UMUGISHA WA MBERE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

 UMUGISHA WA MBERE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

 Hahirwa uwusoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo! Kukw’igihe kiri hafi (Ivyahishuwe 1:3) UMUGISHA WA MBERE UBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE bible-main-index Uwu mugisha niwo wambere rero uboneka mu gitabo c’Ivyahishuwe. Mu buryo Yohana yawa

nditse yohejwe na Mpwemu Yera, umenga yarabona ibiriko biraba mu ,mashengero gushika no mu mashengero yo muri iki gihe. Ni murabe neza: Uyu mugisha ntuvuga ngo: Hahirwa abasoma, uvugango: Hahirwa uwusoma. Kuko uwu mugisha uteguza abantu basoma ijambo ry’Imana muri ibi bihe, ngo barisome kandi bateko barizigame. Gereranya aya majambo ya Yesu n’imigenzo y’abantu bitwaza Bibiliya muri iyi misi: Mwebge murasesa  mu Vyanditswe, kuko mugirango muri vyo niho mufise ubugingo budashira, kandi ari vyo binshingira intahe, ariko mukanka kuzakuri jewe ngo muronke ubugingo (Yohani 5: 39). Ikibazo: Burya abasoma Bibiliya bose barayoboka Yesu ngo baronke ubugingo? Weho se bimeze bite? 

Muri uwu mugisha wa mbere, biraboneka ko uwusoma atagomba kwisomera gusa, ariko akwiye kugira uko ashoboye kwose akabwira abandi ivyo yasomye, bakavyumva.  Kuko hahirwa uwusoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa. Mur’umuco w’isi. Igisagara cubatswe ku mpinga y’umusozi ntigishobora guhishwa. Nta bodomeka itara ngo barubikeko igisimbo, ariko barishira ku gitereko caryo ngo riboneshereze abari mu nzu bose. Abe ariko umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw’ijuru (Matayo 5: 14-16). Bashobora kuba batazi gusoma, canke badafise uburyo bwo kuvyisomera; ariko bavyumvirije, bashobora gusangira umugisha n’uwabisomye. Erega handitswe ngo:  Kandi n’abazimira mu mitima bazoc’ubwenge, n’abidodomba bazemera kwigishwa (Yesaya 29: 24). Abantu bazi gusoma, bakaba bagira isoni zo gusomera ibi bintu abandi, bazobona ibara. Umutumwa bwiza twahawe buvuga ngo: Semerera cane ntiwigarure, rangurura ijwi ryawe nk’inzamba, ubarire abantu banje ibicumuro vyabo (Yesaya 58: 1). Abantu baronse umwanya wo kuvyumva, ariko bakazibira amatwi, canke bagaca mu zindi nzira kugirango ibi bintu ntibibashike mu gutwi kwabo, nabo bazobon’ibara. Ivyanditswe Vyera biravuga ngo: Banka uwuhanurira mw’ishikiro ry’igisagara, bakazinukwa uwuvuga ivy’ukuri (Amosi 5: 10).  N’uko rero, uze uheze ubabarire,uti uku niko Umwami Uhoraho agize: ng’Uwugomba kumva ni yumve,utabigomba n’areke (Ezekiyeli 3: 27).

 Uwu mugisha ugenewe guteguza umuntu wese ngo akunde gusoma no kwumviriza, kugirango  ni vyashika agapfa umusi wo kugaruka kwa Yesu utaraza, nawe abashe gusinzirana uwu mugisha wa kabiri uvugango: Uhereye ubu, hahirwa abapfa bapfira mu Mwami (Ivyahishuwe 14: 13). N’uko rero nawe ni wige Ivyanditswe Vyera uvyitondere, urabe ukuntu Imana izoca igendanawe ubwonyene, ikubere umugenzi. Ariko ni vyaguter’ubute, nawe uzocika ikijuju, ugende izimagirika, no mu mvugo yawe uze urogotwa ku Mana no ku Nzira yayo y’ubugingo bubonerwa muri Yesu-Kristu. Ibi mbikwandikiye kuko nipfuza ko wogendera mu muco. Kuko hariho uwudashobora kwibesha mu vyo avuga, niwe yavuze ati: MWARAZIMIYE KUKO MUTAMENYE IVYANDITSWE N’UBUSHOBOZI BW’IMANA (Matayo 22: 29).

Ingo rero twisubireko tuvyige, kandi tuvyigishe, bose babimenye, kuko igihe kiri hafi! (Ivyahishuwe 1: 3)

USHOBORA KWANDIKA IVYO WIBAZA VYOSE KURI IKI CIGISHO HARIYAHEPFO HABIGENEWE.

Publié dans : Non classé | le 1 octobre, 2010 |Pas de Commentaires »

ASSEMBLÉE DES LECTEURS DE LA BIBLE (ALB)/ ITERANIRO RY’ABASOMA BIBLIYA (ABASOMYI)

Turamenyesha abakunda kwiga ijambo ry’Imana

ko dufise amateraniro abera ku murwa mukuru w’igihugu

ASSEMBLÉE DES LECTEURS DE LA BIBLE (ALB)/ ITERANIRO RY'ABASOMA BIBLIYA (ABASOMYI) bibiliya-yera-4c

ASSEMBLÉE DES LECTEURS DE LA BIBLE / A.L.B-ABASOMYI

Duteranira muri Commune Cibitoke

École primaire Dorsal

Classe de 5ème année

70, 1ère avenue,

 

Kugira ngo mumenye amasaha yo guterana

n’ibindi vyerekeye ayo materaniro,

hamagara umwe mur’aba bantu:

N. Gaspard: 79-23-80-62

N. Phocas: 79-32-10-90

N. Louis-Marie: 79-23-32-83

Icitonderwa: Abantu bararitswe mur’aya materaniro, n’abatari mu mashengero asanzwe aruhuka isabato. Abasanzwe baja mu nsengero zabo kw’isabato, vyoba vyiza mugiye mu materaniro yanyu nkuko bisanzwe.

Ni muhimbazanye nanje Uhoraho, dushire hejuru izina ryiwe (Zaburi 34: 3)

Publié dans : Non classé | le 28 septembre, 2010 |Pas de Commentaires »

HANDITSWE NGO:

NI MWIHANE KUKO                       

 HANDITSWE NGO:

UBWAMI BW’IJURU BURI HAFI (Matayo 4: 17)

Publié dans : Non classé | le 24 septembre, 2010 |1 Commentaire »
123

Notre mariage - Il nostro m... |
CANTERBURY T@LES |
WALKING WITH GOD'S MUSICIAN... |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | MOUSTARCHIDINE
| Blog du niveau intermédiaire
| Gregmontres