uwariwe wese, mumubwire ko hariho Umukiza Yesu amukunda. Niho muzomenya n’igituma uwu n’uriya batinya kuza mw’ishengero ryanyu, mubahumurize, mu bugwaneza no mu rukundo.

 SuperStock_2050-424123

Kukw’abakoze neza ico gikorwa c’ibango ryabo, bironkera igishingo ciza c’ubushizi bw’amanga bwinshi mu kwizera Kristu Yesu (1Timoteyo 3: 13). Ariko hariho umuvumo utegereje abantu banjanjwa ku gikorwa c’Imana bashinzwe, kuko handitswe ngo: Aravumwe uwanjajwa ku gikorwa c’Uhoraho(Yeremiya 48: 10).

femmes-africaines-violontees-photo-non-datee

 Ku bakristu atar’abayobozi, nabo nyene barafise umugabane munini bategerezwa gukora mu murima w’Imana. Benshi muri bo barafise ingabirano z’Imana zo gushikirana n’abantu, ariko usanga bazikoresha mu kunegura abandi, mu guteranya abonse rimwe, mu kuja kubesha no kurya amadeni batazoriha n’ibindi. Ni twisubireko, urya mwanya duhora duta mu bintu bisanzwe, tuwukoreshe mu gukorer’Imana. Nibaza ko umugore agukunda atokubuza kuja gukorer’Imana.african_dating Nihaba hariho abagore bashavuzwa n’uko abagabo babo bagiye gukorer’Imana n’ukutamenya, abo bababakwiye gusengerwa. N’abagabo bakwiye kureka abagore babo bakagira igihe co gokora mu murima w’Imana kuko nabo barakenewe.  N’abana banyu nyene ntimukababuze, mugihe Uhoraho ariko arabahamagara ngo bamukorere. Ndababwire ukuri, nta waretse inzu, canke bene nyina, canke se, cank’abana, cank’itongo, ku bwanje no kubw’ubutumwa bwiza atazobishumbushwa ijana muri iki gihe ca none, amazu nabene nyina na bashiki biwe, na ba nyina n’abana n’itongo, bisukiranijwe no guhamwa,Jesus_teaching kandi mu gihe kizoza azohabwa ubugingo budashira (Mariko 10: 29-30)

Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Muve hasi

Publié dans : Non classé | le 3 octobre, 2010 |Pas de Commentaires »

UMUGISHA WA KABIRI UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

UMUGISHA WA KABIRI UBONEKA MU GITABO IVYAHISHUWE

Numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti Andika, uti uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: Ego me, ngo baruhuke ubutame bwabo, kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye (Ivyahishuwe 14: 13)

UMUGISHA WA KABIRI UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE dyn006_original_384_266_jpeg__e6fdfd7c4f3ce9ee8e9ef4d387a68b74

Iri jwi Yohani yumvise rivuye mw’ijuru s’iry’amahoro ku bantu batsimbaraye ku butunzi bwabo, no ku bantu bamogoreye gukor’ivyaha. Ariko nanone riteye ubwoba ku bantu babaye muri Kristu hanyuma bakamuheba kubera amaraha, ubukene, inzara, ingorane zo mu rugo, akazi, n’ibindi… Kuko abamaze kwakirwa n’umuco, bagatamira ingabire iva mw’ijuru, bagasangira Mpwemu Yera, bagatamira ijambo ryiza ry’Imana n’ububasha bwo mu gihe kizoza, maze bakagwa, bakabivamwo, ntibishoboka gusubira kubahindura basha ngo bihane: kuko bongera kwibambira umwana w’Imana, bakamutetereza ahibonekeza (Abaheburayo 6: 4-6). Namba kumenya neza Yesu-Kristu Umwami wacu n’Umukiza kwarabateye kudohoka, bakava mu vy’isi bihumanya, maze bagasubira kuvyizingiramwo, bikabanesha, ivyo hanyuma vyabo birusha ivyo hambere kuba bibi. Icobaye ciza kuri bo, iy’aba batigeze kumeny’inzira yo kugororoka, hako basubira inyuma bamaze kuyimenya, bagata icagezwe cera bahawe. Ivyabashitseko n’ivy’uyu mugani w’ukuri ngo: Imbwa isubiye ku vy’idashwe (2Petero 2: 20-22). Iri jwi rivuga riturutse mw’ijuru rero, niryo ryinginga umunyavyaha wese ngo yihane, ryinginga n’abagororotsi ngo bakomeze mu kugororoka kwabo, kuko hahirwa abapfa bapfira mu mwami.

Naho nyene numvise ko bamwe bibababaza iyo ntashize hejuru idini ryabo, ntihahirwa abapfa bapfira mw’idini, ah’ubwo hahirwa abapfa bapfira mu mwami. Mwa ndyarya mwe, kuko mukwiragira mu kiyaga no ku misozi, ngo muhindure n’umwe abe uw’idini ryanyu, iy’ahindutse bituma abarusha kabiri kuba umwana wa Gehinomu (Matayo 23: 15). Kuko bamwe bitiranya kuba abayoboke b’idini no kuba abakristu. Hari n’inyigisho nyinshi ziri mur’ayo madini, iyo uzisesanguye neza ukoresheje umuco wo mw’ijambo ry’Imana, usanga ata kigenda. Kandi ivyo ntibitangaje kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco (2Abakorinto 11: 14)  Ariko iyo wiyumviriye gusohoka mur’iryo dini, usanga waraboshwe imbere n’inyuma, kuko warivukiyemwo, kuko ufise ibikorwa bikomeye muri ryo, kuko wubahwa n’abo musangiye urusengero, kuko ryaguhaye akazi, kuko utinya ko abandi bogutwenga, n’ibindi… Ariko rero, ijwi ry’umwungere mwiza riravuga ngo: Bantu banje, sohoka muv’iwe, kugirango mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabwa ku vyago vyiwe (Ivyahishuwe 18: 4). 

Idini s’iryo shengero! Kuko amadini ni menshi, ariko ishengero rizwi mw’ijuru ni rimwe gusa. Idini itunganye itagira agasembwa imbere y’Imana Data wa twese, n’ukuraba impfuvyi n’abapfakazi, mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n,ivy’isi (Yakobo 1: 27). Muvy’isi tugomba kwirinda, n’amadini arimwo.  N’ivy’ukuri Imana irafise idini ryayo yipfuza ko ryosagarara mw’isi kuko ariryo rishigikiye inyigisho z’ishengero ryayo. N’uko rero idini Imana yemera tugomba gupfiramwo ni rimwe rero n’ishengero tugomba gupfiramwo ni rimwe. Bitewe n’uko iryo dini ry’Imana ryuzuzanya n’ishengero, rikuzuzanya na Kristu, kuripfiramwo niko gupfira muri Kristu. Riri hehe? N’irihe? N’iri rivugwa ngo: Aha niho ukwizera kw’abera guserukira, bitondera amategeko y’Imana n’ukwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Iri dini rifise icicaro mu mutima w’umuntu, si ngombwa ngo urinde kuba wanditswe mu gitabo c’ishengero. Ntiwibeshe ngo uri mu nzira y’ukuri, ni waba utitondera amategeko yayo, kuko ukwihangana kw’abera (aberanda), aho guserukira n’aha, nkuko Yesu avyivugiye: bitondera amategeko y’Imana, bakizera nka Yesu nyene. Ushaka uyahunge, ugende uzunguruke amadini yose ngo uhunge abigisha amategeko ariko amaherezo urubanza ruzocibwa hakurikije ubutungane (Zaburi 94: 15) niyo mategeko. Kuko twese tutazobura kugaragarira imbere y’intebe y’amateka ya Kristu, kugirango umuntu wese ahabwe ibikwiranye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ar’iciza canke ar’ikibi (2Abakorinto 5: 10)

Ndakwibutsa ko barya bagereranya amategeko yo mu gitabo ca Mose n’amategeko cumi y’Imana, ko bibesha. Kuko mu mategeko ya Mose, amenshi yerekeye imihango n’uburyo bwo kubaho kwa kiyahudi. Ntaho bitandukaniye na birya vy’iwacu, bivuga ngo kirazira ko umwana ahagarara hejuru y’umuntu mukuru. Ngo nta mugore yurira inzu. Ngo kwicara ku ngata kuba  ar’ugusema so. Benshi bumva ko agatima mpembero kabo kabacira urubanza iyo barenze amategeko nkayo yerekeranye n’umuco wabo. Ndetse mbere abonye abandi bantu batameze nkawe akabacir’urubanza. Ariko war’uziko mu yandi mahanga, abana  bashobora guhagarara hejuru ya base, mbere umwana akagutambuka wicaye, ariko ntihagire ico yibaza na kimwe? Umugore agahamagara umugabo mw’izina, n’ibindi vyinshi twebwe dutinya mu mico yacu. Na Mose yar’afise mwen’ayo mategeko yo gutunganya igihugu. Ariko amategeko cumi ntahinduka mu moko yose no mu bihugu vyose.

Na none amategeko ya Mose ari mu gitabo canditswe na Mose nyene, ariko ay’Imana ari ku bisate bibiri vy’amabuye, yanditswe n’Imana nyene. Handitswe ngo: Mose yandika ivyo vyagezwe abishikiriza abaherezi. Abarira Abalewi aribo bareruzi b’isandugu y’isezerano ry’Uhoraho ati: Nimujane iki gitabo c’ivyagezwe, mugishire i ruhande y’isandugu ry’isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu, kigumeho kugirango kibe icabona co kubagiriza (Gusubira mu Vyagezwe 31: 25-26). Murumva ko ico gitabo canditswe na Mose cagendera i ruhande y’isandugu ry’isezerano. Ariko amategeko cumi yanditswe n’Imana yo yagendera imbere mw’isandugu, kuko handitswe ngo: Abamenyesha isezerano ryiwe,  ababarira ngo murishitse, nivyo vya vyagezwe cumi, avyandika ku bisate vy’amabuye bibiri (Gusubira mu Vyagezwe 4: 13) Kandi uze ushire muri iyo sandugu ibishingantahe nzoguha (Kuva 25: 16). Ivyagezwe cumi vyanditswe n’Imana kandi vyagendera imbere mw’Isandugu y’isezerano. Ninavyo Uhoraho yavuze ko azokwandika mu mitma y’abantu biwe muri ibi bihe vyo mw’isezerano rishasha. Coba ar’ikinyoma rero, kuvuga ko amashengero atigisha amategeko y’Imana ari mu kuri. Uwuvuga ngo ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, n’umubeshi ukuri ntikuri muriwe (1Yohani 2: 4). Si je mbivuze, bivuzwe n’ijambo ry’Imana. Kuko ni yaba Imana yashize amategeko yayo mu mitima yacu, vyerekana rero ko akiriho. Uwutayafise mu mutima, ntaco apfana n’Imana, n’umunyedini gusa. Kuko handitswe ngo: Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo no ku mitima yabo kandi iho nzovyandika, nanje nzobaber’Imana nabo bazoba abantu banje (Abaheburayo 8: 10).

Murazi ko iyo ntambara y’amategeko ihora ivyuka iyo hari uwuhirahiriye akavuga ko itegeko ry’isabato ryanditswe muri Bibiliya ritigeze rihinduka. Niho benshi baca batangura kwibaza ibibazo vyinshi. Ariko Uhoraho yaravuze ngo: Sinzova mw’isezerano ryanje, sinzohindura ijambo ryavuye mu kanwa kanje (Zaburi 89: 35). Ubwo urumva uwibaza ko vyahindutse nawe afise ukundi azobisobanura, kuko twebwe ubutumwa bwiza twahawe n’uko bwanditswe. Ntitwobuhindura kuko Yesu-Kristu uko yar’ari ejo n’ubu niko akiri, niko azokwama ibihe bitazoshira (Abaheburayo 13: 8). Hitamwo inyigisho za Bibiliya canke inyigisho z’idini.

Abatari bake baratangajwe nuko navuze ko mu vyagezwe vyanditswe mu mitima yacu, ata cagezwe co guhimbaza dimanche kirimwo. Yego ndabisubiyemwo, ntakirimwo, ivyagezwe vy’Uhoraho ni birya biri mu Kuvayo 20: 3-17. Muragaba, ejo ntimuze mupfire mu nyigisho z’idini mugirango n’iz’Imana!

Igihe kimwe nariko ndigisha abantu bari bateranye bumviriza ijambo ry’Imana ari benshi, noneho nza kuvuga ivyo kusohoka muri Babuloni nkuko nabivuze ngaho hejuru ngo: Bantu banje ni muve iwe… Noneho, umuvyeyi umwe ashira akamo hejuru ngo: GUSOHOKA TUKAVAYO NTIBIGOYE, ARIKO TUZOSOHOKA TWEREKEZA HEHE? Nkumbure nawe coba arico kibazo ufise. Iyo wizeye neza Yesu n’ijambo ryiwe, arakwereka ishengero ryiwe riri hano mw’isi ryitondera amategeko y’Imana yose, kandi rifise ukwizera nkawe. Uko kwizera niko Abahanuzi n’Intumwa bapfiriyemwo. Ng’iryo ishengero nkwipfuriza. Sinshaka kuvuga amazina y’amashengero muri iki cigisho, kuko sinshaka kwamamaza idini iry’ariryo ryose, mugabo nipfuza kwamamaza Yesu. Ni wagira ikibazo kuri ibi bintu, uracandika hariya hepfo, tuzogisubiza. Ni mwagomba kubaza mubaze, muhindukire muze (Yesaya 21: 12)

Kandi Mpwemu aravuga ati: Egome, ni baruhuke mu mahoro, kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye. Mbeg’ukuntu vyoba ari vyiza usezeye iyi si, noneho Mpwemu akavuga ati: Niwiruhukire amahoro kuko ivyo wakoze biraguherekeje! Ngufitiye ikibazo: Nk’ubu bigushikiye, nimugoroba, canke ejo n’ejo bundi ukaba utakiri mur’uwu mubiri, har’aho wumva ko ibikorwa umazemwo imisi, canke ivyo wazindukiyemwo n’ivyo wiriwemwo, nk’ubu bigukurikiranye imbere ya Mpwemu, wumva vyoguhesha kuruhuka amahoro? Canke woba uwo kurimbuka hamwe n’abarimbuka? Kandi dukorana nayo (Imana), turabiginga ntimuherwe ubuntu bw’Imana gupf’ubusa (2Abakorinto 6: 1)

Iki cigisho nkiguhaye kuko numva mpatwa n’urukundo rw’Imana, kumbura wisubireko. Kuko Imana yakunze cane abari mw’isi, vyayitumye itanga umwana wayo w’ikinege, kugirango uwumwizera wese ntapfe rubi, ahubwo ngo ahabwe ubugingo buhoraho (Yohani 3:: 16). Wumvise neza mur’uwu murongo ko uwutaronse ubugingo bubonerwa muri Yesu, aba agiye gupfa rubi? Mwene Data muvandimwe, hita mwo!

Ndagusengera nanje nisengera ngo wewe nanje Imana iduhe uwu mugisha.

ANDIKA IVYO WIYUMVIRA VYOSE KURI IKI CIGISHO, HARIYA HEPHO HABIGENEWE.

Publié dans : Non classé | le 1 octobre, 2010 |Pas de Commentaires »
123

Notre mariage - Il nostro m... |
CANTERBURY T@LES |
WALKING WITH GOD'S MUSICIAN... |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | MOUSTARCHIDINE
| Blog du niveau intermédiaire
| Gregmontres